Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Iran ivuga ko yasubije inyuma ubwato bwa Amerika bwinjira mu muhora wa Hormuz

Igisirikare ca Amerika cahakanye amakuru yuko ubwo bwato bwabo bwarashweho za misile na Iran.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Aha ni ho dusoreje amakuru yacu y'ikibiriraho y'uyu munsi. Mwakoze kubana natwe. Ni ah'ejo.

  2. Perezida Assimi Goïta kuva ubu ni nawe Minisitiri w'ingabo wa Mali

    Perezida wa Mali Jenerali Assimi Goïta yafashe n'inshingano zo kuba Minisitiri w'ingabo w'iki gihugu mu muhate wo guhashya imitwe yitwaje intwaro yugarije iki gihugu.

    Goïta afashe izi nshingano nyuma y'uko mu cyumweru cyashize Sadio Camara wari Minisitiri w'ingabo yishwe mu gitero cy'ubwiyahuzi cyakoresheje imodoka irimo ibisasu ku rugo rwiwe i Bamako.

    Mali igeramiwe n'imitwe y'inyeshyamba z'aba-Tuaregs ivuga ko iharanira ubwigenge bw'agace k'iki gihugu n'ishyirwaho rya leta igendera ku mategeko ya Sharia.

    Mali iri mu muryango w'ibihugu by'akarere ka Sahel ugizwe na yo na Burkina Faso na Niger, ibihugu bitegetswe n'abasirikare bafashe ubutegetsi kuri coup d'etat mu 2021 na 2022.

    Ibi bihugu uko ari bitatu bivuga ko byashyize imbaraga hamwe kandi bimaze iminsi bigaba ibitero byo gufasha Mali kurwanya n'izo nyeshyamba.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Amato abiri y’ubucuruzi ya US yaciye mu muhora wa Hormuz - Ingabo za Amerika

    Ishami rya Centcom ry’igisirikare cya Amerika ryatangaje ko amato abiri afite ibendera rya Amerika “yatambutse neza mu muhora wa Hormuz”.

    Centcom yongeraho ko ingabo za Amerika zirwanira mu mazi zirimo gukoresha amato abiri y’intambara azwi nka ‘guided-missile destroyers’ mu gufasha amato gutambuka muri uwo muhora.

    Ubutumwa bwa Centcom buvuga ko “Ingabo za Amerika zirimo gufasha guha inzira amato y’ubucuruzi”.

    Centcom ntabwo yatangaje amazina y’amato bavuga ko bafashije gutambuka muri uwo muhora.

    Igisirikare cya Iran cyaburiye ko amato yose ari butambuke muri uwo muhora aza kuraswaho.

  4. ‘Utambuka araraswa’ – Iran. UAE yemeje ko ubwato bwayo bwarashweho mu muhora wa Hormuz

    Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu zatangaje ko ubwato bufitanye isano na kompanyi ya leta y’iki gihugu bwarasiwe mu muhora wa Hormuz.

    Mu mwaka washize ikinyamakuru Fars Plus gifitanye isano n’umutwe w’ingabo wa Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) cyatangaje ubutumwa bw’amajwi mu Cyongereza no mu Giperse bw’abakuru w’uwo mutwe baburira amato ashaka guca muri uwo muhora.

    Igisirikare cya Amerika cyo yatangaje ko yatangiye igikorwa yise “Project Freedom” cyo guhekereza amato yabuze uko aca muri uwo muhora agatambuka.

    Ubutumwa bwatangajwe na Fars bwumviswe n’umunyamakuru wa BBC Persian bugira buti: “Uku ni ukuburira gukomeye kw’ingabo zirwanira mu mazi za IRGC.

    “Umuhora wa Hormuz uracyafunze…Ubwato bwose bunyura nta burenganzira kuri ‘longitude’ ya 56°00′ mu burasirazuba bw’ikigobe cya Perse na ‘latitude’ 25°40′ mu majyaruguru y’inyanja ya Oman, buraraswa busenyurwe.”

    Mu itangazo rya Minisiteri y’Ububanyi n’amahanga ya Emira z’Abarabu bavuze ko ubwato bwabo bwarashwe nta muntu wahakomerekeye.

    UAE ivuga ko kurasa ubwato bw’ubucuruzi no “gukoresha Umuhora wa Hormuz nk’igikoresho cyo gutera ubwoba” ari igikorwa cy’inabi cya IRGC kandi gihungabanya akarere n’ubukungu bw’isi.

  5. Ico tuzi – n’ico tutaramenya – ku mugambi wa Amerika wo “kuyobora” ubwato mu muhora wa Hormuz

    Inyuma y’uko Donald Trump atangaje ku wa Mungu umugambi wa Amerika wo “kuyobora” ubwato bwaheze mu muhora wa Hormuz, ico gikorwa citiriwe “Project Freedom,” hari ibintu bimaze kumenyekana.

    Ico tuzi

    • Mu butumwa yashize ku rubuga rwiwe rwa Truth Social, Trump yavuze ko ico gikorwa kizotangura “ku wa mbere mu gitondo, ku masaha yo mu Buseruko bwo Hagati.”
    • Ibiro bikuru vya Amerika vya gisirkare vyavuze ko bizofasha muri ico gikorwa bikoresheje abasirikare 15,000, ubwato bw'intambara burasa ama misire hamwe n’indege zirenga 100.
    • Trump yihanangirije ko Amerika izofata ingingo “zikomeye” ku muntu wese azogerageza kubangamira ico gikorwa.
    • Iran yavuze ko yabujije ubwato bw’intambara bwa Amerika kwinjira muri uwo muhora, ariko umutegetsi mukuru wa Amerika bivugwa ko yabihakanye. BBC yavuganye n'ibiro bikuru vya Amerika hamwe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu Pentagone kugira bigire ico bivuga.
    • Iran ivuga ko yasubije inyuma ubwato bw'intambara bwa Amerika bwariko bwinjira mu muhora wa Hormuz

    Ico tutaramenya

    • Nimba ico gikorwa catanguye koko – ubu ni inyuma ya sasita muri Iran, ariko nta cemezo kiraboneka.
    • Ibihugu bizofashwa na Amerika gusohoka muri uwo muhora – Trump yavuze gusa ko ico gikorwa kizofasha “ubwato buva mu bice vy’isi bidafise uruhara na rumwe” muriyo ntambara.
    • Ingene ico gikorwa kizoshirwa mu ngiro – amakuru avuga ko bishoboka ko Amerika itazoherekeza ubwato bw’ubudandaji, ahubwo izobuha impanuro ku nzira zitekanye zo mu mazi no kuguma hafi kugira ibukingire igitero cose co muri Iran.
    • Ingaruka ico gikorwa gishobora kugira ku gahengwe k’intambara kari kamaze indwi zitari nke hagati ya Amerika na Iran – umutegetsi mukuru wa Iran yavuze ko “iciyumviro cose c’Amerika co kwivanga” kizofatwa nk’ukwica ayo masezerano, mu gihe Trump we yavuze ko ari “igikorwa c’ubutabazi ku bantu.”

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Kenya: Abantu bane batawe muri yombi baregwa kwiba lisansi bayikuye mu ndege

    Abantu bane batawe muri yombi bakekwaho gushaka kwiba ibitoro by'indege ku kibuga cy'indege cya Wilson kiri mu murwa mukuru wa Kenya.

    Abantu bane bakekwa bafashwe bagerageza gusohora litiro 800 z'ibitoro by'indege babivanye mu ndege yari ihagaze kibuga cy'indege cya Wilson.

    Ikigo gikorwa Iperereza ku byaha muri Kenya (DCI) cyavuze ko bafashwe n’abapolisi bo mu kigo cya polisi cy’ikibuga cy’indege cya Kenya (KAPU) nyuma yaho polisi iketse ibikorwa biteye inkeke mu modoka abo bantu bane bari barimo.

    Abo bagabo batatu n’umugore umwe bari mu modoka ya Mitsubishi Canter, bagerageje kujijisha nkabakora indi mirimo n'ibikorwa bisanzwe byo ku kibuga cy'indege ubwo abapolisi babahagarikaga mbere yuko bagera aho basohokera.

  7. Iran ivuga ko yasubije inyuma ubwato bwa Amerika bwinjira mu muhora wa Hormuz

    Igisirikare ca Iran kivuga ko casubije inyuma ubwato bw’intambara bwa Amerika bwariko burinjira mu muhora wa Hormuz.

