Mu kibuga c'indege ciza kuruta ibindi kw'isi: Ni kuki Changi kiguma gitsinda?

Ifoto y'ikibuga c'indege ca Changi muri singapore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igihe co gusoma: iminota 7

Ikibuga c'indege ca Changi kizwi cane kubera isumo ry'amazi riri muri co, uturima tw'inyoni n'aho abantu baruhukira heza. Ariko ikiyigira iyidasanzwe kurusha izindi kiri mu bitaboneka.

Umaze gushika uvuye ku rugendo rw'amasaha 18, urushe kandi usinziriye, uba witeze ibibazo bisanzwe vy'ibibuga vy'indege: kugenda urambiwe uja ku bapolisi b'imbibe, gutonda umurongo utagenda no kurindira imizigo igihe kirekire.

Ariko aho ho usanga imashini z'ubwenge bwa none zisukura hasi zitwenga , kandi zitagira umuvuduko utuma ugira amakenga mu kanya gato.

Mu minota itarenga 15, uba wasohotse, ukibaza igituma isi yose ibandanya kugoresha ibi bintu.

Inyuma y'imisi mike, uhejeje kwiyandikisha mu rugendo rwawe rwo gusubira imuhira, urindiriye indege yawe mu bibanza vy'indege, aho hari sinema ku buntu 24/7, uturima tw'amashurwe hamwe n'isumo rirerire ryo mu nzu kw'isi.

Hari n'ikidengeri c'amafi kiri mu kirahure ushobora kugendako hejuru, gifise igisenge c'ikirahure cerekana uko ikirere kimeze hanze.

Rimwe na rimwe wibagira ko uri ku kibuga c'indege, atari igisagara gitoyi kandi giteye imbere cane.

Ivyo bishobora kumvikana nk'indoto. Ni ikibuga c'indege ca Changi muri Singapour, giherutse gutsindira agashimwe ka Skytrax k'ikibuga c'indege ciza kw'isi ku ncuro ya kabiri yikurikiranya, n'incuro 14 muri rusangi.

Mu gihe ibindi bibuga vy'indege bihura n'ingorane nk'imbeba, imyiyerekano y'abakozi canke ibisenge bisenyuka, ituze n'iterambere rya Changi biratandukanye cane.

Itandukaniro hagati y'ikibuga gisanzwe n'ikiri ku rwego rwo hejuru nticigeze kigaragara cane nk'ubu.

None, ni iki gisabwa kugira ingendo zo mu kirere zigenze neza gutyo – kandi ni gute Singapore iguma ibishikako mu gihe abandi bananirwa?

Ifoto yaho abantu batermaira mu kibuga c'indege ca Changi muri singapore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikibuga c'indege ca Changi catunganijwe mu ntumbero yo kugabanya umwitwarariko

Akazi keza ni vyo vya mbere, ibintu bitangaje bikaza inyuma

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuri Max Hirsh, umuyobozi mukuru wa Airport City Academy, ikigo gikora ubushakashatsi ku gutegura no guteza imbere ibibuga vy'indege, intsinzi ya Changi ntishingiye gusa ku kuba ifise ubuziranenge bwo hejuru, ahubwo ishingiye ku gukora neza ibintu bikuru bikuru vya buri musi: ukunyarutsa ibintu. umutekano n'uguhuza neza ibikorwa.

Ibangikanije no kuba ifise ubushobozi bwo kwihindura igihe ibintu bitagenze nk'uko vyari bitegekanijwe.

Mu majambo ya Hirsh, "Mu vy'indege, ivyo biba kenshi. Ikibazo si ugushika kuri urwo rugero rimwe gusa – ahubwo ni ukuguma urugumako imyaka n'imyaka, mu gihe ibisabwa, ubuhinga n'ibibazo bihindagurika.

Changi irabishikako kuko ifata urwo rugero nk'umugambi ubandanya, si igikorwa cakozwe rimwe kigahagarara."

Alisha Rodrigo avuga ati: "Ikibuga c'indege ca Changi kimeze nk'igihugu ca Singapore muri make: ikora neza, isukuye, itunganijwe, kandi urizera ko ibintu vyose bikora nk'uko bikwiye,"

Niwaba warigeze guca muri Singapore, birashoboka ko wabonye ituze ridasanzwe ry'ico kibuga c'indege.

Ariko ico benshi batamenya ni uko iryo tuze rikorwa neza cane inyuma y'amaso y'abantu.

Hari ibikorwa binini cane bitunganijwe neza, aho hakoreshwa ubuhinga bwa "automation"(gutuma ibintu vyikora), ibimenyetso vy'umubiri (biometrics) hamwe n'ugusesangura mu gutegekanya ivyoba kugira birandure inzitizi zitaraza.

Muri ico gihe nyene, abakozi bashika ku bihumbi 60 barakorera hamwe kugira imizigo, isuku, inguvu n'ugutembera kw'ingenzi bigende neza mu murongo umwe.

