Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Trump yavuze ko agahengwe hagati ya Israel na Liban kongerejwe indwi zitatu

Donald Trump yatangaje ko agahenge hagati ya Israel na Liban kongerejwe amayinga atatu, Amerika ikazofasha Liban kwikingira Hezbollah no gushigikira ibiganiro vy’amahoro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Iran: Komanda w’igisirikare yavuze ku bumwe bafite nyuma ya Trump wavuze ko hari 'imirwano imbere' mu bategetsi

    Brigadier General Esmail Qaani komanda w’umutwe w’ingabo za Iran wa Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) ishami rya Quds yiyongereye ku bandi bategetsi bavuze ku bumwe bwa Iran no gukomera k’ubutegetsi nyuma y’uko Perezida Trump avuze ko imbere muri butegetsi bwa Iran hari ibibazo.

    Kuwa kane, Trump yavuze ko hari “imirwano y’imbere” mu butegetsi bwa Iran, kandi ko abanya-Iran “batazi neza utegeka” igihugu.

    Bamwe mu bategetsi ba Iran bahise batangira gusubiza, bavuga ko Iran yunze ubumwe muri ibi bihe irimo.

    Esmail Qaani yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ko “Umugongo” w’abarwanyi ba Iran ari “ubumwe bw’imihana no gukorana neza kw’abategetsi”.

    Yanditse ati: “Mu bumwe bukomeye nk’icyuma bw’igihugu na leta, no mu kubaha kuzuye umutegetsi w’ikirenga, tuzatuma uwaduteye abyicuza”

    Esmail yavuze ibi nyuma y’andi matangazo ya perezida wa Iran, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga n’umukuru w’inteko ishinga amategeko nabo bavuze basubiza Trump.

  2. "Impungenge zikomeye cane" za HCR ku biriko biba ku mpunzi z'Abarundi mw’ikambi ya Nduta muri Tanzania

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi, UNHCR, rivuga ko rifise “impungenge zikomeye cane” ku makuru aheruka yerekeye ihohoterwa n’ugushirwako igitutu kwiyongereye ku kibanza c’ukurindiriramwo gutaha kiri mw’ikambi ya Nduta muri Tanzania, ubu kirimwo impunzi zirenga 5.600 z'Abarundi zirengeye cane ubushobozi bwaco.

    Mw’itangazo barungikiwe BBC Gahuzamiryango, UNHCR yavuze ko yari yahagaritse gatoyi kwiyandikisha kw’abipfuza gutaha ku bushake, ariko ico gikorwa casubiye kubandanya inyuma y’uko Leta ya Tanzaniya itanze ivyizigiro ko ibintu vyasubiye mu buryo. Ariko yagabishije ko ibintu biguma bihindagurika.

    Iryo shirahamwe rivuga ko rifatanije n’abafatanyabikorwa barimwo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara yabantu OMS n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa kw’isi PAM, ribandanya gutanga imfashanyo za nkenerwa nk’uburaro, amazi meza, isuku, ubuvuzi hamwe n’imfashanyo y’ibifungurwa ku mpunzi z’Abarundi ziri mu makambi ya Nduta no muri Nyarugusu.

    Ku rundi ruhande, Leta ya Tanzaniya yashizeho intumbero ko gushika mu kwezi kw’indwi ata mpunzi y’Umurundi izoba ikiri muri ico gihugu.

    Ariko zimwe mu mpunzi zabwiye BBC ko zikubitwa kandi zidahabwa amazi n'imfungurwa, aho hantu huzuye cane kandi harangwa isuku rike.

    Benshi bavuga ko ivyo bariko barabona bisa n’ugushirwa ku gitutu kugira batahe, aho kuba ugutaha ku bushake.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Papa Leo asaba America na Iran gusubira mu biganiro vy'amahoro

    Papa Leo yasavye America na Iran kubandanya ibiganiro vy'amahoro bigamije kurangiza intambara, avuga ko iyo ntambara yasize "abanyagihugu benshi muri Iran mu kababaro".

    Ayo majambo aje inyuma y'ukutumvikana gukomeye kwabaye hagati yiwe na Prezida Donald Trump wa Amerika, aho Trump yasohoye amajambo maremare kuri Papa, amwagiriza kuba yamirira kure ibikorwa vya gisirikare vya Amerika na Israel muri Iran.

    Papa yavuze ati: “Ndashigikiye ko ibiganiro vy’amahoro bibandanya, ko impande zose zogerageza uko zishoboye guteza imbere amahoro, gukuraho ivyago vy’intambara no kwubahiriza amategeko mpuzamakungu.”

    Yabivugiye mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu ndege ariko aarataha i Roma, avuye mu rugendo yagiriye ibihugu bine vya Afrika.

    Yongeyeko ati: “Nk’umwungere w’abantu, sinoshigikira intambara. Ndashaka guhamagarira bose gushira inguvu mu kurondera inyishu ziva mu muco w’amahoro, atari urwanko n’ukwicana.”

    Yamenyesheje kandi ko afise ifoto y'umwana w'umuyisilamu wo muri Liban yafotowe afise icapa canditseko “Murakaza neza Papa Leo” igihe yari mu rugendo muri ico gihugu mu mwaka uheze.

    Ati: "Muri iyi ntambara iheruka uwo mwana yarishwe."

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Trump yavuze ko agahengwe hagati ya Israel na Liban kongerejwe indwi zitatu

    Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za America, Donald Trump, yamenyesheje ko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Israel na Libani azokwongerezwa indwi zitatu, inyuma y'ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru vyabereye muri nyubakwa z’umukuru w’igihugu ca America, White House. Mu butumwa yashize ku rubuga Truth Social, Trump yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'ico yise "umubonano w'amateka cane" hagati y'abategetsi ba Israel na Libani mu biro vy'umukuru w'igihugu, vyitabwe n'icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance hamwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Marco Rubio.

    Trump yongeyeko ko America izokorana na Libani mu "kuyifasha kwikingira Hezbollah," ivyo bikaba vyerekana ko hari utwigoro mu vya dipolomasi two kugarukana amahoro mu karere. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko abategetsi b'ivyo bihugu vyompi vyitezwe ko baja i Washington mu ndwi ziri imbere, harimwo umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu na prezida wa Liban Joseph Aoun.

    Abaserukira ibihugu vya America, Israel na Liban barashimye ico cemezo, bakavuga ko biyemeje kurwanya Hezbollah. Trump yavuze ko Amerika ifise "ibikenewe vyose" vyo gushigikira ivyo bihugu vyompi, n'aho hataramenyekana ukuntu bizoshirwa mu ngiro.

    Iyi ntambwe ibonwa nk’igice c’akigoro ka Amerika ko kugabanya umwuka mubi mu karere, aho Trump yerekanye ko bishobora no kujana n’ibiganiro biriko biraba bijanye n’intamabara ya Iran.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.