Amerika yagavye ibindi bitero mu duce tumwe tumwe twa Iran ku ncuro ya kabiri mu minsi itatu
Igisirikare ca Amerika cagavye ibindi bitero kuri Iran, vyatumberejwe ku kigo ca gisirikare giherereye i Bandar Abbas, igisagara co ku cambu gifise akamaro kanini.
Bumwe mu buyobozi bw’ingabo za Amerika buzwi nka CENTCOM, bwavuze ko ingabo zabwo zarashe kandi zakoroye 'drone' zine za Iran zagenewe guturikira ku co zirashweko. Ubwo buyobozi busigura ko zari drone “zishobora guteza akaga mu karere k’umuhora wa Hormuz”.
CENTCOM yavuze ko ico kibanza co muri Bandar Abbas carashwe igihe cagira gikoreshwe mu kurungika 'drone' ya gatanu. Ibinyamakuru vyo muri Iran vyatangaje ko humvikanye ibisasu mu buseruko bw’ico gisagara.
Ivyo bitero bibaye mu gihe hari agahengwe k’intambara katifashe neza hagati ya Amerika na Iran, hamwe n’ibiganiro bimaze igihe kirekire bigamije guhagarika intambara imaze amezi atatu yatumye uruja n’uruza rw’amato mu muhora wa Hormuz ruhungabana, ibiciro vy’ibitoro na gaz na vyo biraduga cane.
Ni ubwa kabiri mu minsi itatu Amerika iteye ibibanza biri muri Iran, ivuga ko ivyo bitero vyagabwe mu kwivuna umwansi.
Kuba hasubiriye kwaduka imishamirano, bishobora guhungabanya ako gahengwe k’intambara. CENTCOM yasiguye ko ivyo yakoze vyari “bipimye neza, bigamije kwikingira gusa no kugumizaho agahengwe k’intambara”.
CENTCOM yavuze kandi ko ivyo bitero vyari bigamije “gukingira abasirikare bacu ku ngorane zishobora guturuka ku ngabo za Iran”.
Iran yiyamirije ivyo bitero ivuga ko ari "ihonyanga rikomeye cane ry'agahengwe" ndetse yasezeranije ko reta ya Iran itazoreka "igikorwa ico ari co cose c'intambara kitishuwe".
Ku wa kabiri w’iyi ndwi, ishami ry’ingabo zidasanzwe zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kiislam muri Iran, ryitwa IRGC mu mfunyapfunyo y'Icongereza, ryavuze ko ryakoroye 'drone' ya Amerika, ryongera rirasa indege y’intambara hamwe n’iyindi 'drone' rivuga ko vyinjiye mu kirere ca Iran, ariko ntiryatomoye igihe ivyo vyabereye.
Izindi nkuru wosoma: