Ubwongereza bwatangiye amagerageza y'urukingo rwa Ebola rwakozwe mu byumweru umunani
Ikigo cy'Ubwongereza cy'ubugenzuzi bw'imiti cyahaye uruhushya urukingo ruri mu igerageza ngo rugeragerezwe ku bantu bakuru bafite ubuzima bwiza.
Incamake
- Igihe Amerika yaheruka kuzibira ibivuko vya Iran vyari vyagenze gute?
- Amerika isubijeho ingingo yo kuzibira ibivuko vya Iran – Trump
- Umunyamerika wa kabiri yanduye Ebola yimuriwe mu Budagi
- Sudan: Umukuru w'umuhari RSF yaciriwe urwo gupfa ku vyaha vyo mu ntambara
- Umukuru wa ONU aragabisha ku 'ngaruka mbi cane' mu gihe Iran na Amerika vyasubiriye kurasana
- Nta bwato bwagaragaye buriko buraca mu muhora wa Hormuz
- Ubwongereza bwatangiye amagerageza y'urukingo rwa Ebola rwakozwe mu byumweru umunani
- Thailand: Abantu nibura 27 bapfuye abandi 25 barakomereka cyane mu muriro wadutse mu kabari i Bangkok
- Ikipe ya karate y'u Burundi yegukanye umwanya wa gatatu mu irushanwa ry'Afurika yo hagati
- Afurika y'Epfo ivuga ko abanyamahanga barenga 53,000 birukanwe mu gikorwa cy''imicungire y'abimukira'
- Amerika ishimangira ko Umuhora wa Hormuz ufunguye mu gihe yarasanye na Iran
Amakuru y'ikibiriraho
Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
Igihe Amerika yaheruka kuzibira ibivuko vya Iran vyari vyagenze gute?

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida wa Amerika Donald Trump yatangaje ubwa mbere ko Amerika izibiye ibivuko vya Iran ku wa 13 Ndamukiza (4).
Ico gihe hari haciye amezi atatu Irani yugaye umuhora wa Hormuz mu kwihora ku bitero Amerika na Israel bari tanguye kugaba kuri yo.
Ukwo kuzibira ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Iran kwari kwahavuye gukurwaho mu kwezi guheze (6), mu ntumbero y’amasezerano yo guhagarika intambara yari yashitsweko hagati ya Amerika na Irani.
Igihe ingingo yo kuzibira no kuzitira ibivuko vya Iran yari ikiri mu ngiro, igisirikare ca Amerika kivuga ko casubije inyuma n’imiburiburi ubwato bw'ubudandaji 142. Kivuga kandi ko carashe ubundi bwato n’imiburiburi icenda kivuga ko bwari bwanse gukurikiza amabwirizwa cari cabuhaye.
N’ubwo ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi bwari bwashizeho umurongo werekana aho ukuzitira ibivuko vya Iran kugera ku bwinjiriro bw’ikigobe ca Oman, abasirikare ba Amerika barafashe ariko baranasaka ubundi bwato bwinshi kure y'ako karere.
Nk'akarorero, ubwato bunini butwara igitoro bwitwa Tifani bwafatiwe mu buseruko bwa Sri Lanka, inyuma y'indwi irenga buvuye mu Kigobe.
Izindi nkuru wosoma:
Amerika isubijeho ingingo yo kuzibira ibivuko vya Iran – Trump

