IKIBIRIRAHO, Amerika nta gahengwe iha Irani mu gihe Trump akangisha gutera ikibanza ca nikleyere kiri munsi y'ubutaka
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagavye ibitero kuri Iran mw'ijoro rigira 11 ubudasiba, mu gihe Tehran igabisha Amerika ko itohirahira ngo itere ibigo vyayo vya nikleyere.
Incamake
Umukuru wa La Liga, ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho, akavuga ko uru rwego rujejwe umupira w'amaguru kw'isi "ruriko rurica umupira w'amaguru".
Ukraine yongeye gutera ibigo vy'ububiko vya kompanyi Wildberries mu Burusiya
Ahavuye isanamu, Social Media/Reuters
Ukraine yongeye kugaba ibitero ku bigo vy'ububiko no
gukwiragiza ibidandazwa vya kompanyi Wildberries, ikompanyi nini kuruta ayandi ikorera
ubudandaji ku mbuga ngurukanabumenyi mu Burusiya. Ivyo bitero vyagabwe mu ntara
za Krasnodar na Stavropol.
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko ivyo
bigo vyakoreshwa mu gufasha ingabo z'Uburusiya, cane cane mu gutanga ivya
nkenerwa mu gukora indege zitajamwo abadereva (drones) hamwe n'ibikoresho
bifasha mu kuyobora no kumenya inzira.
Yavuze kandi ko ibi bitero vy’ubu vya Ukraine vyatumberejwe kandi
ku bubiko bw'ibitoro, hamwe n'amato atanu y'Uburusiya akorera mu kinywabi, yari
mu mazi y'Ikiyaga Cirabura (Black Sea) n'Ikiyaga Azov.
Buramatari w'intara ya Krasnodar yatangaje ko ivyo bitero
vya Ukraine vyahitanye nibura umuntu umwe, abandi cumi bakaba bakomeretse.
Ukraine yari yabanje gutera ububiko bwa Wildberries ku wa gatandatu.
Abahinga bakurikirana ivy'intambara bavuga ko ibitero kuri
kompanyi ifise uruhara rukomeye mu vy’ubutunzi n'ubudandaji bw'Uburusiya bisa n’ivyerekana
ko Kyiv iriko iragura imikenyuro yayo muri iyi ntambara, mu gutera ibigo bifasha
ubutunzi bw'Uburusiya no ku mashirahamwe afasha ibikorwa vy'ingabo zabwo, aho
kwibanda gusa ku bitero ku bibanza vya gisirikare.
Zelensky yabogoje umukuru w’ingabo za Ukraine inyuma y’imyiyerekano yari imaze iminsi
Ahavuye isanamu, Global Images Ukraine via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Oleksandr Syrskyi yashimwe na Perezida Zelensky ku ruhara rwiwe mu gukingira neza umugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, mu 2022
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yabogoje umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare w’iki gihugu, Oleksandr Syrskyi.
Ni ingingo afashe inyuma y’imisi mike abogoje kandi umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Mykhailo Fedorov, ingingo yatumye
haduka imyiyerekano mu gihugu cose.
Hari hagize imisi hari amakuru yavuga ko ibogozwa rya Fedorov
ryoba ryavuye ku kutumvikana hagati ya we na Syrskyi, amakuru yahavuye yemezwa.
Fedorov, afise imyaka 35, yarashimwa cane kubera intege
yazanye mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’impinduka yazanye mu gisirikare
ca Ukraine, akongera agafata iya mbere mu kurwanya igiturire.
Ku rundi ruhande, Syrskyi w’imyaka 60, yabonwa na benshi muri
Ukraine nk’intwazangabo yigishijwe n’icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti, atashaka
gushira mu ngiro impinduka zikomeye mu gisirikare.
Mu butumwa bwo gusezera yashize ku rubuga rwa Telegram,
Syrskyi yishimiye ibikorwa vyiwe, aho
yagize ati: "Ingabo zari zimaze imyaka ibiri mu rugamba rukomeye rwo
kwivuna gusa, ubu ni zo zitera.
"Uwunsubirira ndamushikirije igisirikare kitivuna
gusa, ahubwo gisatira. Ndizeye vy’ukuri ko iyi ntambwe yo gusatira izobandanya".
Mu butumwa yashize kuri Facebook, Drapatyi agira ati: "Nzokorana
ubwitonzi bwinshi, n’umutima wanje wose, kandi mpa icubahiro abariko bitangira igihugu
cacu uno musi”.