Nk'uko Hirsh abivuga, Changi akenshi wumva isa n'iyama "ikuri imbere intambwe imwe."

ifoto ya robo ikora isuku mukibuga c'indege ca Changi

Ahavuye isanamu, Daniel Seifert

Insiguro y'isanamu, Amarobo yo gusukura yigenga ni kimwe mu bintu bito bifasha Changi gukora neza

Iyo ngingo nyene irakoreshwa no ku bindi bintu bitagaragara cane nk'ibitangaje.

Ibikorwa vy'inyuma nko kuyobora abantu mu buryo bworoshe, ibimenyetso bisobanutse no gutunganya ingendo z'abantu benshi bituma ingenzi zirushe n'urugendo zidasesagura ubwenge bwabo bagerageza gusa gushika ku irembo ryabo Kandi n'ubwiherero 500 buri mu nyubakwa zose burafasha cane.

Buri bwiherero bufise "ecran" ikorwako abagenzi bashobora gukoresha bagatanga amanota ku kuntu bahashimye.

Iyo ayo manota agabanutse, abakozi bashinzwe isuku baca bahagera mu minota mike. "Urutonde rw'ivy'ingenzi rurasanzwe," ni ko Hirsh abivuga.

"Uburongonzi bwiza imbere, icuka ciza kigakurikira , hanyuma ibitangaje bikaza inyuma."

Ubushobozi bw'ugukora neza

Ikibuga cindege ca Changi gifise ibintu vyinshi cane ku buryo bisaba kuza incuro nyinshi kugira umuntu atahure neza ubwinshi n'ubwoko bwavyo.

Ikimenyetso kizwi cane ni Jewel Rain Vortex, isumo riri mu nzu riri mu nyubakwa y'ubudandaji ihana imbibe n'ikibuga c'indege, rikaba ryarabaye kimwe mu bimenyetso bizwi cane vy'ingendo muri Singapore.

Ahandi, Ingezi zishobora kuraba kuraba Toni, irobo itanga ivyo kunywa , ivanga ibinyobwa bitandukanye mu kibanza bita "Terminal 2" nico bita "Terminal 3".

Uturima duto duto twinjiza amashurwe buri ndwi zibiri canke zitatu kugira ntibwigeze bubura izo nyoni ziguruka zishimishije.

Nimba udakunda udukoko tuguruka, hariho kandi uturima tw'ibiti vy'amashami akomeye n;utundi tw'ibihoke turi hejuru y'inyubakwa.

Hari kandi ahitwa Fit and Fun Zone hashasha, huguruwe mu ntango za 2025, huzuye ibikorwa bitandukanye bijanye n'uko umuntu yiyumva, kuva ku mifuko yo gukubita gushika ku ttwo gusimba simba.

Kandi ku bafise umwanya munini wo kurindira indege kandi badakeneye visa, ico kibuga c'indege kiratanga n'ingendo zo kuzunguruka igisagara ku buntu, zihagarariwe n;abahinga bavyo

Ifoto y'isumo rirerire cane kw'isi riri mu kibuga c'indege ca Changi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku kibuga c'indege ca Changi, isumo rirerire cane kw'isi rihindura umwanya wo kuruhuka

Ariko ivyo bibanza biguma bihindurwa ntibifasha gusa kugabanya umutwaro w'urugendo rurerure.

Birafasha kandi mu ntumbero ngirakamaro kuruta: mu kuremesha abantu kugenzura, bakwegera abantu mu mfuruka zitandukanye z'ikibuga c'indege, bigafasha kugabanya ubwinshi bw'abantu hamwe n'ukumva huzuye cane nk'uko biboneka mu bindi bibuga vy'indege.

Kuza neza, Kugenda neza

Bimwe muri ivyo bikora neza biva ku gukora ibintu mu buryo bubereye nk'uko nyene biva ku gushaka gutera imbere. Ingorane zijanye no kubura abakozi muri Singapore ni vyo vyatumye ico kibuga c'indege kijukira cane ikoreshwa ry'imashini, kuva ku kugenzura abinjira n'abasohoka gushika ku bikorwa vy'isuku n'ibindi bikorwa bifasha Ingenzi.

Ivan Tan, icegera c'umuyobozi mukuru ajejwe itumanaho n'ivy'ubudandaji muri Changi Airport, yavuze ati: "Ibikorwa vy'uruja nuruza bisaba abakozi benshi, kandi si Abanya singapore bose bipfuza gukora uwo murimo. Ni co gituma igice kinini c'ivyo dukora tuyoborwa n'ivyo dukeneye."

Mu 2024, Changi Airport yabaye ikibuga c'indege ca mbere gishize mu ngiro burundu uburyo bwo kurenguka ku mipaka ata pasiporo (passport-less immigration clearance), hakoreshejwe kumenya isura n'amaso kugira bagabanye umwanya ku gice gikunda kubabaza ingenzi mu ngendo mpuzamakungu.

