Chris Brown yagirijwe ko yahaye ibiyayuramutwe umugore aca amusambanya ku nguvu mu bwato

Chris Brown

Ahavuye isanamu, Getty Images

Chris Brown yagirizwa ko yahaye ibiyayuramutwe umugore aca aramusambanya ku nguvu, ubu akaba ariko mu rubanza rushobora kumutwara imiriyoni 20 z'amadorari y'abanyamerika.

Iki caha co gufata ku nguvu kivugwa ko cabereye mu bwato (yacht) ku wa 30 kigarama (ukwa cumi na kabiri) 2020 i Miami mu ntara ya Florida.

Ikiganiro Newsbeat ca Radio 1 cagerageje kuvugana n'abaserukira Chris Brown kugira ngo bagire ico bavuze ariko gushika ubu ntaco barishura.

Chris Brown asa n'uwishuye aciye ku rubuga rwa Instagram, aho avuga ko ariko arakurikiranwa kubera ariko ategura gusohora umuziki.

Yanditse ati: "NDIBAZA KO ARI IVYO MUBONA MWESE....ni igihe cose ngiye gusohora umuziki canke mfise imigambi kanaka".

Uru rubanza rwugurujwe n'umunyamuziki atashatse kumenyekana, azwi gusa kw'izina rya 'Jane Doe' mu nzandiko z'amategeko.

Izi nyandiko zerekana ibirego bitanu bitandukanye kuri uyu munyamuziki - gufata ku nguvu, ihohotera rishingiye ku gitsina, guturubika n'ibigirankana, guturubika umuntu kubera urwangara hamwe no gupfunga umuntu atabifitiye uburenganzira kandi amuturubitse.

Uyu mugore avuga ko afise "ubwoba ko ashobora kwicwa canke gutakaza akazi" .

Avuga ko yahawe ubutumire muri ubwo bwato bwegukira umunyamuziki wo mu mudiho wa rap (rapper) akongera kaba n'umu 'producer', Diddy, ari naho habereye iki caha kivugwa.

Chris Brown

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uyu mugore avuga ko yakorewe ivya mfura mbi avuga ko Chris Brown yamuhaye ikinyobwa aca "arata ubwenge"

Nk'uko uru rwandiko Newsbeat yashoboye kubona rubivuga, uyu mugore avuga ko amaze gushika, Brown yamuhaye ikinyobwa mu nyuma aca yumva "umubiri urahindutse giturumbuka mu buryo atashobora gusigura".

Uru rwandiko ruvuga ko "yataye umutwe, inguvu ziramuherana, aca afatwa n'itiro", imbere y'uko atwarwa mu gitanda ariho bivugwa ko Brown yaciye amwambura impuzu amusambanya ku nguvu.

Brown avugwa ko ku musi wakurikiye yahamagaye uyo mugore, amubwira ko yofata imiti kugira ntasame imbanyi.

Newsbeat kandi yagerageje no kuvugana n'abaserukizi ba Diddy, ariko nta nyishu baratanga.