IKIBIRIRAHO, Umukuru w'igisirikare ca Israel ati ‘dukeneye abasirikare benshi’
Umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare wa israel, Eyal Zamir, yavuze ko igisirikare ca Israel gishobora kubandanya kurwana mu mpande nyinshi muri uyu waka wa 2026.
Abanyagihugu ba Irani bavuga ko ibiciro vy'ibiciro
vyiyongereye muri iyi minsi.
Ahavuye isanamu, AFP Via Getty Images
Ahavuye isanamu, AFP Via Getty Images
Ahavuye isanamu, AFP Via Getty Images
Ahavuye isanamu, AFP Via Getty Images
Ahavuye isanamu, AFP Via Getty Images
Ahavuye isanamu, AFP Via Getty Images
Umukuru w'igisirikare ca Israel ati ‘dukeneye abasirikare benshi’
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare wa israel, Eyal Zamir, yavuze ko igisirikare ca Israel gishobora kubandanya kurwana mu mpande nyinshi muri uyu waka wa 2026.
Ivyo yabivuze mu nama yabaye ku musi wa mbere ku mugoroba ku kibuga c'indege ca Ramat David kiri mu buraruko bwa Israel, aho bariko barasuzuma ivyavuye mu ntambara na Irani hamwe n'ibikorwa vya gisirikare Israel iriko ikorera muri Libani.
Eyal Zamir yavuze ati: "Kuva kw'igenekerezo rya 7 Gitugutu 2023, igisirikare ca Israel kibandanya kurwana ku mpande nyinshi kandi igisirikare kiguma citeguye kandi kiri maso igihe cose kugira gishobore kwishura ubwo nyene mu gihe indwano ikomeye yosubira gutangura ku mpande zose."
Yavuze kandi ko igisirikare ca Israel gikeneye abasirikare benshi kubera ko amabanga y'igisirikare ariko ariyongera mu myaka iri imbere.
Iri jambo ryiwe rije mu gihe hari agahengwe k’intambara kari hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Israel na Iran.
Iran iherutse gushikiriza Leta Zunze Ubumwe za Amerika umushinge wo guhagarika intambara, ariko ibiro ntaramakuru Reuters vyavuze ko hari umutegetsi yavuze ko Perezida wa Amerika, Donald Trump, atanyuzwe n’uwo mugambi.
RD Congo: Umudepite asaba ko batatu barimo na Etienne Tshisekedi bogirwa intwari z'igihugu
Ahavuye isanamu, Radio Okapi
Umushingamateka wo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo
yashikirije iciyumviro ko abantu batatu bazwi cane muri kahise bogirwa intwari, asaba inama nshingamateka kwihutisha ico gikorwa imbere
y'uko umusi mukuru w'ukwikukira urangira.
André Mbata, ari mu mugambwe wa Perezida Félix Tshisekedi, yavuze ko ico ciyumviro gikwiye kwihwezwa
vyihuta kugira ngo cemezwe imbere yo ku wa 30 Ruheshi (6) 2026, umusi
uzoba uhwanye n’imyaka 66 ico gihugu kimaze cikukiye.
Ico ciyumviro kivuga ko Étienne Tshisekedi, se wa Perezida Félix Tshisekedi, "Umuhanuzikazi" Kimpa Vita, n'"Umuhanuzi" Simon Kimbangu, ari bo boshirwa mu rwego rw’Urutonde rw’Intwari z’Igihugu, yisunze itegeko ryo muri ico gihugu ryo mu 2025 rivuga ingene intwari zigenwa.
Mbata yavuze ko Kimpa Vita ari ikimenyetso co kurwanya
ubutegetsi bw'abakoloni ba Portugal mu kinjana ca 18, mu gihe Kimbangu
yashimiwe ko yateye intege imigwi yo kurwanya ubukoloni no gushinga ishengero
rikomeye ryo muri Afrika rifise abayoboke amamiliyoni muri iki gihe.
Étienne Tshisekedi, umwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi mu ntwaro zaheze, yapfuye mu 2017, yashimiwe ku rugamba rwiwe rwamaze imyaka iharurwa muri mirongo ruharanira demokarasi.
Abashigikiye Depite Mbata bavuga ko ari uburyo bwo gukomeza
ubumwe n'akaranga k'igihugu. Yavuze ko yizeye ko ico ciyumviro kizoshigikirwa
n'inama nshingamateka.
