IKIBIRIRAHO, Amerika yashize amatagisi ku bihugu vyinshi kubera iyinjizwa ry’ibidandazwa hifashishijwe ‘abakozi bakoreshwa ku ngugu’

Amatagisi Amerika yashizeho ava kuri 10 gushika kuri 12,5%. Akora ku bihugu bikomeye mu bucuruzi kw’isi harimwo Ubwongereza, Ubushinwa, Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya, Canada, Ubuyapani n'ibindi.

Incamake

Amerika yashize amatagisi ku bihugu vyinshi kubera iyinjizwa ry'ibidandazwa hifashishijwe 'abakozi bakoreshwa ku nguvu'

Amakuru y'ikibiriraho

Gildas Yihundimpundu

  1. Ibihugu by'Abarabu biramagana kwinjira kwa Minisitiri w'idini rya Israel mu musigiti mutagatifu wa Al Aqsa

    Umusigiti

    Ahavuye isanamu, EPA/Shutterstock

    Mu itangazo ryashyizwe ahagaragara, ibihugu umunani by'Abarabu n'iby'idii ya Islamu byamaganye byimazeyo ukwinjira kwa Minisitiri w'Israel n'abimukira mu musigiti wa Al-Aqsa.

    Abaministre b’ububanyi n’amahanga ba Arabiya Sawudite, Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE), Jordan, Misiri, Qatar,Turukiya, Pakisitan , na Indonesia basohoye itangazo rihuriweho bamagana cyane igikorwa cya Itamar Ben-Gvir, Minisitiri w’Umutekano w’Igihugu wa Israel n’abimukira b’Abisirayeli binjiraga mu musigiti wa Al-Aqsa.

    Itangazo ryasohotse ku mugoroba wo ku wa Kane , ryavuze ko iki gikorwa ari ukunyuranya ku buryo bugaragara n’amateka n’amategeko by’umusigiti wa Mutagatifu wa Al-Aqsa ndetse n’ubugizi bwa nabi budakwiye bushobora gutuma umwuka mubi wiyongera muri ako gace.

    Ibi bihugu munani byashimangiye ibi bikurikira:

    • Hakwiye kubaho kubaha ubuyobozi bwa Yorodaniya ku hantu hatagatifu h’abayisilamu n’abakirisitu i Yerusalemu;
    • Kwamagana igerageza iryo ari ryo ryose ryo guhindura amateka n'amategeko agenga umusigiti wa Al-Aqsa;
    • Guhagarika ibikorwa by’ubugizi bwa nabi n’ibikorwa byo ku ruhande rumwe bishobora guhungabanya umutekano n’ituze ry’akarere;
    • Hogomba bahiriza amategeko mpuzamahanga n'ibyemezo bya UN kuri Yerusalemu.

    Iri tangazo ryasohotse nyuma y'uko Itamar Ben-Gvir yinjiye mu musigiti wa Al-Aqsa ari kumwe n'amagana y'abimukira b'Abanya-Israel, igikorwa cyamaganywe cyane n'Abanyapalestina, Jordan, n'ibihugu byinshi by'Abarabu n'abaislamu.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Amerika yashize amatagisi ku bihugu vyinshi kubera iyinjizwa ry’ibidandazwa hifashishijwe ‘abakozi bakoreshwa ku nguvu’

    Perezida Donald Trump atunze urutoke ikintu kitagaragara. Yambaye ikositime y'ubururu, ishati yera n'ikaruvati itukura. Mu maso, asa n’uwufise umwitwarariko.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashizeho amatagisi mashasha ku bihugu nimiburiburi 60 bifitaniye na zo imigenderanire y’ubucuruzi – ari na vyo ziguriramwo igice kinini c’ivyo zinjiza – zivyagiriza ko bitakoze ibihagije kugira bihagarike ikoreshwa ry'abakozi bakoreshwa ku gahato.

    Ayo matagisi ava kuri 10 gushika kuri 12,5%, akora ku bihugu bikomeye mu vy’ubucuruzi harimwo Ubwongereza, Ubushinwa, Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya (EU), Canada, Ubuyapani n'ibindi. Vyitezwe ko atangura gukurikizwa uno musi ku wa gatanu.

    Ni mu gihe haramutse harangira ikori ry'igihe gito rya 10% Trump yari yashize, mu ntango z'uyu mwaka, ku bidandazwa biva mu mahanga.

    Iyi ngingo ni iyindi ntambwe igaragaza ugukara kw’intambara y'ubucuruzi ku rwego rw'isi yari yatangujwe na Perezida wa Amerika kuva agarutse ku butegetsi mu mwaka uheze.

    Mu ntango z'uyu mwaka, Sentare nkuru y’ico gihugu yari yatesheje agaciro ingingo ya Trump yo gushira amatagisi ku bidandazwa biva mu bihugu bitandukanye, hakoreshejwe ububasha bw'ibihe vyihutirwa, aho yasiguye ko yari iteye kubiri n'amategeko.

    Kuva ico gihe, Perezida Trump yagumye arondera izindi nzira z'amategeko yokwubakirako politike yiwe y'ubudandaji.

    Mu kwezi guheze, ibiro vy'Umukuru w'igihugu wa Amerika ni vyo vyari vyasavye ko hashirwa amatagisi ari hagati ya 10 na 12,5% ku bidandazwa vyinjira muri Amerika bivuye mu bihugu biharurwa muri mirongo, aho vyasiguye ko ivyo bihugu bitakoze ibihagije mu kurwanya ikoreshwa ry'abakozi bakora ku gahato.

    Ku wa kane, Jamieson Greer ajejwe igisata c’ubucuruzi ca Amerika Jamieson Greer, akurikije amabwirizwa ya Donald Trump, yavuze ko ayo matagisi agiye gutangura gukurikizwa.

    Yagize ati: "Ingingo dufashe uno musi izotangura gukosora ihonyangwa ry’agateka ka muntu n’amakosa ajanye n’ihiganwa mu bucuruzi, mu ntumbero yo guteza imbere imibereho y'abakozi iyo bari hose kw’isi."

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.