Abashingamateka ba Amerika batoye ingingo yo kugabanya ububasha bwa Trump mu ntambara yo muri Iran
Muri iryo tora ryemejwe ku majwi 215 ku 208 atarishigikiye, aba Républicains bane bifadikanije n’aba Démocrates mu kwemeza iyo ngingo yari yarananiranye mu ncuro zitatu zatanguye.
Incamake
- Trump: Kugabanya ububasha bwanje bwo gutanguza intambara nkiri mu biganiro na Iran ni ukudakunda igihugu
- Umukuru wa Hezbollah: Amasezerano hagati ya Liban na Israel ni ukwemera gutsindwa n'ukunanirwa
- Man City iriko iriyumvira gufata ingingo z'amategeko inyuma y'ivyavuzwe kuri Haaland
- Ukraine yagirizwa kwica abantu bane mu karere ka Crimée kagenzurwa n'Uburusiya
- Ubudagi bwagiriza Uburusiya kuba bwatumye butsindwa mu matora y'Akanama k'Umutekano ka ONU
- Ikigo ca Ebola muri Kenya: Ibikoresho n'abahinga b'Amerika vyarashitse n'ubwo sentare yari yahagaritse ibikorwa
- Amavubi y'u Rwanda ntagikiniye imikino ya gicuti muri Maroc ku 'mpamvu z'umutekano'
- Israël na Liban bumvikanye gushira mu ngiro agahengwe, hamwe Hezbollah yohagarika ibitero
- Mogadishu: Haraye kandi haramutse imirwano y'ingabo za leta n'abarwanyi b'abatavuga rumwe na perezida
- Abashingamateka ba Amerika batoye ingingo igabanya ububasha bwa Trump mu ntambara, mu kumucaha mu ntambara yo muri Iran
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo
Videwo: Reba amashusho mashya agaragaza igihe indege ya drone ya Iran yagongaga ikibuga cy'indege cya Kuwait
Insiguro ya video, Videwo: Reba amashusho mashya agaragaza igihe indege ya drone ya Irani yagongaga ikibuga cy'indege cya Kuwait Trump: Kugabanya ububasha bwanje bwo gutanguza intambara nkiri mu biganiro na Iran ni ukudakunda igihugu

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yaneguye ingingo yafashwe n’Inama Nshingamateka yo kugabanya ububasha afise mu bijanye n’intambara.
Yavuze ko iyo ngingo yafashwe mu gihe ari mu biganiro vya nyuma bigamije guhagarika intambara n’Igihugu ca Iran.
Mu butumwa yashize ku rubuga rwiwe Truth Social, Trump yavuze ati:
"Ejo, mu matora ata co amaze, Inama Nshingamateka yatoye, biciye ku majwi y’Abarepubulikani bane hamwe n’Abademokarate bose, kugabanya ububasha bwanje bwo gutanguza intambara. Ivyo vyabaye nkiri hagati mu biganiro vya nyuma vyo guhagarika intambara na Iran."
Yongeyeko ati:
"Ni nde yokora ikintu nk’ico kiterekana ugukunda igihugu? Barazi neza aho ibiganiro bigeze."
Ku wa gatatu, mu ngingo idasanzwe, Inama Nshingamateka muri Amerika yerekanye ko itemeranya n’intambara ya Donald Trump kuri Iran, mu kwemeza integuro y’itegeko ryateguwe kandi rishigikiwe n’Abademokarate.
Ivyo vyabaye bitajanye n’ivyo indongozi z’Abarepubulikani mu nama nshingamateka zashaka.
Trump kandi yagiriza Abademokarate kuba baganzwa n’ico yise "indwara yo kwanka Trump", avuga ati:
"Bokwemera igihugu kigatsindwa aho kwemera ko nongera gutsinda urundi rugamba mu ntsinzi nyinshi maze gushikako."
Perezida wa Amerika yarakomeje anegura Abarepubulikani bane batoye iyo ngingo, abita "abikundisha abantu", maze avuga ati:
"Bakwiye guterwa isoni n’ivyo bakoze."
Ariko rero, iyo ngingo ntitegeka Trump guhagarika intambara.
