Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Prezida wa Mali avuga ko reta ifise ibintu mu minwe inyuma y’ibitero vyo mu ndwi iheze

Mw’ijambo yashikirije abicishije ku mboneshakure, uwo mutegetsi yatangaje ko reta yiwe “izotsinda” ababigize.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Abayahudi babiri bakomeretse bikomeye bajombaguwe imbugita i Londres

    Abagabo babiri b’Abayahudi bajombaguwe icyuma mu majyaruguru y’umujyi wa London mu Bwongereza igikorwa polisi yaho yise iterabwoba.

    Abo bagabo umwe ari mu myaka 70 undi ari mu myaka 30 bahise batabarwa batangira no kuvurirwa aho byabereye.

    Ukekwa, umugabo w’imyaka 45, yagerageje no gutera icyuma abapolisi, nk'uko igipolisi cyaho kibivuga.

    Yahise akubitishwa akuma k’amashanyarazi maze atabwa muri yombi ashinjwa kugerageza kwica.

    Polisi ivuga ko irimo gukora iperereza ngo barebe niba ari igikorwa cyari kigamije kwibasira Abayahudi baba i London.

    Polisi ntiratangaza umwirondoro w’uwakoze iki gitero.

    Chief Rabbi Sir Ephraim Mirvis umwe mu bakuru b’Abayahudi mu Bwongereza yagize ati: “Amagambo yo kubyamagana ntabwo agihagije”.

    Yongeyeho ati: “Uru ni urwango dukwiye twese kwamagana”.

    Ibikorwa byibasira Abayahudi bikunze kuvugwa mu mijyi itandukanye iburayi kubera ubuhezanguni bwa bamwe bushingiye ku kunenga ibikorwa na leta ya Israel muri Palestine.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Afurika y’Epfo: Urukiko rwakatiye umuhungu wa Robert Mugabe umaze igihe afunze

    Umuhungu w’umuhererezi wa Robert Mugabe wahoze ari Perezida wa Zimbabwe agomba guhita asohorwa muri Afurika y’Epfo aka kanya, nk’uko byategetswe n’urukiko muri Afurika y’Epfo.

    Muri uku kwezi, Bellarmine Mugabe yemeye gutunga imbunda umuntu no kuba muri icyo gihugu binyuranyije n’amategeko, nyuma y’igihe afunze kubera igikorwa cyo kurasa umugabo w’imyaka 23 cyabereye aho atuye.

    Uyu musore w’imyaka 28 yakatiwe n’urukiko kandi gutanga indishyi ya $36,000 (miliyoni zirenga 50 Frw).

    Uwo bareganwa hamwe, Tobias Matonhodze – wemeye icyaha cyo kugerageza kwica, gutunga intwaro bitemewe no kunaniza ubucamanza – yakatiwe gufungwa imyaka itatu.

    Aba bombi bafunze kuva tariki 19 Gashyantare nyuma y’uko polisi itabajwe mu rugo rwa Bellarmine mu gace ka Hyde Park gatuwe n’abakire i Johannesburg, umugabo wari umuzamu mu rugo rwe amaze kuraswa kandi arembye.

    Mbere, Bellarmine yari yabanje gushinjwa gushaka kwica ariko icyo kirego cyaje kuvanwaho nyuma y’ubuhamya mu rukiko hasigara icyo gutunga imbunda uwo muntu warashwe.

    Uyu muhungu mbere yagiye avugwa mu bikorwa by’urugomo muri Afurika y’Epfo na Zimbabwe.

    Uyu ni umuhungu umwe mu bahungu babiri ba Robert Mugabe n’umugore we wa kabiri Grace.

    Robert Mugabe yapfuye mu 2019 kubera uburwayi, nyuma yo guhirikwa ku butegetsi n’imyivumbagatanyo ya rubanda mu 2017 - yari amaze imyaka 37 ategeka Zimbabwe.

