Amatora - Israel: Urunani rwa Netanyahu ruri imbere ariko nta bwiganze rufise, nk'uko amajwi amaze guharurwa abigaragaza

Ahavuye isanamu, EPA
Amajwi amaze guharurwa mu matora rusangi yo muri Israel yerekana ko umushikiranganji wa mbere afise uburambe, Benjamin Netanyahu, ari imbere y’uwo bahanganye, Gadi Eisenkot yahoze arongoye igisirikare.
Ariko urunani rwa Netanyahu nta bwiganze rufise mu nama nshingamateka.
Ku bice 85 kw’ijana (85%) vy’amajwi amaze guharurwa, umugambwe Likud wa Netanyahu n’imigambwe bacuditse y’abagendera mu murongo wa ‘Extrême droite’ hamwe n’abayahudi b’aba ‘Ultra-orthodoxes’, vyitezwe ko bazoronka intebe 53 mu ntebe 120 zigize inama nshingamateka ya Israel (Knesset).
Umugambwe Yashar wa Eisenkot hamwe n’iyindi itatu y’Abayahudi batavuga rumwe n’ubutegetsi, ihurikiye mu runani rwiwe, vyitezwe ko ironka intebe 48.
Abo barongozi bompi bavuze ko bazogerageza gushinga reta igizwe n'urunani rw’imigambwe.
Imigambwe iyobowe n’Abarabu, bitegekanijwe ko ironka intebe 19, igitigiri kitari bwigere kiboneka mu matora yo muri Israel. Uwo murwi woshobora rero kugira uruhara rukomeye mu kugena umugambwe uzoshinga reta, kiretse ko imigambwe yose y’Abayahudi havuyemwo umwe, yiyemeje kutifatanya na wo.
Amajwi ari hagati ya 430.000 na 480.000 y’abatoye hakoreshejwe uburyo n’ubuhinga budasaba ko barinda gushika mu bibanza vy’itora, harimwo abasirikare, abadiplomate n’abarwariye mu bitaro, ntaramenyekana. Ni co gituma bishobora gufata umusi umwe canke ibiri kugira ngo ivyavuye mu matora vyose bimenyekane.
Ivyayavuyemwo nivyamara kwemezwa, Perezida Isaac Herzog azogirana ibiganiro n’abaserukira imigambwe yose, hanyuma atumire umukuru w’umugambwe abona ko afise amahirwe menshi yo kuroranirwa kugira ngo agerageze gushinga reta. Ico gikorwa gishobora kumara indwi zitari nke.
Iyo uwo muntu ananiwe gushinga reta, amaherezo bizoba ngombwa ko haba ayandi matora.
Izindi nkuru wosoma:



