Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Irani na Amerika vyaraye bisubiye kurasana, mu bitero vyahungabanije agahengwe gato kari kamaze imisi

Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) buvuga ko bwasamburiye mu kirere ibisasu “vyinshi” vya misire za ballistique mu gitero Irani yagerageje gukora giturumbuka.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Dinah Gahamanyi

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo.

  2. Anthony Fauci yanze gusubiza ibibazo mu ibazwa ryo muri sena y'Amerika ku nkomoko za Covid

    Anthony Fauci wahoze akuriye ikigo cy’Amerika cy’ubuzima yanze gusubiza ibibazo mu ibazwa ryo muri sena y’Amerika rijyanye n’inkomoko z’icyorezo cya Covid-19, avuga ko afite ubwoba ko abagize inteko bo mu ishyaka ry’abarepubulikani bashobora kugerageza gukoresha ubuhamya bwe mu kumuburanisha ku kubeshya kandi yarahiriye kutabeshya.

    Yisunze ivugurura rizwi nka ‘Fifth Amendment’ ryo mu itegekonshinga ry’Amerika, aho iyo ngingo ivuga ko nta muntu ushobora “guhatirwa mu rubanza mpanabyaha kuba umutangabuhamya kuri we ubwe”.

    Iminsi mbere yuko haba iryo bazwa, Senateri wo mu ishyaka ry’abarepubulikani Rand Paul yatangaje amapaji arenga 1,000 yo mu ikayi bwite ya Fauci yandikagamo ibyaranze umunsi we mu gihe cy’icyo cyorezo, aho uwo Senateri yakomoje ku bwamamare bwa Fauci n’inkomoko za Covid.

    Fauci avuga ko Paul amufitiye inzika. Yavuze ko mbere yigeze gutanga ubuhamya kuri Covid yarahiye, mu mabazwa menshi yo mu nteko ishingamategeko.

    Kwifashisha iyo ngingo ya ‘Fifth Amendment’ si ukwemera icyaha – iyo ngingo igamije kurinda abantu agahato, amakosa, n’uburyo burimo akarengane bwo guhindura ushinjwa ahubwo akaba ari we utanga gihamya yo kuba hari ikibi yakoze.

    Mu itangazo yasohoye, Fauci yavuze ko “ugutwarwa kugaragara” kwa Paul kwo guharanira ko Fauci aburanishwa, kwatumye yanga gusubiza ibibazo kuri iyi nshuro.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Ghana yibasiwe n'ibura ry'amashanyarazi ku rwego rw'igihugu ubwo ingomero zananirwaga gukora

    Ikibazo gikomeye mu muyoboro mugari w’amashanyarazi muri Ghana cyateje ibura ry’umuriro w’amashanyarazi henshi mu gihugu, bituma umurwa mukuru Accra n’umujyi w’ihuriro ry’ubucuruzi wa Kumasi hamwe n’igice kinini cy’amajyaruguru bibura umuriro w’amashanyarazi.

    Ingomero nyinshi z’amashanyarazi zo muri icyo gihugu cyo muri Afurika y’uburengerazuba byabaye ngombwa ko zifunga mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatatu, nkuko byatangajwe n’ikigo cy’igihugu gishinzwe gukwirakwiza amashanyarazi.

    Itangazo ry’icyo kigo – cyitwa GRIDCO mu mpine y’Icyongereza – rigira riti: “Aba enjeniyeri [ingénieurs] bacubakomeje gukora kugira ngo umuriro ugaruke mu gihe gito cyane gishoboka hatabayeho ihungabana ry’umutekano.”

    Ghana imaze imyaka igira ikibazo cy’ibura ry’umuriro mu buryo buhoraho – muri Ghana rizwi nka "dumsor", mu rurimi rwa Akan bisobanuye ngo “uraza ukongera ukagenda” – ariko ibintu bimaze igihe bigenda bitera intambwe igana aheza.

    Ibura ry’umuriro ryo kuri uyu wa gatatu ryatumye ingo zisigara mu kizima, ibikorwa by'ubucuruzi na serivisi z’ingenzi cyane zibura amashanyarazi mu turere twinshi tw’igihugu.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Uburusiya na Ukraine vyaraye mu ntambara y’amadrone

    Mw’ijoro ryakeye, ibisirikare vy’Uburusiya na Ukraine vyaraye biraterama ibisasu bikoresheje za ndege zitajamwo abadereva (drone).

    Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko mw’ijoro ryakeye bwasamburiye mu kirere amadrone ya Ukraine yababa 300, mu gihe igisirikare ca Ukraine naco gitangaza ko casambuye 65 y’Uburusiya.

    Itangazo ry’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi rivuga ko ingabo zirwanira mu kirere “zategereye zisamburira mu kirere” amadrone 295 ya Ukraine, harimwo ayasamburiwe mu birere vy’intara za Belgorod, Bryansk, Voronezh, Kaluga, Kursk, Oryol, Rostov na Ryazan, hamwe no muri teritware ya Krasnodar, mu turere twa Chuvashia, Tatarstan, no muri Crimea yihagiwe n’Uburusiya.

    Iri tangazo rivuga kandi ko ayandi madrone yasamburiwe hejuru y’amazi y’Ikiyaga ca Azov hamwe n’Ikiyaga cirabura.

    Igisirikare ca Ukraine kiremanga ibi bitero. Mu ntara ya Ryazan, kivuga ko carashe uruganda rw’iyo ntara ruhingura igitoro kandi ko ruri mu nganda za mbere nini zihingura igitoro mu Burusiya, aho rusohora amatoni yabababa imiriyoni 17 ku mwaka. Kibandanya kivuga ko uru ruganda rugaburira igisirikare c’Uburusiya hamwe n’izindi nzego zitandukanye.

    Buramatari w’iyo ntara Pavel Malkov aremeza ko hari ibigo vy’inganda vyatewe n’amadrone ya Ukraine, mu gitero avuga ko cari gikomeye cane, ariko akaba atavuze aho ivyo bigo biherereye.

    Amakuru ariko arakwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko uruganda rutunganya igitoro hamwe n'ikigo c’ikompanyi Wildberries kibika kandi kigakwiragiza ibidandazwa vyafashwe n’umuriro.

    Ikompanyi Wildberries ikorera ubudandaji ku mbuga ngurukanabumenyi yatangaje ko yakuye abakozi bayo bose mu nyubakwa zayo ziri muri iyo ntara.

    Ukraine ivuga kandi ko igisirikare cayo cagavye igitero ku kigo c’amato yihuta y’ingabo z’Uburusiya mu Kiyaga Cirabura kiri hafi ya Mezhvodnoye, mu burengero bw’akarere ka Crimée.

    Umukuru wa Crimée yashizweho n’Uburusiya, Sergei Aksyonov, avuga ko abantu babiri bishwe muri ico gitero, nubwo atatomoye aho cabereye.

    Ku rundi ruhande, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere catangaje ko casamburiye mu kirere amadrone 65 kuri 80 Uburusiya bwagomoreye ku butaka bwayo. Kivuga kandi ko amadrone 14 yagemye ku bibanza cumi, ibisigarira vyayo na vyo bigwa mu bindi bibiri.

  5. Ghana iri mu kababaro ko gupfusha umugabo muremure cyane - "igihangange gifite ubuntu kandi gikunzwe"

    Urupfu rwa Sulemana Abdul Samed, umugabo muremure cyane muri Ghana, rwateje agahinda kenshi cyane cyane mu majyaruguru y'igihugu aho uburebure bwe bwamugize icyamamare muri ako gace.

    Uyu mugabo w'imyaka 33 yapfiriye mu bitaro kuwa mbere mu mujyi wa Tamale uri mu majyaruguru, nko mu birometero 160 (ibilometero 100) mu majyepfo y'umudugudu yavukiyemo wa Gambaga, aho yari yajyanywe kubera ibisebe ku maguru ye byari byaragize ubwandu ( infection)

    umwe mu bavandimwe be, Sulemana Abdul Kudus, yabwiye BBC ati "Buri wese yari azi ukuntu yari umunyabuntu kandi ufasha abandi. Kuva ubwo yapfaga kugeza ubu abantu benshi baracyaza mu rugo rwe kugira ngo bamenye neza ibyabaye."

    Yapimwe na BBC mu mpera za 2022 ubwo yapimwaga indwara ya gigantism, yari afite uburebure bwa metero 2.2.

    Birashoboka ko yari yarushijeho kuba muremure mbere y'uko apfa.

    Yari azwi na bose ku izina rye ry'irihimbano rya Awuche, risobanura ngo "Tugende" mu rurimi rw'ikihawusa. Uyu mugabo yari amaze igihe kinini ahanganye n'ingorane z'indwara ya Marfan syndrome, y'uturemangingo yatumye agira amaguru maremare cyane ku buryo budasanzwe

  6. Arabiya Sawudite yifatanyije na Amerika mu bitero ku mitwe y'ingabo ishyigikiwe na Irani

    Ubwato bwa gisirikare bwa Amerika bugaragara imbere mu Nyanja ya Arabiya mu kwezi kwa Gatatu

    Arabiya Sawudite yifatanyije na Amerika mu kugaba ibitero ku mutwe w’ingabo ushyigikiwe na Irani muri Iraq, mu rwego rwo gukomeza intambara yo mu Burasirazuba bwo Hagati.

    Ubuyobozi bukuru bwa gisirkare bwa Amerika (Centcom) bwavuze ko ibitero byari byibasiye "iterabwoba rishyigikiye Irani, itsinda ry'abashinzwe impinduramatwara ya kisilamu (IRGC) ryategetse kugaba ibitero ku ngabo za Amerika n'ibikorwa remezo by'ingufu bya Arabiya Sawudite".

    Iri tangazo ntiryavuze izina ry'umutwe w'ingabo. Icyakora, umutwe w'ingabo ziharanira uburenganzira bw'abaturage (PMF) wavuze ko nibura 10 mu banyamuryango bawo bishwe.

    Ibi bibaye nyuma y’uko Irani iteye ibisasu byinshi bya ballistique mu "gitero gitunguranye" ku ngabo za Amerika mu Burasirazuba bwo Hagati, nk'uko Centcom ibitangaza. Ibi biganiro bisoza igihe gito cy'imirwano hagati ya Amerika na Irani.

    Amerika yavuze ko igitero ku 21.45 GMT- saa tatu n'iminota mirongo ine n'itanu za ninjoro ku isaha zo mu Burundi no mu Rwanda kuwa Kabiri, ibisasu byose "byaburijwemo neza". Iran yavuze ko yagabye igitero ku birindiro by'Abanyamerika biri muri Yorodaniya.

  7. Videwo: Reba ubwo umutingito ukomeye wateje akaga wibasiraga u Buyapani

    Umutingito ukomeye wibasiye ikirwa cya Kyushu mu Buyapani tariki 28 ukwezi kwa karindwi, utuma abantu barenga 150.000 bava mu ngo zabo.

    Umutingito wabangamiye serivisi z'amashanyarazi mu turere dutandukanye wangiza imihanda, usenya igice cy'urukuta rw'ingoro, ndetse unasenya ikiraro cy'abanyamaguru.

    Nk’uko polisi yabitangaje, nk’uko byatangajwe n’ikinyamakuru rusange cy’Ubuyapani NHK, ingo zirenga 40.000 ziracyafite amashanyarazi.

    Abantu benshi baburiwe irengero nyuma y’uko umwotsi uguye mu ruganda rw’impapuro mu ntara ya Kumamoto.

  8. RD Congo: Urukiko rwemeje itegeko rya kamarampaka mu gihe abatavuga rumwe n'ubutegetsi baburiye ko hashobora kuba impagarara

    Urukiko rushinzwe kurinda iremezo ry’itegekonshinga muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) rwaraye rwemeje itegeko ryanditse amateka risobanura uko bigenda kugira ngo habeho kamarampaka zo ku rwego rw’igihugu, rwemeza ko ryemewe n’itegekonshinga kandi ko perezida ashobora kurishyiraho umukono.

    Ku wa kabiri nyuma ya saa sita z’amanywa, abacamanza barindwi bashyize umukono kuri icyo cyemezo, kizatangazwa mu igazeti ya leta.

    Urukiko rwanakoreye ubugororangingo byinshi mu biri muri iyo nyandiko igizwe n’ingingo 45 kugira ngo bihuze (bijyane) kandi bisobanuke.

    Perezida wa DRC Félix Tshisekedi yagejeje ubusabe kuri urwo rukiko ku itariki ya 26 Kamena (6) uyu mwaka, nyuma yuko iryo tegeko ryari ryamaze kurangiza kunyura mu nteko ishingamategeko ku itariki ya 15 Kamena uyu mwaka.

    Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamaganye iyo ngamba, bavuga ko bishobora gucira inzira impinduka ku itegekonshinga bigatuma Perezida Tshisekedi ashaka manda ya gatatu, igihe manda ye ya kabiri izaba irangiye mu mwaka wa 2028.

    Urugaga rwitwa “Coalition Article 64” – ihuriro ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ryamagana amavugurura ku itegekonshinga – rwavuze ko rwahagaritse imyigaragambyo yo ku rwego rw’igihugu yari iteganyijwe kuba ku itariki ya 22 y’uku kwezi kwa Nyakanga (7), ariko rwasezeranyije guhangana n’igerageza iryo ari ryo ryose ry’urugaga ruri ku butegetsi ryo gukoresha kamarampaka muri iki gihe igihugu gihanganye n’ikibazo cy’umutekano mucye mu burasirazuba.

    Urwo rugaga rutavuga rumwe n’ubutegetsi rwari rwashishikarije urukiko rushinzwe kurinda iremezo ry’itegekonshinga kudatera indi ntambwe kuri iryo tegeko ryo ku wa kabiri, rushimangira ko ibiganiro byo kurangiza umwuka mubi muri politike n’intambara imaze imyaka mu burasirazuba bw’igihugu ari byo bigomba gushyirwa imbere.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. 13 baraye baguye muri nyamugigima mu Buyapani

    Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Sanae Takaichi, avuga ko abantu nibura cumi na batatu (13) bahitanywe na nyamugigima/umutingito ikomeye yabaye ejo ku wa kabiri mw’izinga rya Kyushu riri mu bumanuko bw’ico gihugu.

    Madamu Takaichi avuga ko abantu benshi bakiburiwe irengero canke barindiriye gutabarwa, akongerako ko abajejwe ubutabazi ubu bari mu “rugamba rwo gusiganwa n’umwanya”.

    Abategetsi bavuga ko abantu barenga ibihumbi icenda n’amajana icenda (9.900) bahungiye mu bibanza vyateguwe kwakiriramwo abataye izabo kubera iyi nyamugigima.

    Hari ubwoba ko hari abantu bamwe bakiri munsi y’ibihomoka vy’inyubakwa y’ubudandaji yasenyutse.

    Ingo hafi ibihumbi mirongo itatu n’indwi ntizigira umuyagankuba mu gihe igihugu kiri mu bushuhe burenze urugero.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  10. Irani na Amerika vyaraye bisubiye kurasana, mu bitero vyahungabanije agahengwe gato kari kamaze imisi

    Irani yarashe ibisasu “vyinshi” vya misire za ballistique mu gitero yagerageje gukora giturumbuka ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati, nk’uko bitangazwa n’igisirikare ca Amerika, ni mu gihe hari hasanzwe agahengwe kari katanguye mu mpera z’indwi iheze.

    Iki gitero cabaye mw’ijoro ryakeye, isaha indwi n’iminota 45 mu masaha ya Tehran, ni ukuvuga isaha zitanu z’ijoro mu masaha ya Kigali na Gitega, ibi bisasu vyose bikaba “vyasamburiwe mu kirere”, nk’uko bitangazwa n’ubuyobozi bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM), ariko bukaba butavuze ibibanza vyatewe.

    Ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) rivuga ko ryateye ikigo ca gisirikare hamwe n’ikibanza c’ubugenzuzi vy’ingabo za Amerika muri Yorodaniya rikoresheje ibisasu vya misire za ballistique. Rivuga kandi ko ryahagaritse amato atatu yunguruza igitoro mu Muhora wa Hormuz.

    Hagati aho, ingabo za Amerika n’iza Arabia Sawudite zateye “imirwi y’iterabwoba ikorana na Irani” muri Irak mu kwishura igitero cakozwe ku mabwirizwa ya Irani, nk’uko Centcom ibivuga.

    Uku kurasana kuvugwa gushobora gutuma agahengwe kari kahari hagati ya Amerika na Irani karangira, mu gihe vyari vyitezwe ko kari gutuma impande zompi zisubira ku meza y’ibiganiro.

    Amerika na Arabia Sawudite vyagavye ibitero ku “bibanza bitari bike vy’iterabwoba vyakoreshwa mu kubika no kwunguruza ibirwanisho” mu buseruko bwa Irak, nk’uko Centcom yabimenyesheje.

    Igisirikare ca Amerika cavuze ko iki cari “inyishu ikomeye ku bitero birenga 30 vy’indege zitajamwo abadereva [drones] vyategetswe na IRGC mu masaha 72 aheze”, IRGC ikaba ari impfunyapfunyo y’ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu.

    Centcom ivuga ko igisirikare ca Irani “hamwe n’imirwi y’iterabwoba ikoreshwa nayo bategerezwa guhagarika ibi bitero kugira birinde iyindi nyishu y’igisirikare ca Amerika”.

    Imbere y’aho ejo ku wa kabiri nyene, Arabia Sawudite yari yatangaje ko igisirikare cayo catangiriye congera kirasambura amadrone yari agambiriye gutera ku bigo vy’igitoro biri mu karere k’ubuseruko bw’ico gihugu.

    Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Jenerali-Majorpo Turki al-Maliki, yavuze ko ayo madrone yarungitswe n’imirwi y’abarwanyi ifitaniye isano na Irani ikorera ku butaka bwa Irak.

    Iyi mishamirano yasubiye kwaduka inyuma y’umusi umwe gusa Perezida Donald Trump wa Amerika avuze ko hari “ibiganiro vya kivandimwe” na Irani vyariko biraba. Ico gihe, impande zompi zari zimaze iminsi itatu ikurikirana zitarasana.

    Umuhora wa Hormuz uracari ikibazo kananirabahinga mu biganiro Tehran ihakana, ivuga ko ata n’ibiriko biraba.

    Abasirikare ba Amerika nibura 624 baramaze gukomereka kuva Trump ategetse kugaba ibitero kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk’uko amakuru ya Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) aheruka abigaragaza.

    Pentagon ivuga ko muri abo, 417 bakomerekeye mu gitero ciswe Operation Epic Fury, igitero ca Amerika na Israel kuri Irani.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.