Ahanini ni itangazo ry’ikimenyetso ryerekana ko Inama Nshingamateka itemeranya na politike yiwe y’intambara ku bijanye na Iran.
Umukuru wa Hezbollah: Amasezerano hagati ya Liban na Israel ni ukwemera gutsindwa n’ukunanirwa

Ahavuye isanamu, Reuters
Naeem Qassem, umukuru wa Hezbollah, yavuze ko amasezerano ayo ari yo yose yoshikwako hagati ya Liban na Israel aba ari ukwemera gutsindwa no kunanirwa.
Mw’itangazo yashize ahabona, yavuze ko ibiganiro biriko biraba hagati ya Israel na Liban “ataco bimaze, biteye isoni kandi biteye agashinyaguro”.
Yongeye avuga ko igice kinini c'abanyagihugu ba Liban biyamirije ivyo biganiro "bivuye inyuma".
Umukuru wa Hezbollah kandi yagabishije ko igihe cose ibitero bizoba bikibandanya ku bisagara vya Liban, uturere two mu buraruko bwa Israel tutazoshobora kugira umutekano.
Amasaha make imbere y’ivyo, Perezida wa Liban, Joseph Aoun, yari yavuze ko agahengwe k’intambara kariko karageragezwa gushikwako biciye ku buhuza bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ari amahirwe ya nyuma yo gushika ku mahoro afise insiguro nyayo muri Liban.
Muri ico gihe nyene, Israel yashimangiye agahengwe k’intambara katazoyibuza kubandanya ibitero vyayo vyo ku butaka mu kurwanya Hezbollah.
Izindi nkuru wosoma:
Man City iriko iriyumvira gufata ingingo z’amategeko inyuma y’ivyavuzwe kuri Haaland

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Manchester City yakinye na Real Madrid incuro zitatu mu marushanwa ya UEFA Champions League mu mwaka uheze, kandi Haaland yatsinze ibitsindo bibiri muri izo nkino. Umurwi wa Manchester City uriko uriyumvira gufata ingingo z’amategeko inyuma y’uko umwe mu bakandida ku mwanya wa Perezida wa Real Madrid yavuze ko azosinyisha umukinyi wayo w’imbere, Erling Haaland.
Enrique Riquelme, umunyamitahe akomeye mu bijanye n’imiyagankuba ariko ararwanira ubuperezida bwa Real Madrid na Florentino Perez asanzwe ari Perezida, yerekanye ku mboneshakure ku wa gatatu umwambaro wa Real Madrid wanditseko izina rya Haaland. Yavuze ati:
"Haaland afise ingingo mu masezerano yiwe imwemerera kuva mu murwi, kandi yipfuza kuja muri Real Madrid. Ninaba Perezida, azokinira Real Madrid."
Bidatevye, se wa Haaland hamwe n’umumuserukira barasohoye itangazo bahakana ayo makuru, mbere na Manchester City nyene irayitera ivyatsi.
Iryo tangazo ryagize riti:
"Amakuru yakwiragiye ava muri Espagne yerekeye kazoza ka Erling Haaland si ay’ukuri. Nta buryo na bumwe ivyo vyoshoboka, kandi nta ngingo n’imwe iri mu masezerano yiwe yobimwemerera."
Ryongeyeko riti:
"Turiko turasuzuma gufata ingingo z’amategeko kubera ukuntu ishusho n’izina ry’umukinyi wacu vyakoreshejwe muri iki kibazo."
Enrique Riquelme kandi yasezeranye ko azogerageza gusinyisha umukinyi wo hagati wa Manchester City, Rodri. Yavuze ati:
"Ni umukinyi mwiza cane kandi akinira mu kibanza Real Madrid ikeneye gukomeza."
Yongeyeko ati:
"Twavuganye n’uwumuserukira. Dutegerezwa kwubaha umurwi akiniramwo ubu, ariko ninaba Perezida azokinira Real Madrid. Nzokora ibishoboka vyose kugira bishike."
Mu rindi tangazo rusangi, se wa Haaland, Alfe Inge Haaland, hamwe n’uwumuserukira Rafaela Pimenta, bavuze bati:
"Ivyo vyose birashimishije kuvyumva, ariko si ukuri."
