IKIBIRIRAHO, Kenya: Reta ivuga ko abanyamahanga bafise impapuro bemerewe kubandanya badandaza

Reta ya Kenya yasiguye ko abanyamahanga bafise impapuro zibemerera gukora no kudandaza bashobora kubandanya ibikorwa vyabo muri ico gihugu.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Mohsen Rezaei: Ku ncuro ya mbere, twakoresheje misile ya Irani igenewe gutera ubwato dutera ubwa Amerika

    isanamu y'ubwato bw'intambara bwa Amerika

    Ahavuye isanamu, U.S. Central Command

    Mohsen Rezaei, umunyamabanga w’Inama nkuru y’umutekano w’Igihugu ca Irani, yavuze mu kiganiro co kuri televiziyo ati: “Ku ncuro ya mbere, twakoresheje misile idasanzwe yakozwe na Irani, igenewe gutera ubwato. Twayirashe hejuru y’ubwato bw’intambara bwa Amerika. Iyo misile yarateye abanyamerika ubwoba bwinshi, baca barahunga.”

    Ubutegetsi bw’ingabo za Amerika muri ako karere, CENTCOM, ntiburagira ico buvuga kuri ayo majambo ya Irani. Ariko mu butumwa bwashizwe ku rubuga X, bwaravuze ku bitero vyagabwe ku bwato bwabo bubiri.

    Bwagize buti: “Ubutumwa bugenewe ingabo za Irani bukwiye kuba butomoye: nimwarasa ku bwato bwacu bubiri, tuzobatera uruhombo rukomeye kuruta, tunasambure ubwato bwanyu butatu.”

    CENTCOM yavuze ko itazotinya gukingira ingabo za Amerika kandi ko, bikenewe, izosambura ubwato bwa irani butwara ibitoro.

    Muri ico kiganiro, Rezaei yavuze kandi ko Irani igiye gutangaza akarere gashasha ubwato buzoba bubujijwe gucamwo. Ako karere kazova ku murongo w’ubwato bwa Amerika buzibira Irani, kagere gushika ku bibanza ubwato bupakiriramwo ibidandazwa.

    Yavuze ko ubwato bwose buzokwinjira muri ako karere bushaka guca mu muhora wa Hormuz butabanje kubisabira uruhusha Irani buzoshirwa mu bihano.

    Rezaei yavuze ko ivyo bishobora gutuma bene ubwo bwato bugira ingorane zo kuronka ubwishingizi no kubandanya guca mu mazi mpuzamakungu.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Kenya: Reta ivuga ko abanyamahanga bafise impapuro bemerewe kubandanya badandaza

    umuntu ariko arandadaza mwibarabara yambaye agapira k'imirongo

    Reta ya Kenya yasiguye ko abanyamahanga bafise impapuro zibemerera gukora no kudandaza bashobora kubandanya ibikorwa vyabo muri ico gihugu.

    Umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire, Korir Sing’Oei, yavuze ko amajambo y’umukuru w’igihugu William Ruto ku banyamahanga bakora ubudandaji butobuto yafashwe uko atari.

    Sing’Oei yavuze ko abadandaza n’abakozi b’abanyamahanga, baba abakora ibikorwa binini canke bitobito, bakingiwe n’amategeko igihe bafise uruhusha rwo gukora n’urw’ubudandaji.

    Yavuze kandi ko Abarundi, canke abava mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko n’abandi banyafrika bemerewe kuba no gukorera muri Kenya, igihe bakurikiza amategeko y’ico gihugu.

    Ariko ubushikiranganji bw’ubudandaji bwavuze ko kuba umuntu yinjira muri Kenya ata viza canke adasabwa uruhusha rwa eTA bidaca bimuha uburenganzira bwo gukora canke kudandaza.

    Ubwo bushikiranganji buvuga ko hari abanyamahanga binjiye nk’abaje gutembera canke abadandaza, ariko bagakora ibikorwa bitajanye n’impapuro bahawe.

    Abazofatwa barenze ku mategeko bashobora kwakwa na viza zabo.

    Iyo nsiguro ya reta ije inyuma y’aho Ruto avugiye ko abanyamahanga bakora urudandazwa rwo mw’ibarabara n’utundi tudandazwa dutoduto bazofatirwa ingingo.

    Reta ivuga ko izoshira mu ngiro izo ngingo mu buryo bukurikiza amategeko kandi bwubahiriza amasezerano y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.