RDC: Afrika y’Epfo iremera ko umudereva w’indege yafashwe n’inyeshamba ari umwenegihugu wayo
Reta ya Afrika y’Epfo yabwiye BBC ko umudereva w’indege yafashwe n’umuhari w’inyeshamba muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) inyuma y’aho indege yariko aragendesha ikorokeye mu mpera z’indwi, ari umwenegihugu wa Afrika y’Epfo.
Ni inyuma y’amakuru avuguruzanya yatanzwe n’umuhari FRN, aho wavuze ko wakoroye indege ya reta ku wa Mungu, mu gihe igisirikare ca RDC gihakana ibi bivugwa n’uyu muhari, kikavuga ko kuri uwo musi nyene, mu karere kamwe, catakaje indege kubera imvura n’ibihe bibi.
Ivyabaye ni ivyerekana ko intambara yo mu buseruko bwa RDC ibandanya gukomera, n’uruhara abanyamahanga bariko bayigiramwo.
Ubushikiranganji bwa Afrika y’Epfo bujejwe imigenderanire n’ugufashanya n’ayandi makungu (DIRCO) buvuga ko reta ya Afrika y’Epfo, ibicishije mu nzego zibijejwe no mu nzira z’ubuserukizi, iriko irakora ibishoboka kugira imenye neza ingene vyagenze.
Reta yongeye kwibutsa ko amategeko ya Afrika y’Epfo, na canecane itegeko ryo mu 2006 ribuza ibikorwa vy’ubucangero kandi rigatunganya ibikorwa bimwe bimwe mu bihugu birimwo intambara, abuza abenegihugu bayo kwishora mu bikorwa vy’ubucangero mu mahanga.
Ubwo bushikiranganji buvuga ko Afrika y’Epfo ishigikiye inzira y’amahoro mu gutorera umuti intambara iri mu buseruko bwa RDC, kandi ko ibandanya gushigikira utwigoro two mu karere no ku rwego mpuzamakungu two kugarukana amahoro arama, umutekano n’itekane muri aka karere.
Ayandi makuru ushobora gusoma: