Tedros wa OMS yageze i Kinshasa kandi yitezwe no kujya Ituri kurwanya Ebola
Tedros amaze iminsi atanga ubutumwa bw’icyizere no kwifatanya na Congo avuga ko batari bonyine, kandi ko azakora ibishoboka byose ngo abafashe.
Incamake
- Ubushikiranganji bw'Imigenderanire y'Ibihugu vya Iran: Agacerere k'inzego mpuzamakungu kazotuma Israeli irushiriza gukora ibitero
- Uwuserukira Uburusiya muri Romania yirukanywe inyuma y'Igitero ca Drone
- N'imiburiburi abana 11 barishwe canke barakomereka buri musi mu bitero vya Israel kuri Libani mu ndwi iheze - UNICEF
- Umuhungu wa Brad Pitt na Angelina Jolie, Maddox, agiye gukura izina "Pitt" ku mazina yiwe
- Kenya - Umuriro ku buraro bw'abanyeshure: 8 batawe muri yompi ku mvo z'amatohoza
- RD Congo – Ebola: Mu buryo bukenewe hamaze kuboneka ica gatatu gusa - Umukuru wa OMS
- Urwandiko rwitirirwa Cambodge rutegeka Abanyafrika bose kuva muri ico gihugu si urw'ukuri – Uganda
- Kenya: Urukiko rwahagaritse umugambi wa leta w'ikigo cyo gushyira mu kato abanyamerika bakekwaho Ebola
- Igikombe cy'isi cya 6! Messi yahamagawe nanone na Argentine
- US: Uwari umukozi wa CIA iwe bahafatiye zahabu y'agaciro ka miliyoni 40$
- Tedros wa OMS yageze i Kinshasa kandi yitezwe no kujya na Ituri
- Amerika na Iran bari 'hafi cyane' yo kumvikana ariko 'ntiturabigeraho' – JD Vance
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Gisele Berwa, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo
Ebola Muri Afrika: Amahera ariko aragabanuka mu gihe abarwayi bo baguma bongerekana

Ahavuye isanamu, Reuters
Utwigoro two guhagarika ikiza ca Ebola muri Afrika yo Hagati no mu Buseruko turiko turahura n’ingorane nyinshi, mu gihe abajejwe amagara y’abantu kwisi baburira ko uburyo buriho bushobora kudakwira kugira ngo ico kiza gihagarare.
Ikigo ca Afurika kijejwe gukinga no kurwanya indwara z’ibiza, Africa CDC, kivuga ko imfashanyo zari zemewe gutangwa mu kurwanya Ebola zagabanutse cane. Kuva ku mafaranga ashika imiliyoni 500 z’amadorari zari zemerewe gutangwa mu ntango z’iyi ndwi, ubu imiliyoni 290 gusa arizo zizewe ko zizotangwa .
Uwurongoye Africa CDC, Jean Kaseya, yaneguye abatanga imfashanyo bahinduye ivyemezo vyabo, avuga ko bidashoboka guhagarika iki kiza ata buryo bukwiye buhari.
Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, ryatangaje ko iki kiza c’ubwoko bwa Bundibugyo bwa Ebola ari ikibazo c’amagara y’abantu gihangayikishije isi yose.
Muri Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, abarenga igihumbi nibo bikekwa ko banduye, nayo abarenga 220 bakekwa ko bishwe n’iyo ndwara.
Muri Uganda na ho,uyu munsi hemejwe abandi babiri banduye mu gisagara ca kampala .ubu abamaze kwemezwa ko banduye murico gihugu bakaba ari abantu icenda,
Hagati aho, sentare yo muri Kenya yahagaritse vyagateganyo umugambi wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika wo gushinga ikigo co kwakiriramwo abarwayi ba Ebola muri ico gihugu, inyuma y’aho amashirahamwe amwe n’amwe hamwe n’abanyagihugu bagaragaje amakenga ku ngaruka zishobora guterwa n’uwo mugambi. Ico kigo cari kigenewe kwakira Abanyamerika bashobora kuba baranduye iyo ndwara muri aka karere.