  3. Megan Thee Stallion yivanye mu ikinamico ya muzika Moulin Rouge! The Musical

    Umuraperi Megan Thee Stallion wo muri Amerika, wamamaye mu ndirimbo nka ‘Savage yatangaje ko yahagaritse gukina mu ikinamico ya Muzika Moulin Rouge! The Musical mbere y’igihe cyari cyitezwe.

    Thee Stallion yari yagombaga yagombaga gukina muri iyi kinamico ku wa 17 ukwezi kwa 5, ariko abinyujije kuri Instagram, yatangaje ko igitaramo cye cya nyuma kizabera i New York ku wa 1 ukwezi kwa 5 aho kuba ku wa 17 uko kwezi.

    Ibi bibaye mu gihe Thee Stallion w’imyaka 31 mu cyumweru gishize yatangaje ko atandukanye n’umukunzi we Klay Thompson – umukinnyi wa basketball muri NBA amushinja kumuca inyuma. Aba bari bamaze igihe bari mu rukundo ruvugwaho cyane.

    Mu kwezi kwa gatatu kandi Megan ubwo yari muri iriya kinamico Moulin Rouge igeze hagati yihutanywe kwa muganga i Manhattan mu Mujyi wa New York atamerewe neza.

    Atangaza ko avuye muri iyo kinamico, Megan wegukanye Grammy Awards yagize ati:"Byari iby’agaciro gakomeye cyane kuba umwe mu muryango wa Moulin Rouge! The Musical."

    Uyu muhanzikazi ntiyatanze impamvu yatumye avamo mbere y’igihe, ariko ibinyamakuru muri Amerika bihuza ibi no gutandukana kwe na Klay Thompson ukinira Dallas Mavericks.

    Kugeza ubu Thompson ntacyo aratangaza ku mugaragaro ku byerekeye gutandukana na Megan.

    Abafana ba Megan bavuga ko amagara ye ashobora kuba atifashe neza nyuma yo kujyanwa kwa muganga mu kwezi gushize, ko nabyo bishobora kuba impamvu yabimuteye.

    Megan, amazina ye nyakuri ni Megan Pete, yatangiye kumenyekana cyane nyuma yo gushyira ahagaragara EP ye ya mbere Make It Hot mu 2017.

    Nyuma yaho, yinjiye ku rutonde rwa Billboard Hot 100 mu 2019 abikesha indirimbo Hot Girl Summer, mbere yo kwigaragaza byeruye ku rwego mpuzamahanga mu 2020 ubwo indirimbo ye Savage yabaga iya mbere henshi ku isi.

    Iyi ndirimbo yegukanye igihembo cya Grammy cy’Indirimbo Nziza ya Rap mu 2021.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Prezida wa Mali avuga ko reta ifise ibintu mu minwe inyuma y’ibitero vyo mu ndwi iheze

    Umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare muri Mali, Assimi Goïta, ku wa kabiri yaragiye ahabona ku ncuro ya mbere kuva habaye ibitero vyabereye ica rimwe mu duce dutandukanye tw’ico gihugu.

    Mw’ijambo yashikirije abicishije ku mboneshakure, uwo mutegetsi yatangaje ko reta yiwe “izotsinda” ababigize.

    Ishami rya Al Qaeda ryo muri Afrika hamwe n’umugwi witwaje ibigwanisho wiganjemwo aba Tuareg, ku musi wa gatandatu, bagavye ibitero ku kigo gikuru ca gisirikare ca Mali no ku karere kegereye ikibuga c’indege co ku mugwa mukuru Bamako.

    Mu bahitanywe n’izo ntambara, harimwo umushikiranganji wa Mali wo kwivuna abasi Sadio Camara.

    Jenerali Goïta yabonetse kandi asura umuryango wa Camara awihanganisha inyuma y'ivashitse.

    Iyo migwi yitwaje ibigwanisho yarashoboye kandi kwirukana mu gisagara gikomeye ca Kidal co mu buraruko, abasirikare b’abarusiya bafasha reta ya Mali.

