Kenya: Sentare yafatiriye ibihumbi amajana vy'amadorari vya sosiyete yo mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amafaranga arenga 274 y'ama dorari y'ishami rya sosiyete yanditswe mu Burundi aherutse gufatirwa na sentare yo muri Kenya ku mvo zo gutohoza ko ayo mafaranga adafise inkomoko mbi.
Iyo ngingo yafashwe na sentare isubiramwo imanza mu gihe sentare nkuru yari yavuze ko uwitwaye ata bimenyetso bifadika yari yazanye vyotuma haba ugukeka ko ayo mafaranga yavuye mu bikorwa vy'ivyaha.
Iyo ingingo yafashwe mu ntango z'uku kwezi, sentare ikaba yashinze ko urubanza rw'ifatirwa ry'ayo mafaranga rwoba rwaciwe mu minsi 60.
Nk'uko biri mu nyandiko za sentare muri Kenya, iyo sosiyete yitwa EIS Company SPRL Burundi, yanditswe mu zikorera mu Burundi itariki 17 ukwezi kwa gatatu mu 2011.
Yanditswe nk'ikompanyi y'ibikorwa vy'amabarabara, ibiraro n'ubundi bwubatsi.
Ahavuye amakenga yo kwibaza ko amafaranga yayo yoba afise inkomoko mbi ni hehe rero?
Mu nyandiko za sentare, uwitwaye avuga ko mu kwezi kwa gatatu mu 2024, yaronse amakuru ko hari amafaranga angana n'ibihumbi 350 vy'ama dorari iyo sosiyete yacishije ku makonte yayo muri Kenya, hanyuma ica irayakurako iyarungika ahantu hatandukanye ku buryo vyamuteye amakenga, ariho yaca asaba sentare kuba irayafatiriye mu kurindira ko haba amatohoza.
Ayo mafaranga , nk'uko uwuhagarariye iyo sosiyete muri Kenya yabisiguye, ngo ni amwe mu yo yariko irakoresha mu bikorwa vyo kwubaka ibiro vyo ku rubibe rwa Kavimvira hagati y'Uburundi na Rebuburika ya Demokarasi ya Congo, ku ruhande rwa Congo ni ahazwi nka Kavimvira, mu Burundi naho ni mu Gatumba, isoko iyo sosiyete ivuga ko yatsindiye mw'ibanki y'isi ku mafaranga arenga miriyoni zitanu z'ama dorari.
Iyo banki yaciye iha iyo sosiyete umuriyoni urenga gato w'ama dorari, ni ukuvuga 20% nk'igice ca mbere c'iryo soko yari yatsindiye.
Mu nsiguro z'uwuhagarariye iyo sosiyete muri kenya, icatumye yugurura ama konte muri Kenya mw'ibaki ifise imigenderanire n'iyo yari afisemwo konte mu Burundi, ngo ni uko muri Kenya vyoroshe gusohora amafaranga mvamakungu mu kuriha ivyo yashaka kugurira hanze bijanye n'ivyo bikorwa yari yatsindiye.
Uwuyihagarariye yeretse sentare impapuro z'aho yaguriye ibikoresho i Dubai muri amwe muri ayo mafaranga yari ku ma konte yo muri Kenya.
Sentare nkuru y'aha muri Kenya iravye ivyemezo vy'uwitwaye n'uwitwariwe, mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze, yashinze ko uwitwaye ata vyemezo bifadika yerekanye, ikirego ciwe ica iracanka. Nawe aca arunguruza.
Sentare isubiramwo imanza niko kubisubiramwo, mu ntango z'uku kwezi ica iratesha agaciro iyo ngingo y'umucamanza wa mbere.
Bisigura ko ayo mafaranga azoguma afatiriwe gushika urubanza rucitse. Gutyo, bene amafaranga ntibashobora kuyavana kuri konte, kuyarungika canke kuyakoresha mu bundi buryo ubwo ari bwo bwose gushika urubanza rushitse ku musozo.
Abacamanza bashinze ko ayo mafaranga azoguma akingiwe gushika amatohoza aheze hanyuma ivyemezo bigashikanwa imbere ya sentare.
Sentare isubiramwo imanza yavuze ko ivyo vyose vyoba vyakozwe mu mezi abiri kuva umunsi ingingo yasohoka, naho hari itariki zitanu uku kwezi.
Muri Kenya, urwo rubanza hari abarwitayeho cane kuko rwerekana akigoro k'ico gihugu ko kurwanya ihanahanwa hagati ry'amafaranga afise inkomoko iteye amakenga.







