IKIBIRIRAHO, Amerika na Iran vyarasanye inyuma y'ikororwa rya kajugujugu y'irondo ya Amerika hejuru ya Hormuz

Perezida Donald Trump yari yabanje kwagiriza Iran ko yarashe igakorora kajugujugu ya Amerika hejuru y’umuhora wa Hormuz, kandi ahiga ko Amerika izokwihora.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. ICC yahagaritse umushikirizamanza mukuru wayo kubera amatohoza ku nyifato itabereye

    Umushikirizamanza mukuru wa ICC, Karim Khan, ariko aravuga mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yicaye imbere y’icapa c’ubururu canditseko ibintu bitaboneka neza hamwe n’ikimenyetso c’iyo sentare

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Karim Khan amaze guhakana incuro zitari nke ivyo yagirizwa (ifoto yo mu bubiko)

    Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC), Karim Khan, yabaye arahagarikwa mu mabanga yiwe mu gihe hariko haraba amatohoza ku birego vy’inyifato itabereye.

    Iyo ngingo yafashwe n’umurwi uri mu rwego rw’iyo sentare rujejwe kugenzura ibikorwa n’inyifato. Uwo murwi waranatanze icegeranyo ku bihugu 125 bigize iyo sentare.

    Ivyo bihugu bizotora kuri kazoza ka Khan, mu nama idasanzwe izotumwako "vuba hashoboka".

    Urwego rujejwe kugenzura ibikorwa vya sentare rwashimangiye ko kuba rwaramuhagaritse mu mabanga ata co bivuze ku ngingo ya nyuma ishobora gufatwa kuri iyo dosiye.

    Ku ncuro zitari nke, Khan yagiye ahakana ivyo yagirizwa vyose bifitaniye isano n’inyifato itabereye ishingiye ku gitsina. Abamwunganira mu mategeko bavuga ko ingingo yo kumuhagarika “inyuranye n’amategeko, yakurikije inzira zidatunganye, kandi idashingiye ku vyemezo”.

    Inkuru zari zatanzwe n’ibinyamakuru imbere y’aha, zigaruka ku rwandiko ruvuga ivyo Khan yagirizwa, harimwo gukabakaba umuntu ku mubiri mu buryo adashaka hamwe no “guhohotera”.

    Kugira ngo ivyavuye mu matohoza vyemezwe, bizosaba ko bibiri vya gatatu vy’ibihugu bigize ICC bibishigikira. Hokenerwa kandi irindi tora ritandukanye ryo kwemeza nimba Khan yokurwa mu mabanga canke ntakurwe.

    Khan, umushikirizamanza azwi cane w'Umwongereza, ari mu karuhuko yafashe ku bushake bwiwe, kuva muri Rusama (5) mu 2025, kugira ahangane n’ivyo birego.

    Uko vyogenda kwose, ku ngingo ya nyuma izofatwa n’ibihugu 125 bigize ICC kuri kazoza ka Karim Khan, biragaragara ko izo mpari n’urwo ruhagarara bitazorangirira ngaho.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Umusifuzi Omar Artan wangiwe kwinjira muri Amerika yakiriwe nk'intwari i Mogadishu

    Omar Artan yiteye mu bitugu ibendera rya Somalia, akikijwe n'imbaga y'abantu, barimo abafotoresha telefone na 'cameras' z'abanyamakuru. Arareba ku ruhande. Inyuma hari indege iri ku kibuga.
    Insiguro y'isanamu, Omar Artan (witeye ibendera mu bitugu) aracyari umusifuzi wenyine w'Umunya-Somalia wanditse amateka yo gutoranyirizwa gusifura mu mikino y'igikombe cy'isi

    Umusifuzi w'Umunya-Somalia Omar Artan yageze mu murwa mukuru Mogadishu muri iki gitondo, nyuma yuko yangiwe na leta y’Amerika kwinjira muri icyo gihugu ngo asifure mu mikino y’igikombe cy’isi.

    Ku kibuga mpuzamahanga cy’indege cya Adde International Airport, Artan yakiranwe urugwiro (igishika mu Kirundi) n’abategetsi bo muri leta ya Somalia, abahagarariye ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru, abasifuzi, hamwe n’abo mu miryango itegamiye kuri leta.

    Imbaga y'abantu bafite amabendera ya Somalia y'ubururu bwerurutse, batonze umurongo imbere y'inyubako y'ibirahure, bamwe bamwenyura. Imbere yaho hari ukuboko kw'umuntu ufashe indangururamajwi.

    Abaturage benshi b’i Mogadishu na bo bari babucyereye aho ku kibuga cy’indege kugira ngo basuhuze Artan ubwo yari ahageze.

    Nyuma ya saa sita z'amanywa kuri uyu wa gatatu, biteganyijwe ko abatuye i Mogadishu bategura igikorwa rusange ku kibuga cy’umupira w’amaguru cy’aho mu murwa mukuru.

    Biteganyijwe ko Omar Artan yitabira icyo gikorwa ndetse akareba umukino uhuza ikipe y’umupira w’amaguru ya Heegan n’ikipe ya Dekedaha, zombi zikina muri shampiyona y’icyiciro cya mbere muri Somalia.

    Artan asubiye iwabo nyuma yuko Amerika imwimye uruhushya rwo kwinjira muri icyo gihugu – ruzwi nka 'visa' – aho yari yatoranyijwe ngo abe umwe mu basifuzi bazasifura imikino y’igikombe cy’isi, gitangira ejo ku wa kane.

    Imikino izabera muri Amerika, Canada na Mexique, umukino wa nyuma ukaba uzaba ku itariki ya 19 Nyakanga (7) uyu mwaka.

    Artan aracyari umusifuzi wenyine w’Umunya-Somalia wanditse amateka yo gutoranyirizwa gusifura mu mikino y’igikombe cy’isi.

    Imbaga y'abantu bareba Omar Artan amanuka ku madarage y'umuryango w'indege ya kompanyi yo muri Turukiya. Barimo abari gufotoresha 'cameras' z'abanyamakuru, n'abafotoresha telefone, bateye umugongo muri 'camera'.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. DR Congo: Abashingamateka bashigikiye integuro y'itegeko rya kamarampaka

    Abashingamateka ba DRC, harimwo abagore n'abagabo, bicaye badugije amaboko

    Ahavuye isanamu, Assemblée Nationale RDC / X

    Insiguro y'isanamu, Abashingamateka ba DRC mu kindi gikorwa co gutora co ku wa kabiri (ifoto mbarankuru)

    Inama nshingamateka ya Repuburika ya Demokarasi ya Kongo yemeje integuro itegekanya ibisabwa kugira hatunganywe amatora ya kamarampaka.

    Ku bashingamateka 351 bitavye ikoraniro ryo ku wa kabiri, 348 ni bo batoye bemeza iyo nteguro.

    Ubu rero iyo nteguro igiye kurungikwa mu Nama nkenguzamateka (Sena) kugira ngo harangizwe inzira zijanye no kuyisuzuma, ibone gushirwako umukono n’umukuru w’igihugu, gutyo ice iba itegeko.

    Abashingamateka b’inkehwa bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, bahisemwo kutitaba ayo matora.

    Banegura ico badondora nk’umugambi wa Perezida, Félix Tshisekedi, wo guhindura ibwirizwa nshingiro kugira yigumize ku butegetsi inyuma ya 2028, umwaka ikiringo ciwe ca kabiri kizorangirirako, nk’uko bitegekanijwe mw’ibwirizwa nshingiro rihasanzwe.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 6 Rusama (5), Perezida Tshisekedi yatangaje ko yiteguriye kuguma ku butegetsi n’inyuma ya 2028, hamwe Abanyekongo bokwemeza ko bavyipfuza biciye muri kamarampaka.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Kenya: Umugabo bivugwa ko yarasiwe mu myigaragambyo yo kwamagana ikigo cy'akato cya Ebola cy'Amerika

    Itsinda ry’abigaragambya – umwe yambaye umwenda wo hejuru utukura, araboneka neza imbere – bazamuye amaboko yabo hejuru, barebana n’umupolisi wambaye imyenda yijimye yiganjemo amabara y’icyatsi kibisi n’ikigina.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abigaragambya barakajwe no kuba leta ya Kenya yaremeye kubakwamo icyo kigo cy'ubuvuzi cy'Amerika

    Uwigaragambyaga yarasiwe mu myigaragambyo mu mujyi wa Nanyuki muri Kenya yo kwamagana iyubakwa ry’ikigo cy’akato cya Ebola kigenewe Abanyamerika, nkuko ababibonye babibwiye abanyamakuru.

    Umukuru w’imyigaragambyo yabwiye ibiro ntaramakuru Reuters ko polisi yishe irashe uwigaragambyaga. Polisi nta cyo yari yatangaza.

    Amatsinda y’abigaragambyaga, bazunguzaga amabendera ya Kenya, bafite ibyapa ndetse bafite isanduku yanditseho ijambo “Ebola” ku ruhande, bari barimo gusaba ko gahunda y’Amerika yo kubaka icyo kigo cy’ubuvuzi ku kigo cya gisirikare kiri hafi aho iburizwamo. Polisi yari yarashe imyuka iryana mu maso mu gutatanya abigaragambyaga.