Mojtaba Khamenei wa Iran ariho ni muzima? Iki ni igisubizo cyatanzwe na Marco Rubio wa Amerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Mojtaba Khamenei
Minisitiri
w’ububanyi n’amahanga wa Amerika yavuze ko ubutegetsi muri Iran buri mu maboko
y’abafite “ibitekerezo bihejeje inguni”.
Mu kiganiro
na Fox News, Marco Rubio yagize ati: “Abantu bahejeje inguni ku kwemera kw’idini
ntabwo ari abakuriye Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) gusa, hari
n’abari muri politike ya Iran n’ababakikije”.
Muri iki kiganiro Rubio yabajijwe niba atekereza ko Umutegetsi
w’Ikirenga mushya wa Iran Mojtaba Khamenei akiriho.
Yasubije ati: “Yego, dufite amakuru ko ariho ariko nta
gihamya ya nyuma y’ibi. Iran na yo yakomeje kuvuga ko ariho.”
Kuva yatangazwa nk’umutegetsi mushya wa Iran asimbuye se Ayatollah
Ali Khamenei wari umaze kwicwa atunguwe, Mojtaba Khamenei ntaraboneka mu
ruhame, mu mashusho cyangwa ku mafoto. Ubutumwa bwe bwanditse ni bwo
busubirwamo n’ibinyamakuru.
Igitero cyahitanye se cyishe kandi umugore we Zahra
Haddad-Adel nk’uko byemejwe n’abategetsi ba Iran.
IS yigamvye igitero ciciwemo abantu 29 muri Nigeria
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ikibuga ca Teslim Balogun c'i Lagos muri Nigeria (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)
Abantu bitwaje ibirwanisho bishe n'imiburiburi abantu 29 mu
gitero cagabwe mu gace ko mu ntara ya Adamawa iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, nk'uko bivugwa
n'abategetsi bo muri ako karere hamwe n'ababibonye.
Abategetsi hamwe n’abanyagihugu bavuga ko abo bateye binjiye ku kibuga c’umupira w’amaguru, aho abantu bari bakoraniye, baca batangura kurasa ata kurobanura, imbere yo guturira amazu, ibibanza vy’amasengesho n’amapikipiki.
Umurwi wiyita Reta ya Kisilamu (Islamic State, IS) wavuze ko ari wo wagavye ico gitero, naho utasobanuye neza ico wari ugamije.
Inyuma yo kugendera ahabereye ico gitero, Buramatari w'iyo ntara, Ahmadu Umaru Fintiri, yavuze ko ico gitero ari "igitutsi ku bumuntu bwacu".
Ibiro vyiwe vyo kumenyesha amakuru vyavuze ko ico gitero camaze amasaha atari make, gisiga abanyagihugu mu gahundwe n'ubwoba.
Abantu benshi barakomerekeye muri ico gitero, bamwe muri bo bariko baravurirwa mu mavuriro yo muri ako karere. Abategetsi bavuga ko igikorwa co gutabara no kurondera aboba bakiri mu kaga kiriko kirabandanya, mu gihe abasirikare n’abapolisi barungitswe mu karere kugira bongereze umutekano.
Ako karere kari hafi y’umupaka wa Cameroun kamaze imyaka kabamwo umutekano muke, aho imigwi y’abagizi ba nabi hamwe n’iyifitaniye isano n'umurwi wa IS ikora ibitero vyisubiriza.
Mbere muri uku kwezi, abantu bashika hafi 400 baraciriwe imanza zo mu kivunga bagirizwa gukorana n'imigwi y'intagondwa igendera ku vyiyumviro vyiyitirira idini rya Islam, nka Boko Haram, mw'ishami ryayo ryo muri Afrika y'uburengero (ISWAP).
Kuva bitanguye mu 2009, ibitero vya Boko Haram bimaze guhitana abantu ibihumbi biharurwa muri za mirongo, abarenga imiliyoni zibiri bata izabo, nk'uko bivugwa n'amashirahamwe atanga imfashanyo.
Ibitero vy'imitwe nk'iyo vyarageze no mu bihugu bibanyi vya Niger, Tchad na Cameroun.
Korea ya Ruguru: Igitigiri c'abanyonzwe carongerekanye cane mu gihe ca Covid-19 – icegeranyo
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Kim Jong-un ari ku butegetsi kuva mu 2011
Igitigiri c'abanyonzwe muri Koreya ya Ruguru ciyongereye cane
mu gihe c'ikiza ca Covid-19, nk’uko ishirahamwe ry'i Séoul muri Koreya y'Epfo ribivuga.