    Igisirikare ca Amerika cahakanye amakuru y'uko ubwo bwato bwarashweho za misile na Iran.

    Ibinyamakuru vya leta ya Irani bivuga ko urwego rujejwe kumenyesha amakuru rw’igisirikare rwatangaje ruti:

    “Kubera imburi ikomeye kandi yihuta yatanzwe n'igisirikare co mumazi ca Iran, ukwinjira k’ubwato bw’abansi b’Abanyamerika n’Abasiyoni mu muhora wa Hormuz kwahagaritswe.”

    Ibi bibaye inyuma y’amasaha make Prezida Donald Trump avuze ko igisirikare ca Amerika kigiye gutangura gufasha ubwato bwafatiwe muri uwo muhora.

    Ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika muri ako karere bwarasiguriye ukuntu buteganya gufasha muri ico gikorwa

    Turiko turarondera kumenya vyinshi kuri aya makuru, kandi turaza kubamenyesha inkuru nshasha uko tuza kuyaronka.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Kigali: Haribazwa icyabaye ngo leta igure iyi nzu nshya nyuma y’imyaka ibiri ifungwe ngo ‘ivugururwe’

    Inzu ya leta izwi cyane mu mujyi wa Kigali nka “RDB Building” irimo kugarukwaho ku mbuga nkoranyambaga nyuma y’uko ikigo Rwanda Development Board (RDB) cyemeje ko kigiye kuyivamo kugira ngo “ivugururwe”.

    Umwe mu bakozi ba RDB, mu butumwa bwanditse, yabwiye BBC ko mu cyumweru gishize bameneyshejwe ko bagomba kwimuka bakayivamo nyuma y’uko ubugenzuzi bwemeje ko “iyi nzu ifite ibibazo by’ubuziranenge”.

    Itangazo ry’ikigo Rwanda Development Board (RDB) ry’uyu munsi rivuga ko iyi nyubako "ifungwa by’agateganyo ngo ikorerwe ivugurura ryari riteguye".

    Iyi nzu y’amagorofa 12 n’ane yo munsi y’ubutaka (Under-ground) yubatswe n’umuntu ku giti cye igurwa na leta mu rwego rwo "kugabanya ikiguzi itanga mu gukodeshereza ibigo byayo", nk’uko mu 2023 ubwo bayijyagamo byatangajwe n’ikigo cya leta gishinzwe imyubakire.

    Uretse RDB ikoreramo n’ibindi bigo birimo ‘Rwanda Environment Management Authority’ (REMA), ‘Rwanda Housing Authority’ (RHA), Rwanda Mines, Oil and Petroleum Board (RMB) n’ibindi.

    Umukozi wa RDB utifuje gutangazwa yabwiye BBC ko kuva mu myaka ibiri ishize iyi nzu “yatangiye kugaragaza ibibazo bitandukanye by’imyubakire”.

    Ku mbuga nkoranyambaga bamwe barakemanga imigirire idahwitse mu masoko ya leta mu kugura inyubako nshya nyuma y’igihe gito ikagaragaza ibibazo bituma ifungwa ngo isanwe.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Igisirikare ca Iran kivuga ko kizotera Amerika niyagerageza kwinjira mu muhora wa Hormuz

    Igisirikare ca Iran cavuze ko kizotera igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe cogerageza kwinjira mu muhora wa Hormuz, inyuma y’uko Perezida Donald Trump atangaje igikorwa ca gisirikare kigamije gufasha ubwato gusohoka muri uwo muhora.

    Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w'ibiro bikuru vy’igisirikare ca Iran, Jenerali Majoro (Maj Gen) Ali Abdollahi, yavuze ko Iran izotera "igisirikare ico ari co cose c'amahanga" kizogerageza kwegera canke kwinjira muri uwo muhora, "na cane cane igisirikare gisotorana c'Amerika".

    Yavuze kandi ko Iran “yama isubiramwo” ko uwo muhora uri “mu minwe y’igisirikare ca Iran,” kandi ko ubwato bwose bushaka kuwucamwo butegerezwa kubanza kurekurirwa na Iran “mu bihe vyose”.