Baca basozera bavuga bati:
"Twipfurije amahirwe menshi abakandida bompi mu matora ya Real Madrid."
Ukraine yagirizwa kwica abantu bane mu karere ka Crimée kagenzurwa n'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yategetse ko Crimée yigarurirwa n’Uburusiya mu mwaka wa 2014 Abategetsi bashigikiwe n’Uburusiya bo muri Crimée, akarere ka Ukraine kagenzurwa n’Uburusiya, bavuga ko n’imiburiburi abantu bane bishwe mu bitero bishasha vyagabwe na Ukraine kuri ako karere.
Batatu muri bo biciwe mu gisagara ca Simferopol, umurwa mukuru w’ako karere, abandi indwi barakomereka, mu gitero catumberejwe ku nyubakwa zidondorwa nk’aho abantu bataba. Bisa n’uko ari ubwa mbere habaye igitero gihitana abantu muri ico gisagara.
Mu kindi gitero catumberejwe kuri gariyamoshi yariko yunguruza abantu mu gisagara ca Kerch, uwundi muntu umwe yishwe nk'uko vyemezwa n’umutegetsi wa Crimée yashizweho n’Uburusiya. Uwo mutegetsi avuga ko muri ico gisagara hakomeretse abandi batatu.
Ibaye imisi itatu ikurikirana Ukraine yagirizwa gutera uburyo bwo kwunguruza abasivire mu burere bugenzurwa n’Uburusiya.
Mu kwishura ku busabe bwa BBC bwo kugira ico babivugako, abategetsi bo muri Ukraine ntibemeye icese ko bagavye ibitero, ariko bavuze ko Ukraine yateye gusa ibibanza vya gisirikare, banagiriza Uburusiya kugira 'propagande' yo gushiraho "ukuri kubangabanganye".
Mu misi iheze, Kyiv yarongereje umurindi w’ibitero itumbereza imbere mu Burusiya.
Ku wa gatatu, yabigavye ku nkengera z’igisagara ca St Petersburg, amasaha make imbere y’uko hugurura ihuriro rikomeye ku butunzi riba rigamije gukwegera mu Burusiya abanyamitahe b’abanyamahanga.
Izindi nkuru wokora:
Ubudagi bwagiriza Uburusiya kuba bwatumye butsindwa mu matora y'Akanama k'Umutekano ka ONU

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubudagi Johann Wadephul Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubudagi yavuze ko kuba igihugu ciwe gishigikiye cane Ukraine na Israël bishobora kuba vyatumye gitakaza amajwi mu matora yo kurondera ikibanza c’igihe gito mu kanama k’umutekano k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Johann Wadephul yavuze ko kurushwa amajwi n’ibihugu vya Portugal na Autriche (Austria) ari “ugutsindwa kubabaje cane”. Yabishikirije inyuma y’itora ryabaye ku mugoroba wo ku wa gatatu ryari rigamije guhitamwo ibihugu bitanu bishasha vyinjira muri ako kanama k’umutekano.
Wadephul yavuze ati: “Hari ugushigikira gukomeye duha Ukraine, kandi Uburusiya ntibwipfuza ko ijwi nk’iryo riba mu Kanama k'Umutekano.” Yongeyeko ko atari ibanga ko Uburusiya bwaratumye ibindi bihugu vyishiramo nabi Ubudagi.
Akanama k’Umutekano ka ONU kagizwe n’ibihugu bitanu bifise ibibanza vyamaho: Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya, Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hagaca hiyongerako ibihugu 10 bitorwa ku kiringo gito gito.
Wadephul yabandanije agira ati:
“Twamye dufata ingingo zisobanutse ku bibazo bimwe bimwe, kandi si ibihugu vyose bigize ONU bisangiye izo ngingo [na twe].”
“Kuba Ubudagi bwama bwumva ko butegerezwa, mu buryo bwihariye, gushigikira Israël mu ntambara yo mu Buseruko bwo Hagati na vyo bishobora kuba vyaratumye butakaza amajwi.”
Uwo mutegetsi yavuze kandi ko Ubudagi bwatevye kwinjira mw’ihiganwa ryo kurondera ico kibanza c’imyaka ibiri muri ako kanama, akabona ko na vyo hari uruhara vyagize mu gutsindwa kwabwo.