Yashimiye kandi Syrskyi ku ruhara rwiwe mu gukomeza igisirikare
ca Ukraine, ati: "Nanje nakuriye muri izi ngabo".
Mu butumwa bwa videwo yashize ku mbuga nyagiro nijoro ku wa
kabiri, Zelensky yashimiye Syrskyi ku bikorwa vya gisirikare yarongoye, harimwo
uruhara yagize mu gukingira neza umugwa mukuru Kyiv mu misi ya mbere y’intambara
yeruye Uburusiya bwatanguje kuri Ukraine mu mwaka wa 2022.
Mu ndwi iheze, ni ho Fedorov yasubirirwa na Yevhenii Khmara, yahoze ari
umwe mu bategetsi bakuru b’Urwego rujejwe igendereza muri Ukraine (SBU).
Inama
nshingamateke na nkenguzamateka z’Ubufaransa zemeje itegeko ribuza abana bari
munsi y'imyaka 15 gukoresha imbuga nyagiro kuva muri Nzero (1) 2027, bukaba
bubaye igihugu ca mbere ku mugabane wa Bulaya gifashe ingingo nk'iyo yo kubuza
abana bato gukoresha izo mbuga.
Iryo tegeko
ritegekanya ko umuntu wese ari mu Bufaransa azosabwa kwemeza imyaka yiwe imbere
yo gukoresha imbuga nyagiro.
Rije mu
gihe Ubwongereza n'Ubumwe bwa Bulaya (EU) na vyo biriko biriga uburyo bwo
gushiraho amategeko nk'ayo kubera impungenge ku magara yo mu mutwe y'abana.
Perezida Emmanuel
Macron w'Ubufaransa yashimye iyi ngingo yari yarasezeranye gushira mu ngiro
imbere y'uko arangiza ikiringo ciwe c'imyaka cumi ari ku butegetsi.
N'aho hari
abakekeranya kw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko, reta y'Ubufaransa ivuga ko
hari uburyo bwa none, bwiza kandi bukora neza, bwo kugenzura imyaka
y'abakoresha izi mbuga.
Abakenguzamateka
n'abashingamateka bose baremeje iyo ngingo ejo ku wa kabiri, naho bamwe mu
banyapolitike bo ku ruhande rw'abaharanira impinduka (gauche) batayibona ryiza.
Iri tegeko
rizoshirwa mu ngiro mu ntambwe zibiri:
Kuva muri Nyakanga (9) 2026, abana bari munsi y'imyaka 15 ntibazokwemererwa gufungura konte nshasha ku mbuga nyagiro, kandi umuntu wese ashaka gufungura konte nshasha azosabwa kwemeza imyaka yiwe.
Kuva muri Nzero 2027, iryo tegeko rizokoreshwa no ku makonte yose yari asanzwe ahari, ibi bigasigura ko umuntu wese ari mu Bufaransa azosabwa kwerekana ko afise nibura imyaka 15 kugira abandanye gukoresha imbuga nyagiro.
Ariko, umushikiranganji
w'Ubufaransa ajejwe ivy'ubuhinga bwa none, Anne Le Hénanff, avuga ko umuvuduko
wo gushira mu ngiro iryo tegeko ata ngorane uteye, “kuko uburyo bwo kugenzura
imyaka bwari busanzwe buhari”.
Inzu Adolf Hitler yavukiyemwo igiye kuba ikigo c'igipolisi
Ahavuye isanamu, Getty Images
Inzu Adolf Hitler yavukiyemwo mu gihugu ca Autriche/Austria mu
mwaka w’1889 iza kwugururwa ku mugaragaro uno musi nk’ikigo c’igipolisi.
Umuryango w'uno mutegetsi yahavuye aba umukuru w'Abanazi akanatanguza
intambara ya Kabiri y’Isi yose, wabaye muri iyo nzu y'amagorofa atatu - iri mu
gisagara ca Braunau giherereye mu buraruko bw'igihugu - imyaka itatu gusa.
Mu myaka myinshi, reta ya Autriche yarayikotera nyeneyo
kugira ngo ntihave ihinduka inyubakwa y’ingenzi z'abakurikira ivyiyumviro
vy'Abanazi. Uno musi, haciye imyaka cumi reta iyegukanye burundu.