    Mu butumwa bwa video yashize ahabona kuri uwu wa kabiri, umuvugizi wa Jama'at Nusrat al-Islam wal-Muslimin (JNIM), ishami rikukira al Qaeda, yashimagije intureka zo ku musi wa gatandatu. Yashimangiye ko kwari ukwihora ku bitero vy’ama drone bigirwa n’ingabo za Mali.

    Umuvugizi, Bina Diarra, yakangishije kandi ko bashobora kwugariza no gukikuza Bamako ku buryo ibura isaganirizo. Uwo mugwa mukuru usanzwe ubamwo abantu bagera kuri miriyoni zine.

    Ibitero vyagabwe n’imigwi yitwaje ibigwanisho muri Mali mu mpera z’indwi iheze, vyatumye haba uguhiganirwa gufata uduce dutandukanye tw’ubugararwa bunini buherereye mu buraruko bwa Mali.

    Abahinga bavuga ko ibi vyongereje umwitwarariko ko iyo migwi, isanzwe imaze kwerekana ugushaka kudasanzwe kwo gutera ibihugu bibanyi, ishobora gutera intambwe ikomeye.

    Ku bw’abo bahinga, iyi migwi ishobora no kwagura intumbero yayo irabisha ku bindi bihugu biri kure kurushiriza.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Uganda yafashe abanyamahanga barenga 200 mu gikorwa co kurwanya abinjira mu gihugu mu buryo butemewe

    Abategetsi bo muri Uganda bavuze ko bafashe abanyamahanga 231 mu gikorwa kiriko kirabandanya co kurwanya abinjira mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko.

    Mu kindi gikorwa cabereye mu gace k’ubutunzi ko mu murwa mukuru, abanyamahanga 169 bafashwe n’urwego rujejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu, inyuma yo gusangwa baba mu nyubakwa ata mpapuro zibemerera kubayo.

    Abafashwe bava mu bihugu birimwo Pakistan, Bangladesh, Ethiopia, Ubuhindi, Ghana, Myanmar, Sri Lanka, Malaysia na Cambodia.

    Umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Simon Peter Mundeyi, yavuze ko ivyo bikorwa biri mu mugambi wa leta wo gushira mu ngiro amategeko agenga abinjira mu gihugu no gusambura imigwi y'abagizi ba nabi bo kuri internet.

    Ubwo bushikiranganji bwavuze ko bamwe mu bafashwe bazanywe mu gihugu babeshwe ko bagiye guhabwa akazi, mu gihe abandi bakekwa gukora ubusuma bwo kuri internet.

    Mu kindi gikorwa, abakozi b’ishami ryo kugenzura abinjira n’abasohoka mu gihugu mu gisagara ca Adjumani mu buraruko bwa Uganda, bafashe abanya-Nigeria 69 bakekwa gukora ata vyangombwa vyemewe kandi bakora ibikorwa bitemewe, harimwo gutwara urusengero.

    Mundeyi yavuze ati: “Aba bantu akenshi binjira mu gihugu bavuga ko ari abigisha b’ijambo ry’Imana, ariko mu nyuma bagasangwa bakora ibikorwa bitemewe n’amategeko.”

    Abashakashatsi bavuga ko urwo rukurikirane rw’ifatwa ry’abantu rwerekana ukwiyongera kw’imigwi y’ubusuma bwo kuri internet irimwo abanyamahanga muri Uganda.

    Mu mwaka wa 2020, abategetsi bafashe Abashinwa 36 mu gikorwa kinini co kurwanya ubusuma bwo kuri internet, aho habonetse amaterefone 3.500, amakarata-sim 1.700 hamwe n’ama mashini nyabwongo , ivyuma bitanga Internet n'ibindi.

    Abategetsi bavuze ko abafashwe bazoshikirizwa ubutungane imbere yo gusubizwa mu bihugu baje baturukamwo.

    Izindi nkuru wosoma :

  6. ‘Kuva mbaye Papa natekerezaga ku ruzinduko muri Afurika’ – Papa Leo

    Papa Leo yatangaje ko kuva agizwe umushumba mukuru wa Kiliziya gatolika ku isi yakomeje “gukereza ku rugendo muri Afurika”, akavuga ko ashimira Imana ko yamuhaye amahirwe yo kurukora.