    Iryo tangazo ryasohowe n'imboneshakure IRIB y'igihugu ca Iran.

    Ku ruhande rwa Amerika, igisirikare cavuze ko hazokoreshwa ibikoresho bikomeye mu gikorwa ca gisirikare ciswe “Project Freedom,” birimwo ubwato bw’intambara busambura ibisasu, indege zirenga 100 zirimo iziri ku butaka no ku mazi, ibirwanisho binyuranye bitajamo ababikoresha (multi-domain unmanned platforms), hamwe n’abasirikare bashika 15,000 bazofasha muri ico gikorwa ca gisirikare.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Uburundi bwasibije igikorwa co gukingira inka 'kubera ikibazo c'ibitoro'

    Uburundi bwasibije isekeza ryo gukingira inka ku rwego rw’igihugu cose, inyuma y’ukubura ibitoro “mu buryo butari bwitezwe”, vyagize ingaruka ku bikorwa vy’ugutwara ibikoresho.

    Mu butumwa bwahanahanwe ku mbuga hwaniro bwashikirijwe abakozi b’ubuvuzi bw’ibitungwa, Dr Habarugira Chadrack, arongoye igisata kijejwe gukurikirana no kurwanya indwara z’ibitungwa, yavuze ko igikorwa co gucandagira indwara y’uruhu ifata inka, cari gitegekanijwe mu ndwi itangura uyu musi kw'igenekerezo rya 4 ukwezi kwa gatanu, casibijwe.

    Gusivya iki gikorwa, nk'uko ubwo butumwa bubandanya bubivuga, kubaye inyuma y'uko ubwo bushikiranganji bubuze igitoro, cagize ingaruka ku gutwara inkingo n’ibindi bikoresho vy’ingenzi bigenewe kuja mu bice bitandukanye vy’ico gihugu.

    Umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yavuganye na BBC, atashimye gutangazwa izina, yemeje ayo makuru, yongera avuga ko ico gikorwa cigijwe inyuma, ariko ntiyatanze insiguro irambuye ku rugero ikibazo c’ibitoro kiriko muri ubwo bushikiranganji canke ingingo ziriko zirafatwa kugira ico kibazo gitorerwe inyinshu.

    Mu minsi iheze, umukuru w’igihugu c’Uburundi yavuze ko abaririra ibitoro ari abanya-Bujumbura, avuga ko ahubwo bari bakwiye gushima ko banafise izo modoka.

    Uburundi bumaze imyaka irenga itanu bufise ikibazo gikomeye c’igitoro, ivyo bikaba bikunze kugira ingaruka ku gutwara abantu n’ibintu, ku bucuruzi no ku bikorwa vya Leta.

    Naho abategetsi basavye imbabazi kuri izo ngorane, bavuga ko vyari ibintu badashoboye kwirinda, kandi ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira ntihagire izindi ngorane zibandanya gutuma ibikorwa biteba.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Ivyo tuzi ku bijanye n'ikiza ca hantavirus cikekwa ko cadutse

    Abantu batatu barapfuye inyuma y’aho bikekwa ko hari umugera wa hantavirus mu bwato butwara abantu.

    Ng'ibi ivyo tuzi n'ivyo tutazi gushika ubu:

    Ivyo tuzi

    • Abantu batatu bapfuye: Abantu batatu bapfuye, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS. Muri abo harimwo umugabo n'umugore bo mu Buholandi b'imyaka 70 na 69. Utwigoro two kubasubiza iwabo mu gihugu turiko turabandanya. Ikiziga c'umuntu agira gatatu kiracari mu bwato.
    • Umwongereza ari mu bitaro: Umunyagihugu umwe w'Ubwongereza w'imyaka 69 ari mu bitaro ahavurirwa indembe i Johannesburg muri Afirika y'Epfo - ni we wenyene yemejwe ko arwaye hantavirus
    • Abandi babiri barwaye muri ubwo bwato: Ishirahamwe Oceanwide Expeditions rishinzwe imirimo yo gutwara ubwo bwato rivuga ko abakozi babiri bakeneye ubuvuzi bwihuta ariko ntibemerewe kumanuka muri Cap-Vert kugira ngo bavurwe.
    • Izina ry’ubwato: Ico kiza cabereye ku bwato butwara abantu bwitwa MV Hondius, bwari butwaye abantu bashika 150 bavuye muri Argentine, ubu bukaba buri ku kivuko kiri ku mugwa mukuru wa Cape-Vert.