Mu gihe ibihugu bitandukanye biriko birakaza ingingo zo kugenzura imbibe no gukurikirana abanduye, abahinga mu vy’amagara y’abantu bavuga ko gutahura kare abanduye, kuronka uburyo bukwiye no gukomeza gufashanya hagati y’ibihugu ari vyo bizofasha guhagarika ikwiragira ry’iki kiza.
Ubushikiranganji bw'Imigenderanire y'Ibihugu vya Iran: Agacerere k'inzego mpuzamakungu kazotuma Israeli irushiriza gukora ibitero

Ahavuye isanamu, DPA
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Irani n'ayandi makungu, Ismail Baghai, yateye ivyatsi ukwiyongera kw'ibitero vya Israel mu bice bitandukanye vya Libani, harimwo n'umurwa mukuru Beirut.
Baghai yavuze ko "agacerere n'ukutagira ico inzego mpuzamakungu zikora" bituma Israel irushiriza gukora ibitero.
Uwo muvugizi kandi yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari umufatanyabikorwa kandi zifise uruhara mu vyaha vyose Israel ikorera muri Libani, mu ntara z'Abanyapalestina no mu karere kose.
Abantu benshi bamaze kwicwa muri Libani mu gihe ibitero vy'igisirikare ca Israel vyarushirije gukara muri iyi misi iheze.
Israel yavuze ko ibi bitero ari ibirondera Hezbollah, umugwi ukorera muri Liban.
Igisirikare ca Israel kandi casavye ababa hafi kimwe c'umunani c'ubutaka bwa Libani kuva mu ngo zabo bakaja mu turere two mu buraruko bw'ico gihugu.
Izindi nkuru wosoma :
Uwuserukira Uburusiya muri Romania yirukanywe inyuma y’Igitero ca Drone

Ahavuye isanamu, EBU
Insiguro y'isanamu, umukuru w'igihugu wa Romania Nicușor Dan Roumanie yirukanye uwuserukira uburusiya murico gihugu yongera kandi yugara ambasade y’Uburusiya inyuma y’uko drone zibiri z’Uburusiya zigwiriye ahantu haba abantu.
Abantu babiri barakomeretse muri ico gitero cabereye mu gisagara ca Galati, mu buseruko bwa Romania hafi y’urubibe ihana na Ukraine. Abategetsi ba Romania bavuze ko uwuserukira Uburusiya atagishemeye kuba muri ico gihugu.
Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu c’Uburusiya yavuze ko Perezida Putin yamenyeshejwe ivy’iyo mpanuka ya drone. Ibinyamakuru vy'Uburusiya vyavuze ko Uburusiya buzofata ingingo zo kwishura ico cemezo ca Romania co kwirukana uwo muserukizi.
Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Romania bwavuze ko ico gitero ari “ukwongereza ibibazo mu buryo bukomeye kandi butabereye.”
Naho indege zitagira umudereva z'Uburusiya zari zimaze kwinjira mu kirere ca Roumanie mu ntambara yo muri Ukraine, bubaye ubwa mbere abasivile ba Romania bakomeretse, ivyo bikaba biteye impungenge ko intambara ishobora kwinjirira ku butaka bwa OTAN.
N’imiburiburi abana 11 barishwe canke barakomereka buri musi mu bitero vya Israel kuri Libani mu ndwi iheze - UNICEF

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, UNICEF rivuga ko, muri rusangi, abana 77 ari bo bishwe canke bakomerekeye mu bitero vya Israel kuri Libani mu ndwi iheze. Ishami rya ONU ryitaho ineza y’abana UNICEF, rivuga ko n’imiburiburi abana 11 ari bo bishwe canke barakometse, buri musi, mu bitero Israel yagavye kuri Libani mu ndwi iheze.
N’ubwo vyitwa ko hari agahengwe hagati y’impande zompi, Israel yarongereje umurindi n’ubwinshi bw’ibitero kuri Libani.
Akarorero, ibitero bikomeye vyaratumberejwe ku bisagara n’ibigwati vyo mu bumanuko bw’ico gihugu kuva ku mugoroba wo ku wa gatatu gushika mu gitondo co ku wa kane.
Muri ico gihe nyene, Israel yaratangaje n’utundi duce two muri Libani ifata nk’utwo itegekanya gukoreramwo ibikorwa vya gisirikare, nk’uko bishikirizwa na BBC Persian, ishami rya BBC ryandika mu rurimi rw’igi Perse.
Ishirahamwe UNICEF rivuga ko, muri rusangi, abana 77 ari bo bishwe canke bakomerekeye mu bitero vya Israel kuri Libani mu ndwi iheze.
Nk’uko biri mu cegeranyo c’iryo shirahamwe cerekeye ikiringo co kuva hatangajwe agahengwe hagati ya Libani na Israel muri Ndamukiza (4), abana 55 baramaze kwicwa mu gihe abandi 212 bakomeretse.
Umuvugizi wa UNICEF, Ricardo Pearce, yavuze ko ivyo biharuro “biteye ubwoba cane.”
Agahengwe hagati ya Israel na Libani kari katangajwe na Amerika ku wa 16 Ndamukiza uwu mwaka, kategekanya ko intambara ihagarara.
Izindi nkuru wosoma:
Umuhungu wa Brad Pitt na Angelina Jolie, Maddox, agiye gukura izina "Pitt" ku mazina yiwe

Ahavuye isanamu, Social media/X
Umuhungu wa Brad Pitt na Angelina Jolie, Maddox Jolie-Pitt, asa n'uwushaka kwitandukanya na se wiwe, kuko yatanguye inzira yo gukura izina "Pitt" ku mazina yiwe imbere y'amategeko.
Maddox yashikirije urwandiko rusaba guhindura izina ryiwe mu mategeko, aho asaba gukurwako "Pitt" maze akitwa gusa Maddox Chivan Jolie.
Iyi ngingo ikurikiye kuba Maddox yari yamaze gukura izina Pitt ku mazina akoresha mu kazi. Mu mazina y'abakoze kuri filime nshasha ya Angelina Jolie yitwa Couture, Maddox yanditswe nka"Maddox Jolie", aho yakoze nk’icegera c’uwurongoye iyo filime.
Maddox yiyongereye ku bandi bana bamwe bo muri uwo muryango bamaze gukura canke kureka gukoresha izina Pitt. Mushiki wiwe Shiloh Jolie yararihinduye mu buryo bwemewe n'amategeko, mu gihe Zahara Jolie na Vivienne Jolie nabo batakiyakoresha mu bikorwa vyabo.
Bivugwa ko benshi muri abo bana basa n'abagerageza kwitandukanya na se wabo, ibintu vyarushirije kwibonekeza kuva Brad Pitt na Angelina Jolie batangura imigambi yo kwahukana mu 2016, urubanza rwagiye guhera mu 2024.
N'aho igisabo ca Maddox co guhindura izina kitaremezwa na sentare, benshi babona ko gishobora kwemezwa mu gihe kiri imbere.
Kenya - Umuriro ku buraro bw’abanyeshure: 8 batawe muri yompi ku mvo z’amatohoza

Ahavuye isanamu, Andalou via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Abavyeyi, incuti n'ababanyi b'abanyeshure baguma baza kw'ishure mu gihe amatohoza ariko arabandanya Abanyeshure umunani (8) bafashwe bifitaniye isano n’umuriro wadutse mu buraro bw’ishure ry’abigeme ‘Utumishi Girls Senior Secondary School’ riherere mu gisagara ca Gilgil, mu ntara ya Nakuru, uhitana abanyeshure 16.
Urwego rujejwe amatohoza muri Kenya (DCI) rwemeje ihagarikwa ryabo. Rusigura ko bahagaritswe inyuma y’amatohoza y’ibanze ku vyabaye, aho abategetsi bikeka ko ubwo buraro bwaturiwe nkana n’abantu.
Mw’itangazo rwashize ahabona, urwego DCI rwagize ruti: “Amatohoza ya mbere yerekanye abanyeshure umunani bakekwa kuba baragize uruhara mu gutegura no gushira mu ngiro umugambi wo kwatsa uwo muriro. Abo bigeme umunani baramaze gufatwa bakaba bari mu minwe y’igipolisi.”
Uwo muriro wadutse ku wa kane mu buraro bw’abanyeshure bwitwa ‘Meline Waithera’ buri mu kigo c’ishure, wonona igice c’igorofa ya nyuma. Iyo nyubakwa isanzwe igizwe n’amagorofa abiri.
Ibiziga 16 ni vyo vyatowe muri ico kibanza. Vyaciye bijanwa mu buruhukiro, hakaba harindiriwe ibipimo vy’abaganga hamwe n’ibikorwa vyo kurondera kumenya abo bantu abo ari bo, nk’uko urwego DCI rubandanya rubivuga.
Abategetsi bavuga ko amatohoza akibandanya, aho abahinga bariko barondera gutahura icatumye uwo muriro waduka.
Itangazo rishimangira riti: “Igikorwa co gusuzuma no kwegeranya ivyemezo kirabandanya mu gihe abatohoza bariko bararondera gutahura aho uwo muriro wazananye, icawuteye, no kumenya nimba hari ibintu vyihutisha umuriro vyakoreshejwe, hamwe no gusuzuma uko umuyagankuba wari wifashe muri iyo nyubakwa.”
Kugeza ubu, abajejwe amatohoza bamaze kwumviriza abanyeshure, abarimu n’abandi bantu bashobora kuba bazi ivyabaye. Bariko kandi barasuzuma amashusho yafashwe na camera zicungera umutekano.
Umugwi udasanzwe ugizwe n’inzego za reta hamwe n’iz’umutekano wamaze gufata mu minwe ibikorwa vy’amatohoza, ukaba ukoranya abagira amatohoza mu kibanza umuriro wadukiyemwo, abahinga mu bijanye n’impfu, n’abo mw’iperereza.
Izindi nkuru wosoma:
RD Congo – Ebola: Mu buryo bukenewe hamaze kuboneka ica gatatu gusa - Umukuru wa OMS

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Dr Tedros yasavye ko abafasha mu vy’amagara bashigikirwa gusumba, mu gihe mu barenga 200 bikekwa ko bishwe na Ebola, harimwo abakozi 6 bo mu bitaro. Umukuru w’Ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO), Tedros Adhanom Ghebreyesus, yasavye amakungu kurushiriza gutanga uburyo kugira bufashe guhangana n’ikiza ca Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu gihe avuga ko hamaze kuboneka ica gatatu gusa c’imfashanyo ikenewe.
Mu rugendo yagize i Kinshasa ku wa kane, Dr Tedros yavuze ko ico kiza “gikomeye kandi kigoye cane,” aca asaba ko abafasha mu vy’amagara y’abantu boshigikirwa gusumba. Gushika ubu, abikekwa ko bamaze guhitanwa na Ebola barenga 200, hakaba harimwo abakozi batandatu bo mu bitaro.
Hagati aho, ikigo kijejwe gukinga ingwara ku mugabane wa Afrika ‘Africa CDC’ kivuga ko camenyeshejwe n’Uburusiya ibijanye n’urucanco rushasha rwa Ebola rushobora gukinga ubwoko bw’uwu mugera uriko urarandagata muri iki gihe mu bice bimwe bimwe vya RD Congo na Uganda, n’ubwo ibiganiro bikiri mu ntango.