    Mu butumwa yashyize ku mbuga nkoranyambaga, Papa yavuze ko byari amahirwe yo gutanga “ubutumwa bw’amahoro muri iki gihe kirimo kurangwa n’intambara no guhonyora amategeko mpuzamahanga bikomeye kandi kenshi”.

    Papa avuga ko gusura Afurika kuri we byari amahirwe no ku batuye uyu mugabane wo kumvikanisha ijwi ryabo, kandi avuga ko yishimira ko yabahaye ayo mahirwe.

    Mu cyumweru gishize PapaLeo yashoje uruzinduko rw’iminsi 11 mu bihugu bine bya Afurika.

    Ubwo yari muri Cameroun yamaganye “abategetsi b’igitugu babarirwa ku ntoki” barimo “gushwanyaguza isi.

    Amagambo y’umunyamerika Papa Leo ntabwo yateje sakwe sakwe i Washington atuma Vatican na Papa basobanura ko mu magambo ye ntaho yavugaga kuri Perezida Trump.

  7. Umubyeyi wo muri Australia wabeshye ko umwana we arwaye kanseri yafunzwe

    Umubyeyi wo muri Australia wahimbye ko umwana we w’imyaka itandatu arwaye kanseri kugira ngo asabe inkunga abone amafaranga yo kubaho mu buzima buhenze, yakatiwe igifungo kirenze imyaka ine.

    Uyu mugore w’imyaka 45 ukomoka muri Leta ya South Australia yogoshe umutwe n’ibitsike by’umwana we, amuzinga igitambaro ku mutwe no ku maboko, ndetse amuha imiti, mu mugambi wo kubeshya umuryango n’inshuti kugira ngo bamuteranyirize ibihumbi by'amadolari.

    Uyu mugore, utatangajwe izina kubera impamvu z’amategeko, yemeye icyaha cyo gukora ibikorwa bishobora kugirira nabi umwana we, ndetse n’ibyaha 10 byo kubeshya.

    Mu isomwa ry'urubanza ryabaye ku wa gatatu, umucamanza w’urukiko rw'akarere yavuze ko ibikorwa bye byari “ubugome”, “byateguwe neza” kandi by'"ubushukanyi”.

    Urukiko rwumvise ko uburiganya bw’uyu mugore bwatangiye nyuma y’uko umwana we yari yagiye kureba umuganga w’amaso nyuma y’impanuka.

    Nyuma yaho, abwira umugabo we, umuryango, inshuti ndetse n’abagize umuryango w’ishuri ko umwana we arwaye kanseri y’amaso.

    Yahatiraga umwana we gukoresha igare ry’ababana n'ubumuga (wheelchair) kandi akamugabanyiriza ibikorwa bya buri munsi kugira ngo abantu batekereze ko ari guhabwa ubuvuzi bwa kanseri buzwi nka 'radiation'. Yanamuhaga imiti igabanya ububabare n’inyunganiramirire, nk’uko byatangajwe n'ibitangazamakuru byo muri Australia.

    Mu rukiko, ubushinjacyaha bwavuze ko uyu mubyeyi “yakoresheje umwana we mu nyungu ze bwite nk’igikoresho cyo kubeshya” abamukunda n’abandi b'umuryango mugari, nyuma akoresha inkunga yabonaga kugira ngo umuryango ushobore kubaho “ubuzima bw’abakire n’ibyamamare”.