Uburusiya ntiburagira ico bushikirije ku vyo bwagirizwa.
Mu matora, Ubudagi bwaronse amajwi 104 mu rugamba rwo kurondera kimwe mu bibanza bibiri vyagenewe umurwi w’ibihugu vyo mu burengero bwa Buraya n’ibindi biwusangiye. Portugal yo yaronse amajwi 134, mu gihe Autriche yaronse amajwi 131.
Izindi nkuru wosoma:
Ikigo ca Ebola muri Kenya: Ibikoresho n'abahinga b'Amerika vyarashitse n'ubwo sentare yari yahagaritse ibikorwa

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Sentare ya Kenya yari yategetse ko ibikorwa vyo kwubaka ico kigo co kwakiriramwo abagwayi ba Ebola bihagarara N’imiburiburi indege 20 zitwaye ibikoresho vy’ubuvuzi n’abakozi b’inzobere zarashitse muri Kenya mu kibanza Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zubakamwo ikigo co kuvuriramwo no gutaramuriramwo abantu bashobora kwandura Ebola, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, bigashimangirwa n’amasoko mu bategetsi hamwe n’amakuru y’ingendo z'indege.
Izo ndege zagumye zijana ivya nkenerwa n'ubwo hagiye haba imyiyerekano yo kwiyamiriza uwo mugambi, na sentare ya Kenya ikaba yari yategetse ko ibikorwa bihagarara.
Abantu babiri barishwe mu myiyerekano yabereye mu gisagara ca Nanyuki kiri hagati muri Kenya. Aho ni ho hari ikigo c’ingabo zirwanira mu kirere za Kenya, hakaba ari na ho igisirikare c’Amerika kiriko cubaka ico kigo kizoba gifise ibitanda 50, kikazokwakira Abanyamerika bashobora kuba banduye Ebola, canke bahuye n’abayirwaye.
Abamaze kwandura Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC), aho uwo mugera wahereye, no muri Uganda bihana urubibe, baharurwa mu majana.
Ubutumwa bw’ibanga bwarungitswe n’aba ‘diplomate’ b’Abanyamerika, bumwe muri bwo bwabonywe na Reuters, buvuga ko Perezida wa Kenya, William Ruto, ashobora kuba yarasuzuguye urugero rw’ukungene Abanyakenya bariko barwanya uwo mugambi.
Uwo mugambi watumye bamwe banegura Amerika bavuga ko iriko yimurira muri Kenya ingorane zo kwitaho abarwayi bayo bwite.
Kw’itariki ya 28 Rusama (5), sentare ya Kenya yari yategetse ko ibikorwa vyo kwubaka ico kigo co kwakiriramwo abagwayi ba Ebola bihagarara.
Ariko urubuga rukurikirana ingendo z’indege ruzwi nka ‘Flightradar24’ rwerekana ko indege za gisirikare za Amerika zabandanije kugwa i Nanyuki no mu minsi yakurikiye iryo tegeko.
Urwo rubuga rwerekana ko n’imiburiburi indege za gisirikare zitandatu, harimwo izo mu bwoko bwa ‘C-130’ na ‘C-17’ zitwara imizigo, zashitse i Nanyuki kuva ku wa 24 Rusama. Muri zo, zitatu zashitse inyuma y’itegeko rya sentare.
Nk'uko bivugwa n’umwe mu bategetsi ba Amerika adashima ko amazina yiwe amenyekana, izo ndege zazanye ibikoresho hamwe n’abaganga, abahinga (ingénieurs), abahinga bo muri laboratware n’abakozi b’ubwubatsi bose hamwe baharurwa muri za mirongo, ariko nta murwayi n’umwe zazanye.
Ubuserukizi bwa Amerika i Nairobi bwatangaje ku wa gatatu ko buzi ivy’iyo ngingo ya sentare kandi ko “buriko bukorana na reta ya Kenya mu kurondera umuti w’ibibazo vyose vyashikirijwe”.
Perezida Ruto we yarashigikiye rwose ingingo yo kwubaka ico kigo. Ku wa mbere yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Turi reta ishira mu gaciro.” Ariko ntiyashimye kugira ico ashikirije ku bijanye n’itegeko rya sentare rihagarika ibikorwa vyo kwubaka ico kigo.
