IKIBIRIRAHO, Trump yavuze ko agahengwe hagati ya Israel na Liban kongerejwe indwi zitatu

Donald Trump yatangaje ko agahenge hagati ya Israel na Liban kongerejwe amayinga atatu, Amerika ikazofasha Liban kwikingira Hezbollah no gushigikira ibiganiro vy’amahoro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisèle Berwa na Samba Cyuzuzo

  1. Kenya na Uganda mu biganiro ku kubaka uruganda ruhuriweho rutunganya ibiva kuri peteroli

    Dangote mu ishati yumweru kalvati y’ubururu irimo Utudomo na costume yumukara, Museveni yambaye ishati y’umweru, naho Ruto we yambaye ishati yumweru na costume yenda kuba umukara , no ifoto yafatiwe muri ‘Africa we build’I Nairobi

    Ahavuye isanamu, Africa we Build

    Insiguro y'isanamu, Uhereye iburyo Aliko Dangote umushoramari uko ima muri Nigeria Perezida Museveni wa Uganda na mugenzi we Ruto William wa Kenya, aba bagiye gufatanya mukubaka uruganda rutunganya ibiva kuri peteroli ruzubakwa mugace ka Tanga ho muri Tanzania

    Ku wa 23 Mata (Ukwezi kwa4), Perezida wa Kenya William Ruto yavuze ko igihugu ciwe hamwe n’igituranyi ca Uganda bari mu biganiro vyo kwubaka uruganda rusangi rutunganya peteroli, hagamijwe gutunganya peteroli mbisi no gukomeza umutekano w’inguvu mu karere, mu gihe hariko haraboneka ikibazo c’ibikomoka kuri peteroli n’izamuka ry’ibiciro rifitaniye isano n’intambara yo muri Iran, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri Kenya.

    Avuga mu nama yitwa Africa We Build Summit yabereye i Nairobi, Ruto yavuze ko urwo ruganda ruzokwubakwa hafi y’icambu ca Tanga muri Tanzaniya, rukazotunganya peteroli mbisi iva mu bindi bihugu vy’akarere birimwo Repubulika ya Demokarasi ya Kongo na Sudani y’Epfo.

    Ruto yongeyeho ati: “Tuzokwubaka umuyoboro wa peteroli uva Tanga uja i Mombasa, ku buryo ibikomoka kuri peteroli vyatunganyijwe bizokwunguruzwa biciye ku bikorwa remezo dusangiye na Uganda.”

    Muri iyo nama nyene, umuherwe w’Umunya- Nigeria Aliko Dangote, akora mu gisata c’inguvu, yavuze ko yiteguriye kwubaka urwo ruganda mu kiringo kitarenza imyaka itanu, mu gihe yobona ubufasha bw’abo bategetsi.

    Yavuze ko ruzoba rusa n’uruganda rwa Dangote Petroleum Refinery ruri i Lagos, rusanzwe rutunganya peteroli ingana n’utugungutu tugera ku 650.000 ku musi.

    Kwishingikiriza ku peteroli itumizwa mu mahanga vyatumye akarere kagira ihungabana rikomeye ry’ibikomoka kuri peteroli mu gihe amakimbirane yo mu Buseruko bwo Hagati abandanya, aho Kenya na Tanzaniya vyazamuye cane ibiciro vya peteroli muri Mata(ukwa4).

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Trump yavuze ko atazakoresha intwaro kirimbuzi muri Iran

    Intwaro kirimbuzi ya Titan II yo mu bwoko buraswa kure ubwo yafotowe iri mu bubiko bwayo i Green Valley muri leta ya Arizona ya Amerika

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Intwaro kirimbuzi itagikora ya Titan II, ni misile yo mu bwoko buraswa kure - nicyo igisasu kirimbuzi kinini cyane Amerika yatunze kiruta ibindi - aha cyafotowe mu 2015 kiri mu bubiko bwacyo i Green Valley muri leta ya Arizona ya Amerika

    Perezida Donald Trump yavuze ko atazakoresha intwaro ya kirimbuzi muri Iran kuko igisirikare cya amerika cyageze ku ntego zacyo mu buryo bw’imirwano isanzwe.

    Abajijwe n’umunyamakuru niba yakoresha intwaro kirimbuzi kuri Iran, Trump yavuze ko icyo kibazo kirimo “ubucucu”.

    Ati: “Kuki nayikenera? Kuki nakoresha intwaro kirimbuzi mu gihe mu buryo busanzwe twabasibanganyije bya nyabyo ntayo dukoresheje?”

    Yongeraho ati: “Intwaro ya kirimbuzi ntikwiye kwemererwa gukoreshwa n’uwo ari we wese”.

    Trump avuga ko intambara ya Amerika muri Iran igamije kubuza icyo gihugu “kutazigera” gitunga intwaro kirimbuzi.

    Intwaro za kirimbuzi zifite n’ibihugu mbarwa ku isi, ubwa nyuma ziheruka gukoreshwa mu mirwano ni igihe Amerika yaziteraga mu Buyapani mu ntambara ya kabiri y’isi mu myaka 80 ishize.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Iran: Komanda w’igisirikare yavuze ku bumwe bafite nyuma ya Trump wavuze ko hari 'imirwano imbere' mu bategetsi

    Esmail Qaani

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Brigadier General Esmail Qaani komanda w’umutwe w’ingabo za Iran wa Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC) ishami rya Quds yiyongereye ku bandi bategetsi bavuze ku bumwe bwa Iran no gukomera k’ubutegetsi nyuma y’uko Perezida Trump avuze ko imbere muri butegetsi bwa Iran hari ibibazo.

    Kuwa kane, Trump yavuze ko hari “imirwano y’imbere” mu butegetsi bwa Iran, kandi ko abanya-Iran “batazi neza utegeka” igihugu.

    Bamwe mu bategetsi ba Iran bahise batangira gusubiza, bavuga ko Iran yunze ubumwe muri ibi bihe irimo.

    Esmail Qaani yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ko “Umugongo” w’abarwanyi ba Iran ari “ubumwe bw’imihana no gukorana neza kw’abategetsi”.

    Yanditse ati: “Mu bumwe bukomeye nk’icyuma bw’igihugu na leta, no mu kubaha kuzuye umutegetsi w’ikirenga, tuzatuma uwaduteye abyicuza”

    Esmail yavuze ibi nyuma y’andi matangazo ya perezida wa Iran, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga n’umukuru w’inteko ishinga amategeko nabo bavuze basubiza Trump.

  4. "Impungenge zikomeye cane" za HCR ku biriko biba ku mpunzi z'Abarundi mw’ikambi ya Nduta muri Tanzania

    Ifoto ya kera : Impunzi z'Abarundi zicaye ku bintu vyazo ku kibuga c'umupira w'amaguru c'ikiyaga Tanganyika i Kigoma mu burengero bwa Tanzaniya, itariki 19 z'ukwezi kwa gatanu umwaka w'2015.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ifoto ya kera : Impunzi z'Abarundi zicaye ku bintu vyazo ku kibuga c'umupira w'amaguru c'ikiyaga Tanganyika i Kigoma mu burengero bwa Tanzaniya, itariki 19 z'ukwezi kwa gatanu umwaka w'2015.

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi, UNHCR, rivuga ko rifise “impungenge zikomeye cane” ku makuru aheruka yerekeye ihohoterwa n’ugushirwako igitutu kwiyongereye ku kibanza c’ukurindiriramwo gutaha kiri mw’ikambi ya Nduta muri Tanzania, ubu kirimwo impunzi zirenga 5.600 z'Abarundi zirengeye cane ubushobozi bwaco.

    Mw’itangazo barungikiwe BBC Gahuzamiryango, UNHCR yavuze ko yari yahagaritse gatoyi kwiyandikisha kw’abipfuza gutaha ku bushake, ariko ico gikorwa casubiye kubandanya inyuma y’uko Leta ya Tanzaniya itanze ivyizigiro ko ibintu vyasubiye mu buryo. Ariko yagabishije ko ibintu biguma bihindagurika.

    Iryo shirahamwe rivuga ko rifatanije n’abafatanyabikorwa barimwo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara yabantu OMS n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa kw’isi PAM, ribandanya gutanga imfashanyo za nkenerwa nk’uburaro, amazi meza, isuku, ubuvuzi hamwe n’imfashanyo y’ibifungurwa ku mpunzi z’Abarundi ziri mu makambi ya Nduta no muri Nyarugusu.

    Ku rundi ruhande, Leta ya Tanzaniya yashizeho intumbero ko gushika mu kwezi kw’indwi ata mpunzi y’Umurundi izoba ikiri muri ico gihugu.

    Ariko zimwe mu mpunzi zabwiye BBC ko zikubitwa kandi zidahabwa amazi n'imfungurwa, aho hantu huzuye cane kandi harangwa isuku rike.

    Benshi bavuga ko ivyo bariko barabona bisa n’ugushirwa ku gitutu kugira batahe, aho kuba ugutaha ku bushake.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Papa Leo asaba America na Iran gusubira mu biganiro vy'amahoro

    Papa leo, arongoye aba katorika ariko arasoma imisa

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Papa Leo yasavye America na Iran kubandanya ibiganiro vy'amahoro bigamije kurangiza intambara, avuga ko iyo ntambara yasize "abanyagihugu benshi muri Iran mu kababaro".

    Ayo majambo aje inyuma y'ukutumvikana gukomeye kwabaye hagati yiwe na Prezida Donald Trump wa Amerika, aho Trump yasohoye amajambo maremare kuri Papa, amwagiriza kuba yamirira kure ibikorwa vya gisirikare vya Amerika na Israel muri Iran.

    Papa yavuze ati: “Ndashigikiye ko ibiganiro vy’amahoro bibandanya, ko impande zose zogerageza uko zishoboye guteza imbere amahoro, gukuraho ivyago vy’intambara no kwubahiriza amategeko mpuzamakungu.”

    Yabivugiye mu kiganiro yahaye abanyamakuru mu ndege ariko aarataha i Roma, avuye mu rugendo yagiriye ibihugu bine vya Afrika.

    Yongeyeko ati: “Nk’umwungere w’abantu, sinoshigikira intambara. Ndashaka guhamagarira bose gushira inguvu mu kurondera inyishu ziva mu muco w’amahoro, atari urwanko n’ukwicana.”

    Yamenyesheje kandi ko afise ifoto y'umwana w'umuyisilamu wo muri Liban yafotowe afise icapa canditseko “Murakaza neza Papa Leo” igihe yari mu rugendo muri ico gihugu mu mwaka uheze.

    Ati: "Muri iyi ntambara iheruka uwo mwana yarishwe."

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Trump yavuze ko agahengwe hagati ya Israel na Liban kongerejwe indwi zitatu

    Prezida wa America Donald Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za America, Donald Trump, yamenyesheje ko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Israel na Liban azokwongerezwa indwi zitatu, inyuma y'ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru vyabereye muri nyubakwa z’umukuru w’igihugu ca America, White House.

    Mu butumwa yashize ku rubuga Truth Social, Trump yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'ico yise "umubonano w'amateka cane" hagati y'abategetsi ba Israel na Liban mu biro vy'umukuru w'igihugu, vyitabwe n'icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance hamwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Marco Rubio.

    Trump yongeyeko ko America izokorana na Libani mu "kuyifasha kwikingira Hezbollah," ivyo bikaba vyerekana ko hari utwigoro mu vya dipolomasi two kugarukana amahoro mu karere.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko abategetsi b'ivyo bihugu vyompi vyitezwe ko baja i Washington mu ndwi ziri imbere, harimwo umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu na prezida wa Liban Joseph Aoun.

    Abaserukira ibihugu vya America, Israel na Liban barashimye ico cemezo, bakavuga ko biyemeje kurwanya Hezbollah.

    Trump yavuze ko Amerika ifise "ibikenewe vyose" vyo gushigikira ivyo bihugu vyompi, n'aho hataramenyekana ukuntu bizoshirwa mu ngiro.

    Iyi ntambwe ibonwa nk’igice c’akigoro ka Amerika ko kugabanya umwuka mubi mu karere, aho Trump yerekanye ko bishobora no kujana n’ibiganiro biriko biraba bijanye n’intamabara ya Iran.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.