"Fascism [ubwoko bw’ubutegetsi bw’agahotoro] ntikagaruke.
Amamiriyoni n’amamiriyoni y'abahitanywe na yo batubere icibutso".
Adolf Hitler yari umunyaporitike w’Umudagi yatwaye Ubudagi kuva mu 1933 gushika mu 1945. Ni we yari umukuru w’umugambwe
w’Abanazi, kandi akaba yagize uruhara rukomeye mu gutanguza Intambara ya Kabiri
y’Isi Yose yahitanye amamiriyoni mirongo y’abantu, harimwo n’Abayahudi baharurwa
mu miriyoni zitandatu.
Amerika nta gahengwe iha Irani mu gihe Trump akangisha gutera ikibanza ca nikleyere kiri munsi y'ubutaka
Ahavuye isanamu, Reuters
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagavye ibitero kuri Iran mw’ijoro
rigira 11 ubudasiba, mu gihe Tehran igabisha Amerika ko itohirahira ngo itere ibigo
vyayo vya nikleyere.
Ubuyobozi
bw'ingabo za Amerika zikorera mu karere (Centcom) bwavuze ko ivyo bitero ari ivyo kubandanya gucuvya Irani kugira ngo ntibandanye
ihungabanya uruja n'uruza rw'ubwato bw'ubudandaji mu Muhora wa Hormuz.
Ibiturika vyumvikanye mu bisagara vya Tabriz, Chabahar,
Konarak, hamwe na Bushehr, ahari ikigo kimwe kitarenga ntikirenguke ca
nikleyere ca Irani.
Irani, mu gihe ibandanya yihorera ku
bihugu vy’incuti za Amerika mu Buseruko bwo Hagati, igabisha ko izokwihora, inyuma
y'aho Donald Trump avugiye ko Amerika igiye gutera ikibanza ca nikleyere kiri
munsi y'ubutaka hafi ya Natanz.
Centcom ivuga ko ingabo za Amerika zateye ibigo vya
gisirikare vya Iran, ibigo vy’ingabo zirwanira mu mazi, ububiko bw'indege z’intambara n’amadrone, hamwe n'ibikorwa remezo vya gisirikare.
Yagirije kandi Iran ko, mu kiringo c’mezi atatu aheze,
yateye “ubwato burenga 30 bw'ubudandaji” buca mu Muhora wa Hormuz.
Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, igisirikare ca Koweit
kirwanira mu kirere cavuze ko cari gihanganye n’ibitero vy'indege zitajamwo
abadereva (drone) vya Irani. Bahrain na Yorodaniya navyo vyatangaje ko
vyaburijemwo ibitero vya misile n’amadrone.
Imbere y'aho, Perezida Donald Trump yari yavuze ko igitero
gikurikira gishobora kwerekezwa ku kigo kizwi nka Pickaxe Mountain, ahakekwa ko
Iran iriko yubaka mu mpisho ikigo co gutunganya uranium.
Ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Libani, Joseph Aoun, muri
Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru wa Amerika), Trump yagize ati: "Tuzohatera
vuba tudatevye".
Ubuyobozi bukuru bw’igisirikare ca Iran, Khatam al-Anbiya, buvuga
ko buzofata ico gitero nk'ukwagura intambara mu karere, maze bukangisha gutera “ibibanza
vyose vy’inyungu za Amerika, iz'incuti zayo n'iz'abayishigikiye”, nk’uko
bitangazwa n’ikimenyeshamakuru ca reta ya Irani, IRIB.
Trump yagabishije kandi ko Amerika izofatira ingingo ruhasha
abarwanyi b'aba Houthi hamwe boshira mu ngiro umugambi wabo wo kuzibira ibivuko
vya Arabia Sawudite.
Imbere y’aho, umuvugizi w'aba Houthi yari yatangaje ko bagiye kuzibira ubwato buva canke buja muri Arabia Sawudite buciye mu muhora wa Bab al-Mandab ushikana ku Kiyaga Gitukura.
Kuva intambara ya Amerika na Israel kuri Irani yadutse, igatuma
Umuhora wa Hormuz wugarwa, Ikiyaga Gitukura ni inzira kirumara y’igitoro kivuye
muri Arabia Sawudite.
Muri Ruheshi (6), Iran na Amerika bari bateye umukono ku
masezerano y’agahengwe no gusubira kwugurura Umuhora wa Hormuz, hamwe no gushika
ku masezerano yo guhagarika intambara, mu kiringo c'iminsi 60.