Gushika ubu, nta murwayi n’umwe wa Ebola arigera atorwa muri Kenya.
Izindi nkuru wosoma:
Amavubi y'u Rwanda ntagikiniye imikino ya gicuti muri Maroc ku 'mpamvu z'umutekano'

Ahavuye isanamu, FERWAFA / X
Insiguro y'isanamu, Abakinnyi b'Amavubi bari berekeje i Marrakech ku wa mbere w'iki cyumweru Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Rwanda rivuga ko imikino ya gicuti mpuzamahanga y'ikipe y'igihugu Amavubi yari iteganyijwe kubera i Marrakech muri Maroc muri uku kwezi itakihabereye, ku mpamvu z'"umutekano".
FERWAFA ivuga ko yagejejweho ubutumwa n'ubuyobozi bw'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Maroc buyimenyesha ko "iyo mikino itemewe kubera impamvu z'umutekano".
Soma inkuru irambuye hano
Israël na Liban bumvikanye gushira mu ngiro agahengwe, hamwe Hezbollah yohagarika ibitero

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Muri ako gahengwe, bitegekanijwe ko abarwanyi ba Hezbollah bimurwa bakava mu karere kagenzurwa na Israël Reta zunze Ubumwe za Amerika, zibicishije ku bushikiranganji bwazo bw'imigenderanire, zatangaje ko Israël na Liban bumvikanye gushira mu ngiro agahengwe k’intambara.
Ariko, iyo ngingo izoshirwa mu ngiro ari uko umuhari Hezbollah, ushigikiwe na Iran, uhagaritse ibitero vyose kuri Israël, ugashira mu ngiro n'ibindi vyose bisabwa.
Iyi ntambwe ishitsweko inyuma y’aho ibitero vya Israël bihitanye n’imiburiburi abantu icenda mu bumanuko bwa Liban ku wa gatatu, mu gihe Hezbollah na yo yateye amabombe mu buraruko bwa Israël, ivyarushirije gushira mu kaga agahengwe kari kumvikanyweko muri Ndamukiza (4), kakaba kari gasanzwe kagoyagoya.
Muri iryo tangazo, Amerika yagize iti:
"Ibihugu vyompi vyasubiye kwemeza ko kazoza k’imigenderanire hagati ya Israël na Liban gakwiye gufatwa n’izo reta zibiri zigenga.
"Vyaranse igerageza iryo ari ryo ryose ryo gufata kazoza ka Liban nk’ingwati, ryova ku gihugu canke ku wundi murwi utari reta."
Muri ako gahengwe, hategekanijwe ukwimura abarwanyi bose ba Hezbollah bakava mu karere kari mu bumanuko bwa Liban kagenzurwa na Israël, kuva ku ruzi Litani gushika ku rubibe.
Iri tangazo rivuga kandi ko Amerika izofasha mu gutunganya uturere twihariye, aho ingabo za Liban zizokwimenyerereza kugira zigire ububasha bwuzuye bwo kugenzura ubutaka bwose bw’ico gihugu, hatarimwo imigwi iyo ari yo yose yitwaje ibirwanisho.
Rije kandi rikurikira agahengwe k’igice kumvikanyweko ku wa mbere, aho Liban yatangaje ko Israël igiye guhagarika gutera ibisasu ku murwa mukuru Beirut, Hezbollah na yo ikareka kugaba ibitero kuri Israël.
Ivyo bihugu vyompi bizosubira guhura ku wa 22 Ruheshi (6) kugira bibandanye ibiganiro, mu ntumbero yo gushika ku masezerano yuzuye kandi arama.
Gushika ubu, umuhari Hezbollah nturagira ico ushikirije ku mugaragaro kuri iri tangazo.
Izindi nkuru wosoma:
Mogadishu: Haraye kandi haramutse imirwano y’ingabo za leta n’abarwanyi b’abatavuga rumwe na perezida

Ahavuye isanamu, Somali Gov
Insiguro y'isanamu, Ifoto yo mu murwa mukuru Mogadishu wa Somalia Imirwano yatangiye ku wa gatatu nimugoroba mu murwa mukuru wa Somalia hagati y’ingabo za leta n’abarwanyi bo ku ruhande rw’abagabo batavuga rumwe na perezida yakomeje muri iki gitondo cyo ku wa kane.