    Ivyo tutazi

    • Igitigiri cose c’abarwaye: Umuntu umwe yaremejwe ko arwaye, hari n’abandi batanu bakekwa ko banduye, nk’uko OMS yabibwiye BBC
    • Uko ico kiza catanguye: Ubwandu bw'uwo mugera buba iyo ushitse mu kirere uvuye mu masobe y'imbeba, mu mwanda mukuru, canke mu mate, kandi rimwe rimwe urakwiragira biciye mu kuribwa n'imbeba canke guharurwa – kwanduzwa n’abandi bantu ni imbonekarimwe
    • Ibindi bimenyetso vyoshobora guseruka: Umuhinga mu vy'imigera yabwiye BBC ko bifata kuva ku ndwi imwe gushika ku ndwi umunani kugira ngo ibimenyetso biboneke, aca abaza ati: "Tuzobona abantu benshi bandura iyo ndwara mu misi n'indwi ziri imbere?"

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Perezida wa Taiwan yasuye Eswatini nyuma y'iminsi ashinje Ubushinwa kuburizamo urugendo rwe

    Perezida wa Taiwan, Lai Ching-te, yageze muri Eswatini, nyuma y'iminsi leta ayoboye ivuze ko urugendo rwe rwari rwarahagaritswe kubera ko Ubushinwa bwocyejeigitutu ibihugu byo muri Afurika ngo byime inzira indege ye ntinyure hejuru y'ikirere cyabyo.

    Yavuze ko uruzinduko rwe muri Eswatini, igihugu rukumbi cy'Afurika gifitanye umubano wa dipolomasi na Taiwan, rwabaye nyuma y’“iminsi y’imyiteguro yitondewe yakozwe n'amatsinda ashinzwe dipolomasi n’umutekano w’igihugu”, ariko ntiyatangaje ibisobanuro birambuye ku buryo yagezeyo.

    Ubushinwa bwasobanuye uru ruzinduko nk’“ikinamico yo kwinjira mu gihugu mu buryo bwo kwihishahisha”. Ubushinwa bufata Taiwan nk’igice cy’ubutaka bwabwo kidafite uburenganzira bwo kugirana umubano n’ibindi bihugu nk’igihugu cyigenga.

    Umuvugizi wa minisiteri y’ububanyi n’amahanga w'Amerika yavuze ko urugendo rwa Lai ari “urusanzwe kandi rutagombye gushyirwa muri politiki”.

    Amafoto yagaragaje Lai yakiriwe na Minisitiri w’intebe wa Eswatini, Russell Dlamini, ubwo yanyuraga imbere y’ingabo zari zihagaze mu kumuha icyubahiro.

    Intumwa za Taiwan zirikumwe na we zirimo na Minisitiri w’ububanyi n’amahanga Lin Chia-lung hamwe n’Umujyanama w’inama y’umutekano w’igihugu, Alex Huang, nk’uko byatangajwe n’ibiro bya Perezida wa Taiwan.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Afrika y'Epfo: Umupolisi yamanutse mu ruzi rurimo ingona kugira ngo atore ibisigarira vy'umuntu

    Polisi yo muri Afirika y’Epfo yarashoboye kuronka ibisigarira vy’umuntu inyuma y’aho umupolisi umwe amanuwe mu ndege ya kajugujugu aja mu ruzi rurimo ingona mu gikorwa co kurondera umudandaza yari yatwawe n’amazi y'imyuzure mu ndwi imwe irenga iheze.

    Ingona bikekwa ko yariye uwo muntu yari yaramaze kwicwa, ariko Kapiteni Johan “Pottie” Potgieter yavuze ko naho biri uko, vyari ibintu biteye ubwoba cane.

    Yabwiye urubuga rwa News24 ati: “Aho umutwe w’ingona uri si ho hantu heza ho kuja.”