Izindi nkuru wosoma:
Urwandiko rwitirirwa Cambodge rutegeka Abanyafrika bose kuva muri ico gihugu si urw’ukuri – Uganda

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Mu butumwa yacishije kuri X, Uganda ivuga ko yamenyeshejwe na reta ya Cambodge ko urwo rwandiko atari urw’ukuri Reta ya Uganda isaba abanyagihugu bayo kwitondera urwandiko ruriko rurahanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi na nyarigiro rwitirirwa Cambodge/Cambodia, aho bivugwamwo ko reta y’ico gihugu isaba Abanyafrika bose bari ku butaka bwaco kuba bakivuyemwo bitarenze itariki 31 z’ukwezi kwa gatanu, 2026.
Urwo rwandiko rudoma urutoke ku bihugu nka Ghana, Kenya, Cameroun, Uganda, rukavuga ko n’ibindi bitavuzwe amazina birabwa n’iyo ngingo.
Havugwamwo kandi ko uwuzorenza ico kiringo azotabwa muri yompi agacibwa amande agera ku 8,000 vy’ama dolari imbere yo kwirukanwa ku nguvu.
Mu butumwa ubushikiranganji bwa Uganda bwacishije ku rubuga rwa X, buvuga ko bwamenyeshejwe na reta ya Cambodge ko urwo rwandiko atari urw’ukuri.
Ubwo bushikiranganji bwanashize kuri X itangazo ku binyamakuru ry’igisata ca Cambodge kijejwe abinjira n’abasohoka, ritomora ko urwandiko ruriko rurahanahwa ku mbuga rwirukana Abanyafrika bose ari ikinyoma.
Izindi nkuru wosoma:
Kenya: Urukiko rwahagaritse umugambi wa leta w'ikigo cyo gushyira mu kato abanyamerika bakekwaho Ebola

Ahavuye isanamu, KBC
Insiguro y'isanamu, Ifoto y'inzu y'inkiko i Nairobi, Kenya Urukiko muri Kenya rwahagaritse gahunda yari gutangira uyu munsi yo gushyira muri icyo gihugu ikigo cyo gushyira mu kato Abanyamerika bakekwaho cyangwa banduye Ebola, mu kirego cyatanzwe n’ikigo Katiba Institute.
Urukiko rukuru i Nairobi rwategetse kubuza abakozi ba leta gushinga cyangwa gukorera icyo kigo cy'akato ndetse no kwakirira muri Kenya abantu bakekwaho Ebola, mu gihe bikiri mu manza.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zirateganya kubaka ikigo cy’ubuvuzi cy’ibitanda nibura 50 cyo kwita ku banyamerika bageze ahari Ebola mu karere, mu masezerano bumvikanyeho na leta ya Nairobi.
Leta ya Kenya ntacyo iravuga kubijyanye n'uyu mwanzuro w'urukiko.
Ibi bibaye nyuma y’uko Marco Rubio ushinzwe ububanyi n’amahanga bwa Amerika avuze ko ku wa kane yavuganye na Perezida William Ruto wa Kenya, ku bijyanye n’icyorezo cya Ebola n’ubufatanye hagati ya Amerika na Kenya mu guhangana n’icyo cyorezo.
Rubio yavuze ko Washington iteganya guha Nairobi miliyoni 13.5 z’amadolari mu bikorwa bya Kenya byo kwitegura guhangana na Ebola.
Rubio, ntabwo yavuze kuri uwo mugambi wo gushinga ikigo cyo kwita ku banyamerika bakekwaho Ebola muri Kenya.
Izindi nkuru wasoma:
Igikombe cy'isi cya 6! Messi yahamagawe nanone na Argentine

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Lionel Messi amaze gutsinda ibitero 116 mu mikino 198 yakiniye Argentina Lionel Messi azakina mu gikombe cy'isi cya gatandatu (6) ariwe Kapiteni w'ikipe ya Argentine muri iri rushanwa ry'uyu mwaka wa 2026.