Urusaku rw’amasasu rurimo kumvikana mu duce twinshi twa Mogadishu, nk’uko abaturage baho babibwiye BBC.
Sharif Sheikh Ahmed wahoze ari perezida avuga ku birimo kuba yagize ati: “Niba Perezida n’abasirikare be bakeka ko dufite ubwoba cyangwa tugiye guhunga, ntabwo turi buhunge”.
Mu butumwa yashyize ku rubuga X, Sheikh Ahmed yavuze ko imirwano irimo kuba idahagarika imyigaragambyo bateguye mu murwa mukuru.
Avuga ko iyo myigaragambyo ari iy’abaturage “bagamije kurwanya akarengane, gutuma abantu bahunga, no gukoresha nabi ubutegetsi”.
Igisirikare cyamaganye abantu bitwaje intwaro bateye za bariyeri zacyo ahatandukanye mu murwa mukuru w’iki gihugu kiri mu bigize umuryango w’ibihugu by’Afurika y’iburasirazuba, EAC.
Iyi mirwano ivuye k’ubushyamirane bukaze n’ibiganiro byo kunga byananiranye hagati ya Sharif Sheikh Ahmed, na Perezida Hassan Sheikh Mohamud w’iki gihugu hamwe na Hassan Ali Khaire wahoze ari Minisitiri w’intebe.
Ibyo biganiro byananiwe kumvikana guhagarika ubushyamirane ndetse n’imyigaragambyo iteganyijwe uyu munsi.
Ku rubuga rwa Facebook, Hassan Ali Khaire yanditse ko we n’itsinda rye ari bo batewe n’ingabo za leta zoherejwe na perezida w’igihugu.
Leta ya Somalia yashinje Hassan Ali gutegura ibi bitero ku ngabo za leta.
Ubu bushyamirane bushingiye ku makimbirane amaze igihe aho abo bategetsi bananiwe kumvikana igikurikiraho nyuma y’uko manda ya Perezida Sheikh Mohamud irangiye mu kwezi gushize.
Icyo gihe Perezida Mohamud yahise atangaza ko manda ye yongeweho umwaka umwe.
Izindi nkuru wasoma:
Abashingamateka ba Amerika batoye ingingo yo kugabanya ububasha bwa Trump mu ntambara yo muri Iran

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ni ubwa kane inama nshingamateka igerageje kugabanya ububasha bwa Trump bwo gutanguza intambara Inama nshingamateka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatoye ingingo igamije kubuza Perezida Donald Trump gusubira gufata izindi ngingo za gisirikare zo kurwanya Iran.
Iyo ngingo yemejwe ku majwi 215 (ku batayemeje 208), inyuma y’uko abashingamateka bane bo mu mugambwe w’aba Républicains bifatanije n’aba Démocrates mu kugaragaza ko batemera iyo ntambara yatanguye muri Ruhuhuma (2) uyu mwaka.
Ni ubwa kane inama nshingamateka igerageje kugabanya ububasha bwa Trump bwo gutanguza intambara, aho abatayishigikiye bavuga ko ata ruhusha yahawe n’inama nkenguzamateka ya Amerika.
Iyo ngingo iracakeneye kwemezwa n’iyo nama nkenguzamateka (Sénat), isanzwe igenzurwa n’aba Républicains. N’ubwo yokwemezwa na Sénat, ntivyitezwe ko yoshobora guhagarika burundu ibikorwa vya gisirikare biriko birakorwa kuri Iran.
Trump yoshobora kwanka iyo ngingo akoresheje ububasha bwo kwanka (veto), ivyo bikaba vyoca bisaba bibiri vya gatatu vy’amajwi mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kugira bamubuze kubandanya.
Mu kwezi guheze kwa Rusama (5), inama nkenguzamateka (Sénat) yari yemeje iyindi ngingo isa n’iyo inyuma y’aho ibigerageje akatari gake ata kivamwo imbere y’aho, ariko gushika ubu ntiratora ku mugaragaro iyo ngingo mu nama rusangi yayo.
Izindi nkuru wosoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.