    Potgieter amaze gukoresha umugozi kugira ngo afate iyo ngona, bompi barateruwe kure y’uruzi Komati mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

    Ubu hagiye gukorwa isuzuma rya ADN kugira bamenye neza ko ivyo bisigarira vy’umubiri ari ivy’uwo muntu yari yabuze.

    Imodoka yiwe yari yafashwe n’amazi igihe yariko aragerageza kurenga ikiraro kiri asubira hasi kiri ku ruzi rwari rwuzuye mu ndwi irenga iheze. Abapolisi bashitse aho vyabereye basanga imodoka iragaragara (irimo ubusa), bituma bikeka ko yatwawe n’amazi, nk’uko vyavuzwe na Koloneli Mavela Masondo, avugira abapolisi bo mu ntara ya Mpumalanga, abwira iradiyo y’igihugu SABC.

    Abategetsi bakoresheje indege nto zitajamo abapilote (zizwi nka drone) n’indege zitwara abantu, mu gikorwa co kurondera, babona akazinga gatoyi aho ingona zitari nke zariko zirota izuba, nk’uko vyasiguwe na Potgieter, arongoye igice c’abapolisi bo kwibira mu mazi.

    Yavuze ko, kubera uburambe afise bw’imyaka myinshi, we na bagenzi be bashoboye kubona ko imwe muri izo ngona yari iherutse kurya.

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Trump avuga ko Amerika igiye 'kuyobora' amato yaheze mu muhora wa Hormuz akahava

    Perezida w’Amerika Donald Trump yavuze ko Amerika izafasha mu kuyobora amato yaheze mu muhora wa Hormuz akahava guhera kuri uyu wa mbere.

    Perezida Trump yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ati: “Ku neza ya Iran, Uburasirazuba bwo Hagati, na Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika], twabwiye ibi Bihugu ko tuzayobora Amato yabyo mu mutekano akava muri Nzira zo mu mazi zabujijwe, kugira ngo ashobore gukomeza mu bwisanzure kandi mu buryo ashoboye imirimo yayo.” Ntiyasobanuye ibyo bihugu ibyo ari byo.

    Trump yavuze ko ukwivanga uko ari ko kose muri icyo gikorwa cya gisirikare (operation), yise “Project Freedom”, cyangwa “Umushinga w’Ubwisanzure” ugenekereje mu Kinyarwanda, “kugomba guhashywa n’imbaraga”.

    Iran yagabanyije cyane ingendo z’amato anyura muri iyo nzira yo mu mazi y’ingenzi cyane, kuva intambara n’Amerika itangiye muri Gashyantare (2) uyu mwaka. Amerika na yo yakumiriye amato mu mazi ku byambu bya Iran.

    Ebrahim Azizi, Depite ukomeye mu nteko ishingamategeko ya Iran, wahoze ari umukuru w’umutwe wihariye wo mu ngabo za Iran witwa ‘Islamic Revolutionary Guards Corps’, yanditse ku mbuga nkoranyambaga ko “ukwivanga uko ari ko kose kw’Amerika” kuzafatwa ko ari “ihonyora ry’agahenge”.

    Mu butumwa bwe, Trump yanavuze ko abahagarariye Amerika barimo kugirana ibiganiro “byiza cyane” na Iran, kandi ko ibyo biganiro “bishobora kugeza ku kintu cyiza cyane kuri bose”.

    Trump yongeyeho ko icyo gikorwa kizaba ari “ikimenyetso cy’ubumuntu” gikozwe mu izina ry’Amerika, Iran n’ibindi bihugu byo mu Burasirazuba bwo Hagati, ariko ntiyabirondora. Nta yandi makuru yatanze ku kuntu ubufatanye na Iran buzakorwa.

    Rumwe mu nzego nkuru z'imirwano z’ingabo z’Amerika (US Central Command) rwavuze ko abasirikare 15,000, amato y’intambara ashwanyaguza ibisasu bya misile hamwe n’indege zirenga 100 ari byo bizakoreshwa muri “Project Freedom”.

    Mu cyumweru gishize, Arsenio Dominguez, umukuru w’umuryango mpuzamahanga w’ubwikorezi bwo mu mazi magari (IMO), yavuze ko amato 2,000 n’abagenzi 20,000 baheze mu muhora wa Hormuz.

    Izindi nkuru wasoma:

  15. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.