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida Donald Trump ahejeje gutangaza ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisubiriye kubuza ubwato buva canke bwinjira mu bivuko vya Iran kurengana.
Ubutumwa yashize ku rubuga rwiwe Truth Social bugira buti:
"Umuhora wa Hormuz uruguruye kandi uzoguma wuguruye, habamwo canke hatabamwo Irani. Turasubijeho ukuzibira Irani, vyiswe gurtyo kubera bihagarika gusa ubwato bwa Irani canke bikabuza abakiriya bayo kwinjira no gusohoka. Ibindi bihugu vyose bizokwemererwa gukoresha uwo muhora mu mwidegemvyo kandi ata nkomanzi”.
Ubwo butumwa bubandanya bugira buti:
"Kuva ubu, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizomenyekana nk'umurinzi w’umuhora wa Hormuz. Ariko ku bw’ico ico gikorwa, kandi no mu ntumbero yo gutunganiriza bose, Amerika izosubizwa amafaranga angana na 20% vy'imizigo yose izoba iciye muri uwo muhora, kugira harihwe amahera yose akenewe mu gikorwa co gucungera no kurindira umutekano uwo muhora uri muri ako karere k'isi karangwamwo umutekano muke. Gushira mu ngiro iyi ngingo bitangura buno nyene."
Izindi nkuru wosoma:
Umunyamerika wa kabiri yanduye Ebola yimuriwe mu Budagi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO) ryemeje ko umukozi agira kabiri w'Umunyamerika akora ibikorwa vy'ubutabazi yanduye umugera wa Ebola wo mu bwoko bwa Bundibugyo i Bunia, mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, yimuriwe mu Budagi kugira abandanye avurirwayo.
Imbere y'uko ajanwa muri ico gihugu, uwo murwayi yari asanzwe ariko arakurikiranirwa, mu buryo budasanzwe kandi bwihariye, mu ntara ya Ituri.
Inkuru iramvuye soma ngaha
Sudan: Umukuru w’umuhari RSF yaciriwe urwo gupfa ku vyaha vyo mu ntambara

Ahavuye isanamu, Anadolu Agency via Getty Images
Muri Sudan, sentare yaciriye urubanza rwo gupfa umukuru w'umurwi witwara gisirikare Rapid Support Forces (RSF), Mohamed Hamdan Dagalo, imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara, ibikorerwa zina muntu hamwe n'ihonyabwoko rifitaniye isano n’amahano yabereye mu ntara yo mu burengero ya Darfur.
Sentare y'i Port Sudan, akarere kagenzurwa n'igisirikare, yakubise intahe mu gahanga Dagalo – azwi kw'izina rya Hemedti – atahari, hamwe n'abandi bategetsi 15 b'umuhari RSF, baciriwe urubanza nk’urwo nyene.
Umuhari RSF nturagira ico uvuze kuri urwo rubanza. Ariko imbere y’aho, wagiye wiyamiriza ivyaha vyo mu ntambara wagirizwa.
Urubanza rwari rushimikiye ahanini ku bivugwa ko ari amahano yakorewe ku murwa mukuru w'akarere el-Geneina, harimwo n’igandagurwa ry'umukuru w'iyo ntara, Khamis Abbakar, mu kwezi kwa gatandatu mu 2023.
Sentare yasanze kandi abo bagirizwa, uko ari16, bafatwa n’icaha co gusambura no gusahura itunga mu turere tutari duke, kugaba ibitero ku banyagihugu, ku mashure, ku bibanza vyo gusengeramwo hamwe no ku mihana.
Izindi nkuru wosoma:
Umukuru wa ONU aragabisha ku 'ngaruka mbi cane' mu gihe Iran na Amerika vyasubiriye kurasana

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU avuga ko "arajwe ishinga cane" n'intambara yasubiriye kwaduka mu karere ko mu kigobe, agasaba impande zompi kugerageza "kwigumya ukwo bishoboka kwose".
Mw’itangazo yasohoye imbere y’urukurikirane rw’ibitero vya Amerika kuri Irani vyo mw’ijoro ryo ku wa Mungu, Antonio Guterres yagabishije ko gusubira mu ntambara yeruye vyogira "ingaruka mbi cane".
Asaba kandi ko hasubira kwubahirizwa “ubwisanzure bw’uruja n’uruza” mu muhora wa Hormuz.
Ivyashikirijwe n'Umunyamabanga mukuru wa ONU biranegurwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire wa Iran, Esmail Baghaei.
Ku wa Mungu, uwo mutegetsi yavuze ko ibitero Irani yagavye ku birindiro vya Amerika biri mu karere ari "ugukoresha mu buryo bwemewe n'amategeko uburenganzira bw'igihugu bwo kwivuna, nk'uko bitegekanijwe n'amategeko mpuzamakungu".
Asaba Guterres guhimiriza ibihugu vyo mu karere kureka kwemerera Amerika ngo ikoreshe ubutaka bwavyo "nk'ikibanza co kugabiramwo ibitero vyerekezwa kuri Irani".
Izindi nkuru wosoma:
Nta bwato bwagaragaye buriko buraca mu muhora wa Hormuz

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuva ku mugoroba w’ejo ku wa Mungu, nta bwato na bumwe bw’ubudandaji bwagaragaye buriko burarengana mu muhora wa Hormuz bwakije ubuhinga bwabwo bwerekana aho bugeze, nk'uko bimenyeshwa n’urubuga ‘Maritime traffic’ rukurikirana uruja n’uruza rw’ubwato.
Ubundi bushobora kuba bwararenganye muri uwo muhora bwazimije ubuhinga butuma hamenyekana aho bugeze.
Ku wa Mungu, igisata ca reta ya Iran kijejwe kugenzura umuhora wa Hormuz kizwi nka PGSA cavuze ko uwo muhora “ubu ntushoboka” kubera “ibikorwa biteye kubiri n’amategeko vy’ingabo za Amerika muri ako karere”
Ubwato umunani bw’ubudandaji, harimwo ubutwara igitoro, ubutwara imizigo n’ibindi bintu bitandukanye, bwaraciye muri uwo muhora ku wa Mungu.
Ico gitigiri cerekana ko uruja n’uruza rwagabanutse ugereranije n’ubwato 21 bwari bwahaciye ku wa gatandatu, na 14 bwari bwahaciye ku wa gatanu, nk'uko bimenyeshwa na komanyi Kpler ikurikirana ikanasesangura amakuru y’uruja n’uruza mu biyaga.
Muri ubwo bwato umunani bwahaciye ku wa Mungu, bubiri gusa ni bwo bwakije ubuhinga bwerekana aho bugeze buriko burarengana muri Hormuz. Kandi bwose bwahaciye imbere y’uko igisata PGSA gisohora itangazo ryaco.
Ubundi butandatu bwabonywe na Kpler, bwariko burarengana butakije ubuhinga bwerekana aho bugeze.
Izindi nkuru wosoma:
Ubwongereza bwatangiye amagerageza y'urukingo rwa Ebola rwakozwe mu byumweru umunani

Ahavuye isanamu, BBC/Trevor Lloyd
Insiguro y'isanamu, Umushakashatsi Alex Sampson afashe urukingo rwa Ebola ruri mu igerageza Urukingo rushya rwo guhangana n'ikiza cya Ebola ubu rugiye kugeragerezwa ku bantu, nyuma yuko ikigo cy’Ubwongereza cy’ubugenzuzi bw’imiti gitanze uruhushya rwuko amagerageza akorwa.
Abahanga muri siyanse bo kuri Kaminuza ya Oxford batangiye gukora urwo rukingo mu byumweru umunani bishize, ubwo ishami ry’Umuryango w’Abibumbye ryita ku buzima ryatangazaga ko ikiza gishya cya Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) ari ikibazo cy’ubuzima rusange cyihutirwa gihangayikishije isi, hari ku itariki ya 17 Gicurasi (5).
Ni rwo rwa mbere – mu nkingo enye zirimo gukorwa – ruhawe uruhushya rwo kugeragerezwa ku bantu.