Ababa muri Singapore barashobora kubukoresha mu gushika no mu gusohoka, mu gihe ingenzi z'abanyamahanga bo bashobora kubukoresha mu gusohoka muri Singapore ata pasiporo bakoresheje.

Mu mpera z'umwaka wa 2024, kuraba abimukira atabantu bakoreshejwe vyarashizwe murico kibuga cindege , bifasha kugabanya umwanya w'uruhusha ku ngenzi nyinshi

Ahavuye isanamu, Daniel Seifert

Insiguro y'isanamu, Mu mpera z'umwaka wa 2024, kuraba abimukira atabantu bakoreshejwe vyarashizwe murico kibuga cindege , bifasha kugabanya umwanya w'uruhusha ku ngenzi nyinshi

Uwo mugenzo wo gushira imbere ivy'ingenzi kandi bifise akamaro urafasha gusigura igituma Ikibuga cindege ca Changi kitigeze cemererwa kuguma aho iri itagira ico ihindura. Ibibuga vy'indege ni nk'udusagara duto dukorera ku masaha akomeye n'imirimo igoye yo gutunganya ibintu, kandi biroroshe ko bihungabanywa n'ihindagurika ry'ibintu.

Ni co gituma Changi iherutse gushiraho ikigo yise "Terminal X" , ikigo co kwiyumvira bishasha gifise intumbero yo kurwanya ihindagurika ry'ikirere, ibibazo vy'abakozi, umuvundo w'ingenzi n'ivyo abakiriya baguma basaba bihindagurika.

"Ku ruhande rwacu, ico kigo kwiyumvira bishasha ari ngombwa cane," niko Kris Mok, umuyobozi w'ukumenyesha amakuru w'ico kigo, abivuga, akongerako ko ihindagurika rihoraho ry'ibibazo risigura ko "mu myaka mike iri imbere tuzoba dutegerezwa gukora incuro zibiri kurusha uko dukora ubu."

Uwo murwi uraremeshwa kugerageza ivyiyumviro bidasanzwe, mbere n'igihe vyotsindwa – uburyo budasanzwe mu muco w'akazi wa Singapore usanzwe witonda cane.

Mu migambi y'ico kigo harimwo n'indege nto zitagira abazitwara zishobora kuguma mu kirere mu gihe c'imvura n'inkuba, zigafasha gukingira ibibuga vy'indege inkuba zishobora gutuma amabarabara y'indege yugarwa , cane cane mu gihugu kiri mu bifise inkuba nyinshi kw'isi.

Ikimenyetso c'igihugu

Ugushira imbere ukworoha n'ukwihuta ku kibuga cindege ca Changi Airport si ibintu bishasha. Bitangura mu myaka ya 1970, igihe Lee Kuan Yew, uwashinze Singapore kandi yari umushikiranganji wa mbere, aho yafata ingingo ko kugira igihugu gito gishingiye ku budandaji gitere imbere, gikwiye kugira ikimenyetso cakira abantu kandi kigaragaza gukora neza.

Vyari ugufata ingingo izimvye kandi ishobora guteza ingorane, ariko yarakoze. Mu nyuma, Lee yaje kuvuga ko Changi ari "ikintu ciza kuruta ibindi vyose bashizemwo amahera, aho bashizemwo miliyari 1.5 z'amadorari ya Singapore.

Ifoto y'imirongo y'aho ushobora kubona kure , ibimenyetso bisobanutse vyo kukwereka inzira hamwe n'ahantu h'agendwa hadateye ibibazo canke huzuyemwo ibintu vyashizweho kugira ingenzi zishobore kugenda neza kandi bitagoranye mu kibuga c'indege muir singapore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imirongo y'aho ushobora kubona kure , ibimenyetso bisobanutse vyo kukwereka inzira hamwe n'ahantu h'agendwa hadateye ibibazo canke huzuyemwo ibintu vyashizweho kugira ingenzi zishobore kugenda neza kandi bitagoranye

Inyuma y'imyaka irenga mirongo itanu, iryo shoramari riracari iryunguka. "Changi Airport imeze nk'igihugu ca Singapore muri make: ikora neza, isukuye, itunganijwe, kandi urizera ko vyose bikora nk'uko vyitezwe," niko Alisha Rodrigo, aba muri Singapore kandi akunda gukoresha ico kibuga c'indege kenshi, abivuga.

Avuga inyuma y'aho ibibuga vy'indege muri Amerika bihagaze bigatuma abantu bategereza amasaha ane ku kugenzura umutekano no kwiyandikisha, akongerako ati: "rimwe na rimwe, ibintu bimenyerwa kandi biteguye neza ni vyiza."

Kandi ni co gituma, mu mpera, Changi iguma itsinda. Naho isumo rishobora kuba ari ryo abagenzi bibuka cane, igikorwa gikomeye nyaco ni uko barishikako batayobew inzira canke barindiriye.