    Umwunganizi w’uyu mugore, nyina w'abana babiri, yavuze ko uwo mukiliya we yagize ikibazo cyo kubatwa n’imikino y'urusimbi (gambling) nyuma y'icyorezo cya Covid-19, maze “abyaza umusaruro” impanuka y’umwana we, ariko ko atigeze agira umugambi wo kumugirira nabi cyangwa kugirira nabi umuryango.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. Ibanki Standard Chartered yagenye imiliyaridi $2.33 ku mugambi wa gariyamoshi wa Tanzania

    Ibanki Standard Chartered yegeranije amafaranga angana n’imiriyaridi 2.33 z’amadorari y’Amerika yo gufasha umugambi w’ibarabara rya gariyamoshi ryo mu bwoko bwa “Standard Gauge Railway”(SGR) muri Tanzania, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

    Ayo mafaranga azokoreshwa mu kwubaka ibice bibiri vy’umurongo wa gariyamoshi ufise uburebure bw’ibirometero 1,219, uhuza umurwa mukuru w’ubudandaji Dar es Salaam n’igisagara ca Mwanza co ku nkengera y’ikiyaga.

    Ishirahamwe ryo muri Turukiya Yapi Merkezi hamwe n’iryo mu Bushinwa rikorera mu bw’ivy'ubwubatsi ryitwa “China Civil Engineering Construction Corporation" ni yo azokora ivyo bikorwa, nk'uko iyo banki yabivuze.

    Yongeyeko ko ayo mafaranga yabonetse biciye mu bigo bitanga ingurane, amabanki y'ubudandaji hamwe n'ibigo vy'iterambere.

    Standard Chartered yavuze ko uwo murongo wa gariyamoshi uzofasha gutwara abantu n’ibidandazwa neza, ugahuza ikivuko ca Dar es Salaam n’uturere tw’iterambere two mu burengero bwa Tanzania hamwe n’ibihugu bibanyi.

    Ivyo vyitezwe gufasha mu guteza imbere ubutunzi mu gihugu hagati.

    Tanzania ifise intumbero yo kwubaka inzira ya gariyamoshi igezweho y'ibilometero 2,561, ihuza n'ibihugu bibanyi bidakora ku mazi birimwo u Rwanda, Uburundi, Uganda na Republika ya Demokarasi ya Congo.

    Izindi nkuru wosoma :

  9. PSG yaraye yirahiye Bayern ku bitsindo 5-4 mu rukino rwa Champions League

    Umugwi wa Paris Saint-Germain waraye utsinze Bayern Munich ibitsindo 5 kuri 4 mu rukino rudasanzwe rwa Champions League rwabereye i Paris, rukaba ari rwo rwa mbere mu mateka rwabayemwo ibitsindo vyinshi cane muri iki gice ca kimwe ca kabiri gishira ica nyuma.

    Khvicha Kvaratskhelia na Ousmane Dembélé ni bo batsinze ibitsindo bibiri umwe umwe, bituma PSG ishobora kwihagararako n’inyuma y’uko Bayern yagerageje kugaruka mu rukino, maze ica ironka akarusho gatoyi imbere y’urukino rwo kwishura ruzobera ku kibuga ca Allianz Arena.

    Igice ca mbere c’urukino cari cubakiye ku gusatirana cane. Harry Kane wa Bayern ni we yatanguye gutsinda kuri penaliti, ariko Kvaratskhelia wa PSG aca arayishura, nawe aratsinda.

    Hanyuma João Neves atsindira PSG igitsindo ca kabiri ku mutwe, ariko Michael Olise aca aracishura. Penaliti yatanzwe inyuma yo gusuzuma VAR, Dembélé yayishize mw’igori, ituma PSG irangiza igice ca mbere iri imbere n’ibitsindo 3 kuri 2 vya Bayern.

    Mu gice ca kabiri, PSG yabonetse mu kwitwara neza, aho Kvaratskhelia na Dembélé bongeye gutsinda, bituma biba 5-2. Ariko Bayern ntiyaciye ireka, kuko Dayot Upamecano na Luis Díaz batsinze mu minota mike ikurikirana, bagabanya ibitsindo gushika aho PSG yasigaye ibarusha igitsindo kimwe gusa.

    Uru rukino rw’ibitsindo icenda rwarashimwe cane n’abakunzi b’umupira w’amaguru, rutuma kandi umumenyereza wa PSG Luis Enrique avuga ko ari rumwe mu nkino ziryoshe cane amaze kubona.