    Mu cyumweru gishize, abantu babiri bishwe barashwe ubwo polisi yatatanyaga abandi bari bari mu myigaragambyo nk’iyo.

    Ibiro ntaramakuru AFP byatangaje ko ku wa kabiri hari hari uguhangana i Nanyuki – umujyi uri mu ntera ya kilometero hafi 200 mu majyaruguru y’umurwa mukuru, Nairobi – mu gihe abigaragambyaga bashyamiranaga na polisi.

    AFP ivuga ko abanyamakuru bayo bumvise amasasu ndetse babona umugabo wari warashwe mu mutwe, akaba yari aryamye hasi atanyeganyega.

    Reuters itangaza ko babiri mu banyamakuru bayo babonye umurambo w’umugabo uri inyuma mu modoka ya polisi ariko ko batiboneye bo ubwabo iryo raswa.

    Iyo gahunda y’Amerika yateje guhangayika mu baturage bo muri Kenya ku kuba hari ibyago byuko habaho ubwandu bwambukiranya imipaka, no kuba leta itarakoreye mu mucyo ku bijyanye n’icyo kigo cy’ubuvuzi.

    Mu kwezi gushize, urukiko rukuru rwa Kenya rwavuze ko ifungurwa ry’icyo kigo rikwiye guhagarikwa, nyuma yuko umuryango w’uburenganzira bwa muntu ushinze urubanza uvuga ko icyo kigo giteje “ibyago bikomeye cyane kandi biri hafi kuba” ku buzima bw’abaturage.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Amerika na Iran vyarasanye inyuma y’ikororwa rya kajugujugu y’irondo ya Amerika hejuru ya Hormuz

    Iyi foto yafatiwe mu gace ko mu buraruko bwa Israel, ku rubibe n’ubumanuko bwa Liban, yerekana kajugujugu y’igisirikare ca Israel yo mu bwoko bwa AH-64 Apache iriko iraguruka, ku wa 4 Ruheshi (6) 2026

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran vyarasanye inyuma y'aho Perezida Donald Trump yagirije ico gihugu ko carashe kajugujugu ya Amerika hejuru y’umuhora wa Hormuz.

    Ingabo za Amerika zatanguye ibitero isaha cumi n’imwe z’umuhingamo ku masaha yo mu gice c’ubuseruko bwa Amerika (ni ukuvuga isaha zitanu zo mu Burundi no mu Rwanda), ku wa kabiri, mu kwihora kw’ikororwa ry’iyo kajugujugu, nk'uko bivugwa na bumwe mu buyobozi bukuru bw’ingabo za Amerika bwitwa CENTCOM.

    Mw’itangazo yasohoye, CENTCOM yagize iti: “Iki gikorwa ni inyishu ihuye n'ibitero bidafise ishingiro vya Iran.”

    Mu kwishura, ishami rya gisirikare rijejwe gucungera ubutegetsi bwa kiislam muri Iran (IRGC) ryavuze ko ryagavye ibitero ku bibanza 21 vyo ku bigo vya gisirikare vya Amerika vyo muri ako karere, kimwe muri Bahrain, hamwe n’ikindi kiri muri Yorodaniya.

    Ni mu gihe n'igisirikare ca Koweït cavuze ko cariko kiratangira igitero.

    Mu nyuma, CENTCOM yatangaje ko yahejeje ivyo bitero.

    Humvikanye uguturika ku nkengera z’ikigobe c’Aba Perse no mu karere k’umuhora wa Hormuz.

    CENTCOM ivuga kandi ko abari muri iyo kajugujugu yo mu bwoko bwa Apache barokowe hakoreshejwe ubwato butajamwo umudereva bwa Amerika.

    Ni ubwa mbere igisirikare ca Amerika cemanze ku mugaragaro ko gikoresha mwene ubwo bwato mu bikorwa nk’ivyo.

    Mu butumwa yacishije ku rubuga Truth Social, Trump yagize ati: “Muri iyo kajugujugu harimwo abadereva babiri, kandi bose barakomeye, nta n’umwe yakomeretse.”

    Abategetsi b’Amerika bavuga ko Iran yakoresheje ‘drone’ mu kugaba ico gitero. Ariko ntibiramenyekana neza nimba iyo ‘drone’ yari igamije koko kurasa iyo kajugujugu, nk'uko umwe mu bategetsi b’Amerika atashatse ko amazina yiwe amenyekana yabibwiye CBS News, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.