Uyu rutahizamu w'imyaka 38, wafashije igihugu cye gutwara Igikombe cy'Isi cya gatatu muri Qatar nyuma yo gutsinda Ubufaransa kuri penaliti mu myaka ine ishize, yashyizwe mu bakinnyi 26 bahamagawe n'umutoza Lionel Scaloni ku wa Kane.
Messi afite agahigo ko gukina imikino myinshi y'Igikombe cy'Isi kurusha undi mukinnyi uwo ari we wese, aho amaze gukina imikino 26, inyuma ye hari Ronaldo umaze gukina 22.
Messi azahurira kuri aka gahigo n'umunya-Portugal Cristiano Ronaldo w'imyaka 41, kuko ari bo bakinnyi b'abagabo bonyine bazaba bakinnye Igikombe cy'Isi inshuro esheshatu, bizaba ari ibihe bikomeye muri iyi mpeshyi,.
Umunyezamu wa Aston Villa Emiliano Martinez, wabaye umuzamu mwiza w'igikombe cy'isi giheruka cya 2022, nawe yahamagawe.
Hari kandi ba myugariro Lisandro Martinez wa Manchester United na Cristian Romero wa Tottenham Hotspur nabo bahamagawe.
Argentina iri mu Itsinda J kandi izatangira urugendo rwayo mu mujyi wa Kansas ikina na Algeria ku wa Gatatu, tariki ya 17 Kamena (6).
Nyuma izakina indi mikino ibiri i Dallas, aho izahura na Austria/Autriche ku wa Mbere tariki ya 22 Kamena(6) na Jordan ku Cyumweru tariki ya 28 Kamena.
Messi yasimbuwe mu mukino uheruka wa Inter Miami muri Major League Soccer ku wa mbere, ariko ikipe ye yavuze ko nta mvune yagize ahubwo yari afite umunaniro w'imikaya mu kuguru kw'ibumoso inyuma y'ivi.
Messi amaze gukinira Argentina imikino 198 kandi azuzuza imikino 200 naramuka akinnye imikino ibiri ya gicuti igihugu cye gifite, uwa Honduras muri Texas ku Cyumweru tariki ya 7 Kamena n'uwa Iceland muri Alabama ku wa Kabiri tariki ya 9 Kamena (6).
Umuntu umukurikiye mu mikino myinshi mu ikipe ya Argentine ni Javier Mascherano - wahagaritse gukina - wakiniye La Albiceleste imikino 147.
US: Uwari umukozi mukuru wa CIA iwe bahafatiye zahabu y’agaciro ka miliyoni 40$

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, FBI yafashe 'bars' za zahabu 303 mu rugo rwa David Rush, uwo ibinyamakuru muri Amerika bivuga ko yari umukozi wo hejuru wa CIA kugeza vuba aha Uwahoze ari umukozi wo ku rwego rwo hejuru wa CIA mu rugo rwe muri leta ya Virginia bahasanze ‘bars’ amagana za zahabu ifite agaciro ka miliyoni 40$ ( hafi miliyari 60 Frw).
Inyandiko z’urukiko zivuga ko David Rush yasabye kenshi leta kwakira iyo zahabu “kubera ibyo yakoresheje” bigendanye n’akazi mu mwaka ushize.
Ubu araregwa kwiba umutungo wa leta, mu kirego cyatanzwe mu cyumweru gishize.
Ikinyamakuru New York Times kivuga ko kugeza vuba aha Rush yari umukozi wo ku rwego rwo hejuru wa CIA - ikigo cy’ubutasi bwo hanze cya Amerika.
Yatawe muri yombi arafungwa mu gihe bitegerejwe ko yumvwa mu rukiko muri iki cyumweru. Umwunganizi we mu mategeko yanze kugira icyo abivugaho.
Abasatse iwe bahasanze kandi miliyoni 2$ muri ‘cash’, hamwe n’amasaha menshi y’agaciro, menshi muri yo ya Rolex.
Inyandiko z’urukiko zivuga ko David Rush yari afite imbaraga zikomeye mu ibanga ndetse no kubasha kugera ku makuru menshi y’ibanga.
Araregwa ko yabeshye ku mashuri yize n’akazi ka gisirikare yakoze kugira ngo ahabwe akazi ka leta yari afite.
FBI ibajijwe, yavuze ko ku wa 19 z’uku kwezi yafashe umugabo ihawe amakuru na CIA, maze ikanasaka urugo rwe.
Muri uko gusaka, FBI yafasha ‘bars’ 303 za zahabu, buri imwe ipima hafi 1kg. Hagendewe ku giciro cya none cya zahabu, agaciro k’izafashwe ni miliyoni 40$.
Inyandiko z’urukiko ntizivuga impamvu uyu mugabo yari atunze iyo zahabu na cash nyinshi mu nzu ye, cyangwa aho yabivanye.
Izindi nkuru wasoma:
Tedros wa OMS yageze i Kinshasa kandi yitezwe no kujya na Ituri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Dr Tedros Adhanom arimo kwakirwa nyuma yo kugera ku kibuga cy'indege cya Kinshasa Umukuru w’ishami rya ONU ryita ku buzima ku isi OMS/WHO mu ijoro ryacyeye yageze i Kinshasa muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo gufasha kuyobora ibikorwa byo kurwanya Ebola.
Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus byitezwe kandi ko azakomeza akagera no mu bice byo mu burasirazuba bw’iki gihugu bikomerewe n’indwara ya Ebola ubu bivugwa ko imaze kwica abarenga 200 mu gihe abayanduye barenga 1,000 kugeza ubu.
Tedros amaze iminsi atanga ubutumwa bw’icyizere no kwifatanya na Congo avuga ko batari bonyine, kandi ko azakora ibishoboka byose ngo abafashe.
Ageze i Kinshasa yagize ati: “Iki cyorezo gishobora guhagarikwa”.
Yavuze ko abahanga barimo kugerageza guhagangana n’ubu bwoko bushya bwa Ebola Bundibugyo bwamaze ibyumweru, cyangwa amezi, bukwirakwira butaraboneka, mu karere k’icyaro mu ntara ya Ituri.
Bitandukanye n’andi moko ya Ebola yabonetse mbere, ubu bwa Bundibugyo ntabwo burabonerwa urukingo kugeza ubu, abahanga bakaba bakomeje gukora ngo barugereho.
Ibihugu bimwe ubu byahagaritse ingendo ziva n’izijya muri DR Congo, birimo na Uganda igihugu gituranyi na Congo.
Amerika na Iran bari ‘hafi cyane’ yo kumvikana ariko ‘ntiturabigeraho’ – JD Vance

Ahavuye isanamu, Reuters
Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran baracyakeneye gukora ku ngingo zitandukanye zikomeye mbere yo kugera ku kumvikana guhagarika intambara, nk’uko bivugwa na Visi Perezida JD Vance wa Amerika
Abajijwe na BBC niba Perezida Donald Trump yari hafi gusinya ku kumvikana, Vance yavuze ko ari kare cyane kuvuga ngo “ni ryari cyangwa niba” impande zombi zizagera ku kumvikana.
Ayo masezerano bivugwa ko yakongera agahenge kakaba iminsi 60 kandi agatangiza ibiganiro mu gihe kizaza kuri gahunda y’ingufu nikleyeri za Iran.
Kuwa kane, abategetsi ba Amerika babwiye BBC ko ibihugu byombi byumvikane ku miterere y’ibanze y’amasezerano, ko hasigaye ko yemezwa na Trump n’ubutegetsi bwa Iran.
Ariko igitangazamakuru Tasnim cyo muri Iran cyavuze ko nta masezerano aragerwaho cyangwa ngo yemezwe.
Kuwa kane nijoro, JD Vance yavuze ko abakuriye ibiganiro bari “gusubiramo bimwe mu bigendanye n’indimi”, harimo n’ikibazo cyo “gutunganya” ubutare bwa Uranium.
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