Kuva mu kwezi kwa mbere mu 2020 gushika mu mpera z'umwaka wa
2024, n'imiburiburi abantu 153 baranyonzwe canke bacirwa urubanza rwo gupfa, ivyo
bikaba vyariyongereye cane ugereranije n'abantu 44 mu myaka itanu imbere y'ico
kiza, nk'uko bivugwa n'icegeranyo c'ishirahamwe rijejwe ubutungane bw'imfatakibanza (Transitional Justice Working Group, TJWG mu mfunyafunyo).
Bimwe mu vyaha vyakunze kuvugwa cane bijanye n’idini,
imigenzo yo kwizera ibintu bitabaho, hamwe no gukurikiza umuco uva hanze y'igihugu –
harimwo no kuraba amasinema yo muri Koreya y’Epfo canke kwumviriza umuziki wa
K-pop.
Igitigiri c'abanyonzwe caragabanutse hagati y'umwaka wa
2015 na 2019 kubera igitutu c'amakungu inyuma y'amatohoza ya ONU. Ariko mu
2020, igitigiri c'abanyongwa cariyongereye cane inyuma y’uko ubutegetsi bw'i Pyongyang bwugaye imbibe
z'ico gihugu, nk’uko TJWG ibandanya ibivuga.
Iryo shirahamwe rivuga ko igitigiri c'abanyonzwe muri Koreya
ya Ruguru cari kinini mu myaka ya mbere y'ubutegetsi bwa Kim Jong-un, aho abantu
barenga 80 bishwe mu 2013.
Ico gitigiri gisa n'icagabanutse inyuma y'itohoza
rikomeye rya ONU ryerekanye ko Pyongyang ihonyanga agateka ka zina muntu mu buryo bugambiriwe.
Ariko mu 2020, n'imiburiburi abantu 54 baranyonzwe, hamwe
n'abantu 45 mu mwaka wakurikiye, bitandukanye n'abantu batanu banyonzwe ku mwaka
hagati ya 2016 na 2019.
Mu bwicanyi 144 bwagenzuwe, abanyonzwe canke
abaciriwe urubanza rwo kwicwa mu gihe c’ubutegetsi bwa Kim Jong-un, ivyaha
bikunze kugaruka cane – bingana n'ubwicanyi 29 – bijanye n’idini, imigenzo y’ukuziririza hamwe no gukurikiza imico y'abanyamahanga,
nk’uko TJWG ibivuga.
Umwami Charles w'Ubwongereza n'Umwamikazi Camilla bageze muri Amerika mu ntangiriro y'uruzinduko rw'iminsi ine rwo ku rwego rwa leta – rwa mbere rubayeho kuva Umwamikazi Elizabeth II akoreye uruzinduko muri Amerika mu 2007.
Bageze ku kibuga cy’indege cya gisirikare cya Andrews muri leta ya Maryland, nyuma, ku biro bya Perezida, basuhuzanya na Perezida Donald Trump n’umugore we Melania Trump.
Umutekano wakajijwe cyane nyuma y’igikorwa cyo kurasa cyo ku wa gatandatu cyabereye i Washington DC mu birori byari byitabiriwe na Perezida w'Amerika.
Umwami Charles arageza ijambo ku nteko ishingamategeko y'Amerika kuri uyu wa kabiri, kandi biteganyijwe ko azagaragaza kwifatanya n'Amerika kubera icyo gitero.
Biteganyijwe kandi ko mu ijambo rye azavuga ko mu bihe by’ibibazo bikomeye mpuzamahanga ari ngombwa kurusha mu kindi gihe icyo ari cyo cyose guhagarara hamwe mu kurengera indangagaciro za demokarasi.
Umwami azavuga ko nubwo hariho kutumvikana hagati y'Amerika n’Ubwongereza muri iki gihe, “kenshi na kenshi, ibihugu byacu byombi byagiye bibona uburyo bwo kongera kwishyira hamwe.”
Azashishikariza kurengera izo ndangagaciro, haba mu gushyigikira umuryango wo gutabarana w'Uburayi n'Amerika (NATO/OTAN) cyangwa mu kurengera Ukraine, nk’uko amakuru aturuka ibwami abivuga.
Umwami azabwira abagize inteko ishingamategeko y'Amerika ko ubufatanye bw’ibihugu byo ku mpande zombi z’inyanja ya Atlantika bushingiye ku “mutima mwiza wo gutanga [kugira ubuntu] no ku nshingano yo guteza imbere impuhwe, kwimakaza amahoro, gushimangira ubwumvikane no guha agaciro abantu b'imyemerere yose y'idini n'abatayigira.”
Ubwato bunini cane buva mu Burusiya bwaciye mu muhora wa Hormuz n'aho hugaye
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ubwo bwato buzimvye bufise agaciro k'imiliyoni 500 z'amadolari ya Amerika, bwaciye muri uwo muhora mu mpera z'indwi iheze
Ubwato bunini cane bufitaniye isano n’umwe mu bantu bakomeye cane
bashigikiye umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, bwaciye mu muhora wa
Hormuz n’aho iyo nzira ikomeye y'igitoro yugaye.
Ubwo bwato bwitwa Nord, bufise uburebure bwa metero 142,
bufitaniye isano n’umurwizatunga w’Umurusiya yafatiwe ibihano, Alexey
Mordashov, bwavuye i Dubai buja i Muscat muri Oman mu mpera z’indwi, bukaba ari
bumwe mu bwato bw’abantu ku giti cabo buke cane bwaciye muri iyo nzira muri aya
mezi aheze.
Muri iyi misi, Iran yaragiranye ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru n’Uburusiya, mu gihe uguhangana kwayo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku
bijanye no gusubira kwugurura uwo muhora bikibandanya.
Hafi ica gatanu c'ibitoro vy'isi hamwe na gaz bisanzwe
bica muri uwo muhora wo mu mazi.
Naho Alexey Mordashov afitaniye ubucuti bwa hafi na Vladimir
Putin, ubwo bwato ntibumwanditseko.
Ariko ivyangombwa bigaragaza ko bwanditswe kw'ishirahamwe ry’umugore wiwe mu 2022.
Ubwo bwato bwa Nord, buharurwa ko bufise agaciro karenga
imiliyoni 500 z’amadorari ya Amerika, bwavuye i Dubai ku wa gatanu mw'ijoro bushika i Al
Mouj, ku kivuko kiri mu murwa mukuru wa Oman, ku wa mungu mu gitondo, nk’uko
amakuru ava ku rubuga rwa Marine Traffic abivuga.
Uruja n’uruza rw’ubwato muri uwo muhora muri ako karere
ko mu kigobe rwaragabanutse cane ugereranije n’igihe intambara itari bwatangure.
Iyo ntambara yatumye ibiciro vy’igitoro kw'isi biduga
cane, aho igiciro c'igitoro kw'isi ca Brent caduze gushika ku madolari
109 ku kagunguru ku musi wa mbere.
Ucyekwa yarezwe kugerageza kwica Trump mu isangira n'abanyamakuru i Washington
Ahavuye isanamu, Reuters
Umugabo wo muri leta
ya California yarezwe kugerageza kwica Perezida w’Amerika Donald Trump, mu
byabaye byatumye hasuzumwa uburyo umutekano w’ibiro bya Perezida w’Amerika –
White House – ucungwamo.
Cole Tomas Allen, w’imyaka
31, yanarezwe ibyaha bibiri byo gutunga imbunda, ubwo ku wa mbere yitabaga mu
rukiko rw’i Washington DC. Nta cyo yavuze ku byo aregwa.
Abashinjacyaha bavuga
ko mu isangira ryo ku wa gatandatu nimugoroba rya Perezida Trump n’abanyamakuru
batara amakuru muri White House, uwo yari yitwaje imbunda nto irasa urufaya mu
buryo bw’igice (semi-automatic handgun), indi mbunda nto hamwe n’ibyuma bitatu,
ubwo yanyuraga yihuse kuri bariyeri y’umutekano y’abaheraga iryo sangira.
Umwe mu bo mu ishami ricunga
umutekano wa perezida n’uw’abandi bategetsi bakomeye n’abahoze ari abategetsi
bakomeye – ryitwa US Secret Service – yararashwe ariko ntiyakomereka cyane muri
icyo gitero cyabereye kuri hoteli. Ushinjwa ashobora gukatirwa igifungo cya
burundu ibyo aregwa nibiramuka bimuhamye.
Yambaye umwenda
ufatanye hejuru no hasi w’ibara ry’ubururu uriho ikirango kiriho izina
rye, ucyekwa yagaragaye atuje ubwo ku wa mbere yari ari mu rukiko rwo mu murwa
mukuru w’Amerika.
Yavugaga mu ijwi
rituje ubwo yasubizaga hafi buri kibazo cyose cy’umucamanza, agakoresha imvugo
ngo “yego, nyakubahwa” cyangwa “oya, nyakubahwa”.
Yavuze imyaka ye ndetse avuga ko afite impamyabumenyi ya kaminuza yo ku
rwego rwa 'master's degree' (maîtrise).