    Ibi vyongereye amashushu yo kumenya uwuzotsinda mu rukino rwo kwishura ruzobera mu Budagi, aho hazomenyekana umugwi uzokina mu rukino rwa nyuma ruzobera i Budapest muri Hongrie.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Afrika y'Epfo: Abimukira b'Abanyafrika baragabishijwe kwugara amaduka mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira

    Abimukira b'Abanyafrika bari ku mugwa mukuru wa Afrika y'Epfo, Pretoria, bahamagariwe "kuba maso cane" mu myiyerekano yo kwiyamiriza abimukira bo mu buryo butemewe n'amategeko, mu gihe hari ubwoba bw'ibitero bishobora guterwa n’urwanko ku banyamahanga.

    Ubuserukizi bwa Ghana muri Afrika y'Epfo bwahanuye abanyagihugu bayo kwugara ubudandaji no "kwirinda kugaragara cane", mu gihe umuyobozi w’ishirahamwe ry’Abanya-Nigeria baba muri Afrika y'Epfo yasavye abanywanyi baryo kuguma mu nzu. Iyindi myiyerekano itegekanijwe ku wa gatatu mu gisagara ca Johannesburg.

    Ivyiyumviro vyo kwanka abimukira vyarongerekanye muri iyi myaka iheze, aho bamwe bemera ko abanyamahanga bariko batuma abanyagihugu babura akazi kandi bakungukira ku buryo butabereye ku bikorwa vya leta.

    Ariko umukuru w'igihugu yavuze ko abanyagihugu badakwiye kwemera ko impungenge zabo "zitera ukwikeka n'urwanko ku Banyafrika bagenzi bacu".

    Mu kwiyamiriza ibitero biherutse gukorerwa abanyamahanga, Prezida Cyril Ramaphosa yakoresheje ijambo ryiwe ryo ku musi wa mbere - w'ukwikukira uhimbaza amatora ya mbere ya demokarasi yabaye mu 1994 - mu kwibutsa igihugu ciwe ideni bafitiye ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyashigikiye urugamba rwo kurwanya intwaro karyanishamiryango y'ivanguramoko y'abazungu (apartheid) yabaye muri ico gihugu.

    Ku musi wa kabiri, abantu amajana n'amajana bihaye amabarabara ya Pretoria mu myiyerekano yateguwe n’umugwi March and March, berekeza ku nyubakwa za Union, icicaro gikuru ca leta.

    Afrika y'Epfo ifise abimukira bashika imiliyoni 2.4, bari munsi ya 4% y'abanyagihugu bose, nk'uko ibiharuro vya leta bivyerekana. Benshi muri bo bava mu bihugu bibanyi nka Lesotho, Zimbabwe na Mozambique, bifise kahise ko gutanga abakozi baja gukora muri Afrika y’Epfo kuko co ari igihugu gitunze.

    Ivyo kwanka abanyamahanga bimaze igihe kirekire ari ikibazo muri Afrika y'Epfo, kandi rimwe na rimwe bikavyara ubukazi bushobora no guhitana ubuzima bw’abantu.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Gutebya no gusetsa – Umwami Charles III na Trump bagaragaje ibyishimo mu mugoroba w'isangira

    Umwami Charles III w'Ubwongereza na Perezida w'Amerika Donald Trump bagiye banyuzamo bagatera urwenya mu ijambo buri umwe muri bo yavuze, bituma umwuka woroha nubwo ubundi cyari igikorwa cyo ku rwego rwo hejuru.

    Umwami w'Ubwongereza ari mu ruzinduko rw'iminsi ine rwo ku rwego rwa leta muri Amerika yatangiye ku wa kabiri – rwa mbere rubayeho kuva Umwamikazi Elizabeth II akoreye uruzinduko muri Amerika mu 2007.