Ahavuye isanamu, BBC/Trevor Lloyd
Insiguro y'isanamu, Doze zimwe z'uru rukingo rwa Ebola ruri mu igerageza, aha zibitswe mu buryo butuma zikomeza gukonja, muri laboratwari zo kuri Kaminuza ya Oxford mu Bwongereza Abakorerabushake bo kugeragerezwaho urwo rukingo barimo kwegeranywa. Biteganyijwe ko doze za mbere zizahabwa abantu bakuru bafite ubuzima bwiza bo mu Bwongereza “mu gihe kitarenze ibyumweru” kiri imbere.
Ikiza cya Ebola muri DRC kimaze kwica abantu 702 naho abandi 1,926 byemejwe ko banduye Ebola muri icyo gihugu.
Iki kiza cya 17 mu mateka ya DRC cyatewe n’ubwoko bwa Bundibugyo bwa Ebola, mbere yaho bwari bwarateje ibiza bibiri. Nta muti n’urukingo biriho byemejwe by’ubu bwoko bwa Ebola.
Izindi nkuru wasoma:
Thailand: Abantu nibura 27 bapfuye abandi 25 barakomereka cyane mu muriro wadutse mu kabari i Bangkok

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuriro mwinshi cyane wadutse mu kabari ko mu murwa mukuru Bangkok wa Thailand ku cyumweru, wica abantu nibura 27 naho abandi 25 barakomereka cyane.
Uwo muriro watangiriye imbere ahigiye hejuru muri ako kabari ko mu karere ka Chatuchak, nuko urakwirakwira mu buryo bwihuse, utuma umuriro w’amashanyarazi ubura ndetse icyo cyumba cyuzuramo umwotsi, nkuko abibonye babivuga.
Amashusho yatangajwe ku mbuga nkoranyambaga agaragaza abakiliya bahiye ubwoba barimo gutaka ubwo bari barimo guhunga – imyenda ya bamwe muri bo irimo gushya – banyuze mu muryango w’imbere wari urimo gushya w’ako kabari kitwa Rong Beer Na Lat Phrao.
Abazimya umuriro, bageze aho hantu nyuma gato ya saa sita z’ijoro ku isaha yaho, bahise bazimya uwo muriro. Basanze imirambo ya benshi mu bapfuye iri mu bwiherero, uko bigaragara abapfuye bakaba ari ho bari bagiye kwihisha.

Ahavuye isanamu, Fire & Rescue Thailand
Amaperereza y’ibanze yakozwe n’urwego rw’umujyi wa Bangkok rwo guhangana n’ibiza yumvikanisha ko uwo muriro ushobora kuba watewe n’ikibazo cyavutse mu nsinga z’amashanyarazi (ibizwi nka ‘short circuit’) zo mu cyuma gikonjesha mu nzu, nubwo nta mpamvu yateje uwo muriro yari yatangazwa n’abategetsi.
Abategetsi basezeranyije ko hazakorwa iperereza ryimbitse.
Ubu si ubwa mbere ibi bibaye muri Thailand.
Nubwo abategetsi bagiye basezeranya kunoza ingamba z’umutekano zijyanye n’umuriro w’amashanyarazi nyuma y’ibibazo nk’ibyo byabaye mbere yaho, akenshi ubwo buryo bw’ingamba z’umutekano ntibushyirwa mu ngiro neza.

Ahavuye isanamu, APTN

Ahavuye isanamu, BBC/Lulu Luo
Izindi nkuru wasoma:
Ikipe ya karate y'u Burundi yegukanye umwanya wa gatatu mu irushanwa ry'Afurika yo hagati

Ahavuye isanamu, RTNB / X
Insiguro y'isanamu, Ibihugu icyenda ni byo byari byitezwe muri iri rushanwa ariko bitandatu ni byo byaryitabiriye Ikipe y’igihugu y’u Burundi y’abakobwa n’abahungu y’umukino wa karate yaraye yegukanye umwanya wa gatatu mu irushanwa ryo ku rwego rw’Afurika yo hagati ryabereye i Bujumbura mu mpera y’icyumweru gishize.
Radio-Televiziyo y’u Burundi (RTNB) yatangaje ko ikipe ya karate y’icyo gihugu yegukanye imidali 49, irimo irindwi ya zahabu, 34 ya feza n’imidali umunani y’umuringa.
Ni yo midali ya mbere myinshi u Burundi butsindiye mu irushanwa ryo kuri uru rwego, nkuko RTNB yabitangaje, isubiramo amagambo y’umutoza w’ikipe y’igihugu Gilbert Havugimpundu.
Umwanya wa mbere wegukanywe n’ikipe y’igihugu ya Cameroun, yarangije irushanwa itsindiye imidali 28 ya zahabu, irindwi ya feza n’ibiri y’umuringa.
Ikipe y’igihugu ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo yabaye iya kabiri, ikurikirwa n’u Burundi, Gabon iba iya kane, Guinée équatoriale iba iya gatanu naho Tchad iba iya gatandatu.
Perezida w’ishyirahamwe ry’umukino wa karate mu Burundi (FEBUKA) Sylvain Nzikoruriho yavuze ko ibihugu icyenda ari byo byari byitezwe kwitabira iryo rushanwa ariko birangira bitandatu ari byo biryitabiriye. Bitatu bitabonetse ni São Tomé-et-Principe, Repubulika ya Centrafrique na Congo-Brazzaville.
Nzikoruriho yavuze ko iri rushanwa ryabereye abakarateka bo mu Burundi umwanya wo kumenya aho bagicyeneye kunoza mu kwitegura amarushanwa mpuzamahanga ari imbere.
Yasabye leta gufasha FEBUKA kubona inzobere mpuzamahanga zo muri uwo mukino kugira ngo zibafashe ikipe y'igihugu mu myiteguro.
Izindi nkuru wasoma:
Afurika y'Epfo ivuga ko abanyamahanga barenga 53,000 birukanwe mu gikorwa cy''imicungire y'abimukira'

Ahavuye isanamu, EMMANUEL CROSET / AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Imyigaragambyo yabaye henshi muri Afurika y'Epfo mu gihe abigaragambya babarirwa mu bihumbi basabye ko abimukira bose badafite ibyangombwa byemewe bava muri icyo gihugu Leta y’Afurika y’Epfo ivuga ko abanyamahanga barenga 53,000 birukanwe cyangwa bacyurwa iwabo kuva itangije igikorwa cy'"imicungire y’abimukira" mu byumweru bitanu bishize.
Abategetsi bavuga ko benshi muri abo ari abakomoka muri Malawi, Zimbabwe na Mozambique, ndetse uwo mubare ushobora kwiyongera kuko ibikorwa byo kwirukana no gucyura abanyamahanga bikomeje.
Afurika y’Epfo irimo gukora kimwe mu bikorwa binini cyane byo guhashya abimukira badafite ibyangombwa byemewe cya mbere kibayeho muri iyi myaka ishize, nyuma y’ibyumweru bishize haba imyigaragambyo yo kwamagana abimukira yabayemo urugomo, gutera ubwoba no gusahura.
Abigaragambya bakomeje gusaba ko habaho uburyo bukomeye cyane bwo kugenzura imipaka no kwirukana ku bwinshi, bagashinja abimukira kugira uruhare mu bushomeri bwinshi buri muri icyo gihugu, ikigero gikomeje kwiyongera cy’ubugizi bwa nabi n’irindimuka rya serivisi zigenewe abaturage.
Umuryango w’Abibumbye waburiye ku kudakoresha abimukira nka nyirabayazana w’ibibazo byo mu mibereho n’ubukungu Afurika y’Epfo ifite.
Impirimbanyi zirwanya abimukira zakangishije ko zizajya zikora imyigaragambyo rimwe mu cyumweru yo kwotsa igitutu leta kugeza ibyo zisaba bigezweho, ndetse hari ubwoba ko iyo myigaragambyo ishobora guhinduka iy’urugomo.
Abigaragambya bari bashyizeho “itariki ntarengwa yabo bwite” ya 30 Kamena (6) kugira ngo abimukira bose badafite ibyangombwa byemewe babe bamaze kuva muri icyo gihugu. Byatumye abanyamahanga benshi bava muri Afurika y’Epfo bahunga urugomo no guterwa ubwoba.
Mu byumweru bya vuba aha bishize, ibihugu byinshi, birimo Ghana, Nigeria, Uganda na Kenya, byakoresheje indege mu gucyura abaturage babyo.
Ku cyumweru, Minisitiri w’ubutabera no guteza imbere itegekonshinga w’Afurika y’Epfo, Mmamoloko Kubayi, yatangaje ko abanyamahanga 53,499 birukanwe abandi bacyurwa iwabo, “biganjemo Abanya-Malawi, bakurikiwe n’Abanya-Zimbabwe n’Abanya-Mozambique”.
Mu kiganiro n’abanyamakuru i Pretoria, Minisitiri Kubayi yagize ati:
“Turimo kwihatira kugera kuri gahunda y’abimukira isanzwe kandi iri ku murongo izirikana ndetse yigengesera ku mpungenge zigaragazwa n’abaturage bacu, ari na ko yubahiriza uburenganzira bwa muntu n’icyubahiro cy’abantu bose bari mu gihugu cyacu, hatitawe ku bwenegihugu bwabo n’imiterere y’ubwimukira bwabo [uko dosiye zabo zijyanye n’ubwimukira zihagaze].”
Izindi nkuru wasoma:
Amerika ishimangira ko Umuhora wa Hormuz ufunguye mu gihe yarasanye na Iran

Ahavuye isanamu, Reuters
Amerika ishimangira ko Umuhora wa Hormuz ufunguye, nubwo Iran ivuga ko yafunze iyo nzira yo mu mazi mu gihe impande zombi zagabanyeho ibindi bitero.
Imirwano, yongeye kubura mu cyumweru gishize, yarakomeje ku wa gatandatu nyuma yuko Amerika ivuze ko yarashe ahantu harenga 140 muri Iran. Ibyo bitero byari ibyo gusubiza ingabo za Iran nyuma yuko zirashe ubwato bwari burimo kunyura muri uwo muhora, Iran ivuga ko bwari burimo gukoresha inzira itemewe.
Iran ikomeje kugerageza gushimangira ubugenzuzi bwayo kuri iyo nzira yo mu mazi, ndetse mu gitondo cyo ku cyumweru yavuze ko iyo nzira ifunze kugeza hatanzwe irindi tangazo.
Umutwe wihariye wo mu ngabo za Iran wa IRGC (Islamic Revolutionary Guard Corps) na wo ku cyumweru wagabye ibitero byinshi ku bigo bya gisirikare by’Amerika no ku nshuti zayo zo muri ako karere, bituma ibintu bifata indi ntera ku bijyanye n’ingano y’imirwano.
IRGC yavuze ko yarashe ikigo cya gisirikare cy’Amerika kiri muri Jordan (Jordanie), mu gihe Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE), Qatar, Kuwait, Oman na Bahrain byose byavuze ko byasubije (byitabaye) kuri za misile n’indege nto z’intambara zitajyamo abapilote (zizwi nka ‘drone’) bya Iran.
BBC yasabye bumwe mu buyobozi bukuru bw’ingabo z’Amerika (CENTCOM) kugira icyo buvuga kuri icyo gitero cyo muri Jordan, kugeza ubu ntiburasubiza.
Qatar, umuhuza mu biganiro ku gahenge, ntiyari bwongere guterwa kuva muri Mata (4), mu gihe UAE yo itari yarigeze iterwa kuva muri Gicurasi (5) uyu mwaka.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