Ariko haciye indwi zitatu gusa ayo masezerano asinywe, Trump
yatangaje ko amasezerano y’agahengwe “yahagaze”, inyuma y'ibitero vya Irani ku bwato bwariko buca muri Hormuz n'ibitero vya Amerika vyo kwishura vyakurikiye.
Umukuru wa La Liga avuga ko Infantino akwiye gutanga imihoho ku burongozi bwa FIFA
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Javier Tebas aranegura bikomeye Gianni Infantino, umukuru wa FIFA kuva mu 2016
Umukuru wa La Liga, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo muri
Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho, akavuga ko uru
rwego rujejwe umupira w'amaguru kw’isi "ruriko rurica umupira w'amaguru”.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru c'Ubutaliyano La Gazzetta
dello Sport, Javier Tebas, umukuru wa La Liga, yabajijwe nimba
Infantino akwiye gutanga imihoho, Tebas yishuye ati: "Ku bwanje, ego.
Ndibaza ko igihe ciwe carangiye".
Ariko rero, avuga ko uyu mutegetsi wa FIFA w’imyaka 56 ashigikiwe
cane n'amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bitandukanye, yongerako
ko uburyo bwo gutora umukuru wa FIFA "bwaboreye mu mizi."
Ati: "Nta mukandida n’umwe amuhangara, kuko nta n'umwe
yifuza guhiganwa azi neza ko zotsindwa.
Tebas yari muri Amerika aho yagiye kwirabira ingene igihugu
ciwe ca Espagne gitahukana Igikombe c'Isi c'umwaka wa 2026.
Yagize ati: "Muri iyi misi nkiri hano muri Amerika,
numvise abantu benshi bavuga ko batemera Infantino kandi badashigikiye ivyo
ariko arakora.
"Barabivuga ariko ntaco bari bukore. Sinzi ikintu kibi
kurusha ikindi hagati yo kwinumira no gushigikira ikibi, kuko abinumiye bose
barazi neza ibiriko birononekara mu mupira w’amaguru”.
Vyitezwe ko Infantino atorerwa ikiringo kigira kane mw’ikoraniro
rikuru rya Fifa ritegekanijwe mu kwa gatatu kw’umwaka uza, ariko Tebas yemeza
ko ikibazo ca Balogun cari gushobora gutuma atakaza iki kibanza.
Iki kibazo ca Balogun carababaje cane Tebas.
Balogun w'imyaka 25 yarakuweko igihano cari gutuma adakina
urukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma aho Amerika yahura n'Ububirigi,
inyuma y'uko Perezida Donald Trump wa Amerika avyinjiyemwo.
Tebas yavuze ati: "Gufuta igihano cari cahawe urya
mukinyi wa Amerika cabaye ikintu gikomeye cane. Imana yose bagize ni uko Ububiligi
bwatsinze Amerika, kuko iyo bitaba gutyo, vyari gushobora kuvamwo ikibazo cari
gutuma Infantino atakaza akazi kiwe".
"Barashoboye kuzimangana ico kibazo kubera Ububirigi
bwatsinze. Ariko ibi bintu ni utuntu duto gusa tubonetse muri vyinshi cane".
Iyo ngingo kandi yaraneguwe cane n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru
rya Bulaya, UEFA, aho ryavuze ko ari ikintu “kitari bwigere kibaho, kidashobora
kwumvikana, kandi ata nsiguro gishobora kuronka”.
Ico cemezo ni kimwe mu vyatumye mbere umukuru wa UEFA Aleksander
Ceferin atitaba urukino rwa nyuma w'Igikombe c'Isi.
Hampande y’ingingo avuga ko itabereye na gato kuri Balogun,
umukuru wa La Liga yaraneguye cane akaruhuko abakinyi bahabwa mu Gikombe c'Isi ko
kunywa amazi, umwanya muremure w'akaruhuko hagati y'igice ca mbere n'ica Kabiri
mu rukino rwa nyuma, hamwe n'iciyumviro co kuzokwongereza igitigiri c’imirwi
yemerewe gukina mu gikombe c’isi, gushika kuri 64.
BBC Sport iracagerageza gusaba FIFA kugira ico ivuga kuri
ibi bivugwa ku mukuru wayo.