    Dore incamake y’ibihe by’urwenya byagaragaye mu mbwirwaruhame zabo:

    Mu ntangiriro y’ijambo rye, Trump yagize ati: “Ndashaka gushimira Charles kuba yatugejejeho ijambo ryiza cyane uyu munsi mu nteko ishingamategeko … Yatumye Abademokarate bahaguruka, jye sinabishobora.”

    Mu ijambo rye, Umwami yavuze ati: “Sinabura kubona impinduka zakozwe ku gice cya East Wing cyo ku nyubako ya White House, Bwana Perezida, nyuma y’uruzinduko rwawe i Windsor Castle [ingoro y'Ubwami bw'Ubwongereza] mu mwaka ushize.”

    Yakomeje agira ati: “Birambabaje kubivuga ko twebwe Abongereza, birumvukana, twigeze kugerageza kuvugurura White House [inyubako y'ibiro bya Perezida w'Amerika] mu 1814,” aho yakomozaga ku gihe ingabo z'Ubwongereza zatwikaga White House.

    Umwami yongeyeho ati: “Koko rero, vuba aha wavuze, Bwana Perezida, ko iyo bitaba Leta Zunze Ubumwe [z’Amerika] ibihugu by’i Burayi byajyaga kuba bivuga Ikidage.” Arongera ati: “Nanjye se ntinyuke mvuge ko iyo bitaba twe, mwe mwajyaga kuba muvuga Igifaransa…!”

    Aho, Umwami w'Ubwongereza bisa nkaho yakomozaga ku kuba Amerika yarafatiye urugero ku mpinduramatwara yo mu Bufaransa kugira ngo irwanye Abongereza bayikolonizaga, ikagera ku bwigenge.

    Bisa nkaho bwari uburyo bwo gutebya kuri Trump ko iyo Ubwongereza budakoloniza Amerika, itakabaye ivuga Icyongereza, ko ubu yajyaga kuba ivuga Igifaransa.

    Umwami yarangije ijambo rye yifashishije umurongo wo mu nyandiko y'umwanditsi n'umusizi w'Umwongereza William Shakespeare, anashimira Trump ku “ifunguro ryiza cyane”, abivugana urwenya ko ari “iterambere rikomeye ugereranyije n’ibyabaye muri Boston Tea Party”, aho abigometse muri Amerika ya kera bajugunyaga icyayi cy’Abongereza mu cyambu.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Amerika ihakana gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare yo kurinda ibirombe muri DR Congo

    Leta y’Amerika yatangaje ko itarimo gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare yo kurinda ibirombe bicukurwamo amabuye y’agaciro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), nyuma y’iminsi amakuru amwe yumvikanishije ko Amerika iri mu baterankunga b’umutwe mushya wo kubirinda.

    Itangazo ry'ambasade y'Amerika i Kinshasa rigira riti: “Leta y’Amerika ntirimo gutera inkunga imitwe yitwara gisirikare kugira ngo irinde ibirombe.”

    Iryo tangazo ryongeraho ko Amerika na DRC byiyemeje guteza imbere iterambere risangiwe ry’ubukungu, umutekano n’uburumbuke binyuze mu masezerano ibihugu byombi byagiranye.

    Rivuga ko icyo gikorwa gishyigikira umusingi w’ishoramari rinini cyane kurushaho muri DRC, hazirikanwa ko iterambere ry’ubukungu ry’igihe kirekire rishyigikira umutekano w’igihe kirekire.

    Muri iki cyumweru, urwego rushinzwe ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro muri DRC rwavuze ko uwo mutwe witwara gisirikare ushinzwe kurinda ibirombe, kubahiriza amategeko abigenga, no gukurikirana neza amabuye y’agaciro abivamo.

    Umukuru w’urwo rwego yavuze ko uwo mutwe ari igitekerezo cya Perezida wa DRC Félix Tshisekedi, mu ntego ze zo kuvugurura uru rwego no kurwanya imicungire mibi y’amabuye y’agaciro.

    Biteganyijwe ko icyiciro cya mbere cy'abagize uwo mutwe witwara gisirikare gitangira gukora mu Kuboza (12) kw’uyu mwaka nyuma yo gutozwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.