Tanzania: ONU ivuga ko ipfungwa rya Tundu Lissu riteye kubiri n’amategeko

Ahavuye isanamu, AFP
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ribicishije ku bahinga baryo, rivuga ko ipfungwa rya Tundu Antipas Lissu, umukuru w’umugambwe CHADEMA w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzania, rinyuranye n’amategeko.
Mw’itangazo ryarungikiwe ibimenyeshamakuru, ONU yavuze iti: “Umurwi w’Ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe gukurikirana ibijanye no gupfungira abantu ubusa, wasanze ipfungwa rya Lissu ritubahirije amategeko kandi ko yapfunzwe ata mvo zumvikana.”
Lissu yatawe muri yompi kuva muri Ndamukiza (4) 2025, yagirizwa icaha c’ubuhemu, gishobora no guhanishwa igihano c’urupfu. Bitegekanijwe ko urubanza rwiwe ruzosomwa ku wa 6 Munyonyo (11) 2026.
Nk’uko umushingwamanza wa CHADEMA abivuga, ku wa 26 Gitugutu (10) 2026, Lissu yaratanguye yegereyegere yo kwisonzesha mu ntumbero yo kwiyamiriza ingingo yo kumubuza kubonana n’abamuburanira, ata wundi ariko arabumviriza.
Hambavu ya dosiye ya Lissu, abo bahinga ba ONU bagaragaje kandi impungenge ku bantu amajana bivugwa ko bamaze igihe kirekire bapfunzwe muri Tanzania ata mvo zumvikana, bakaba bataranarengutswa mu butungane.
Benshi muri bo bafashwe ku vyaha vy’ubuhemu no kugumuka, nk’uko abo bahinga babivuga.
Izindi nkuru wosoma:







