Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Uburusiya bwacucagiye ibisasu kuri Ukraine ata n’umusi uhaciye buvuze ko bwemeye gusubira mu biganiro

Uburusiya bwongeye kugaba ibitero ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye gusubira mu biganiro vy'amahoro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu

  1. Macron yagiriza abategetsi b’amahanga gukoresha imigumuko yo mu Bufaransa ku nyungu z'amatora yabo

    Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yagirije abategetsi b’amahanga ko bariko barakoresha imigumuko yadutse mu gihugu ku wa gatandatu ku mvo z’amatora mu bihugu vyabo.

    Atarinze kubavuga amazina, Macron yavuze ko abo bategetsi bariko biyamamaza mu matora yimirije “bakoresheje Ubufaransa”, mu majambo bashikirije ku vyerekeye izo ntureka zaturutse ku myiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye.

    Mw’ijambo yashikirije mu rugendo rwiwe mu bihugu vyo mu Buseruko bwo Hagati, Macron yavuze ko abo ari “abategetsi bari mu bihe vyo kwiyamamaza, haba hano muri aka karere canke hakurya y’ibahari Atlantike”.

    Macron yasa n’uwuriko aravuga Perezida Donald Trump wa Amerika ari mu myiyamamazo mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka ategekanijwe mu ntango z’ukwezi kuza, hamwe kandi n’umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, na we nyene ariko ategura amatora y’abashingamateka mu ndwi iza.

    Igihe yari mu myiyamamazo muri Kansas ku wa mbere, Donald Trump – asanzwe adahagaze neza imbere y’ayo matora yimirije muri Amerika - yamaze umwanya munini avuga ku Bufaransa, yerekana ko buriko “buraterwa, burasahurwa kandi buturirwa n’abimukira, aba-jihadiste n’abakomunisti”.

    Yabwiye abanywanyi biwe ati: “Mumenye neza ko ari vyo Abademokarate bashaka gukorera Amerika.”

    Eka n’Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu - na we nyene ari mu myiyamamazo - yavuze amajambo asa n’ayo, aho yavuze ko Ubufaransa “bwatewe n’intagondwa z’Abasilamu”.

    Ku bwa Macron, aba bategetsi atavuze amazina bakorera ku mavidewo y’ikinyoma yakozwe n’ubwenge bukorano (AI) ku bijanye n’iyi migumuko.

    Amavidewo yerekana imishamirano hagati y’abapolisi n’abari mu myiyerekano bipfutse mu maso, hamwe kandi n’amatungo be n’amaduka ariko arasahurwa, yarakwiragiye cane ku mbuga nyagiro.

    Abantu bashika ku 150 baramaze gupfungwa, mu gihe abarenga 800 bamaze gushikanwa imbere y’ubutungane kuva iyo migumuko yadutse i Paris no mu bindi bisagara birimwo Lyon, Marseille na Nice.

    Reta yaremeye ko abaporisi “bananiwe no gufata ibintu mu minwe” muri izo ntureka zadutse inyuma y’amayinga atari make y’imyiyerekano y’abanyeshure biyamiriza ubuzima babayemwo mu mashure yisumbuye.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Uburusiya bwacucagiye ibisasu kuri Ukraine ata n’umusi uhaciye buvuze ko bwemeye gusubira mu biganiro

    Uburusiya bwaraye busubiye gucucagira ibisasu vya misire ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, amasaha make gusa inyuma y'aho bwemereye gusubira mu biganiro vy'amahoro, bizokwitabirwa kandi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitaliy Klitschko, yavuze ko abantu batandatu bakomeretse, muri ibi bitero vyagabwe ku mazu y'uburaro, ububiko bw’igitoro hamwe n'ibikorwaremezo vyo kwungurza abantu n’ibintu. Amakuru yerekana kandi ko ibigo ntanganguvu na vyo nyene bishobora kuba vyatewe.

    Naho biri ukwo, Perezida Donald Trump wa Amerika yavuze ko, inyuma y'ibiganiro biheruka vyayobowe n'intumwa yiwe Steve Witkoff, ubu inzira yo kurangiza iyo ntambara iri hafi cane kurusha ibindi bihe vyose. Ariko abanegura Trump bamwagiriza ko ariko ahatira Ukraine kwemera guhagarika intambara kurusha uko ahatira Uburusiya, mu kworohereza Moscou gusumba Kyiv.

    Hampande ya Kyiv, igisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine na co nyene catewe, mu bitero vyakozwe n’indege zitajamwo abadereva (drone).

    Ibi bitero bibaye mu gihe hari iyindi ntambwe nshasha y'ibiganiro vy’amahoro irongowe n'intumwa za Donald Trump, ari zo Steve Witkoff na Jared Kushner.

    Ku wa gatatu, Witkoff yarahuye na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya mu gisagara ca St Petersburg, umusi umwe gusa inyuma y’uko ahuye na Perezida wa Ukraine.

    Ibiganiro bihuriyemwo impande zitatu vyarahagaze muri Ruhuhuma (2), maze Uburusiya buca bwongereza akariro mu bitero vyabwo, inyuma y'uko Ukraine ikehaniwe n’uburyo bwo gukingira ikirere, bugizwe n’ibikoresho vyo gutangira ibisasu vya misire, uburyo yari isanzwe ihabwa n’ibihugu vy’uburengero.

    Mu Burusiya na ho nyene, intara za Tula na Lipetsk zavuze ko zatewe n'amadrone ya Ukraine. Buramatari wa Lipetsk avuga ko umuntu umwe yakomeretse.

    Perezida Putin yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu mwaka wa 2022, ubu Uburusiya bukaba bugenzura hafi ibice 20 kw'ijana vy'ubutaka bwa Ukraine.

    Naho Perezida wa Amerika yagiye avuga incuro nyinshi ko agiye kurangiza iyo ntambara, gushika ubu ntarashobora kuyihagarika.

    Ejo ku wa gatatu, Perezida Zelensky yavuze ko ashobora kwemera amasezerano yotuma intambara ihagararira aho igeze.

    Yabwiye ikinyamakuru Fox News ati: "Ivyo twovyita ‘uguhagarika intambara’ canke ‘uguhagarika ubwicanyi’ nk'uko Perezida Trump yabivuze. Intambara ihagarare kandi ntisubire kubandanya. Ico ni co conyene dusaba Uburusiya uno musi."

    Yongeyeko ko inyuma y'ivyo, hashobora gukurikira ibiganiro bijanye n'ingingo zo kwubahiriza umutekano wa Ukraine.

    Ivyo biganiro vyabaye mu gihe icuka atari ciza hagati ya Ukraine na Amerika.

    Trump aherutse kuvuga ko igihe kigeze kugira Ukraine ironke uwundi mukuru w’igihugu, ndetse ubuheruka agashimangira avuga ko hakeneye "uwundi muntu yoserukira Ukraine ku meza y'ibiganiro".

    Yaragirije kandi Ukraine ko ibitero vyayo ku bigo vy'Uburusiya bitunganya igitoro vyatumye ibiciro vy'igitoro biduga kuva intambara irongowe na Amerika kuri Irani itanguye.

    Trump yaraneguwe bikomeye n'abashingamateka bo mu mugambwe w'aba-Demokarate hamwe na bamwe bo mu ba-Repubulikani, inyuma y'aho akuriyeho ibihano vyari vyafatiwe Uburusiya, ivyo bikaba bituma bushobora gusubira kugurisha amamiliyoni y'amatoni ya mazutu ku masoko yo muri Amerika no kw'isi yose.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  3. Mwaramutse

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.