Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya ingene uno mugabo yamaze amasaha 60 hasi mu nyanja ubwato bwibiye akarokoka
Harrison Okene ntiyibagira igihe ubwato yarimwo butangura kwibira.
Uno munya Nigeria, ico gihe yari afise imyaka 29, yakora nkâumukozi wo mu gikoni mu bwato Jascon 4, bwari ku birometero 32 uvuye ku nkengera igihe butwarwa kubera ibibazo vyâubuhinga.
"Nari ngiye mu cumba câubwogero. Narugaye umuryango hanyuma nicara ku musarani ubwo nyene ubwato buca buracurama amaja ibubamfuâ, niko yibuka igihe yavugana nâikiganiro Outlook ca BBC.
Ivyo kwibira vyabaye mu kanya isase ku buryo mu bantu 13 babukoramwo ata nâumwe yashoboye kubuvamwo imbere yâuko bwuzura amazi.
Harrison ati: "Ico nabonye cakurikiye, umusarani nari nicayeko nagiye kwisanga uri ku mutwe wanje.
"Itara ryaciye rizima, nca numva bose bariko baboroga, baboroga, baboroga. Narashoboye kumena urugi ndava mu bwogero, ariko nta nâumwe nahasanze. Amazi yampenuriye mu kindi cumba mba ari yo nugaranirwaâ.
Ico atamenye ico gihe yari yuzuye ubwoba ni uko ayo mazi yamukubise yashobora kumubera urukiza. Yamutaye mu cumba câimpwemu (oxygen) zamushoboje gushika ku kintu atari kuba yiteze: kumara imisi itatu ari hasi mu nyanja akarokoka.
Iri sanganya ryâubwato ryahitanye ubuzima bwâabandi bose bari muri ubu bwato Jascon 4, aha hari ku wa 26 Rusama 2013.
Ntiyari amenyereye ingendo zo mu mazi
Harrison ntiyari amenyereye ingendo zo mu mazi, akaba yari atandukanye na bagenziwe batari bake bari kumwe.
Uno mukozi wo mu gikoni yabwiye Outlook ko mu bisanzwe atari bwigere ahonyoza ikirenge imbere yo kuronka akazi muri ubwo bwato mu 2010.
Harrison yari umukuru wâabakora mu gikoni kwâihoteri, ibi bikaba vyamutumye ashobora gutunga umugore wiwe nâabana biwe.
Ariko kubera igitoro cariko kiriyongera mu mazi yegereye umweha wo mu ntara yiwe yâamavukiro ya Delta, yabonye ko ashobora kuharonkera amafaranga menshi nkâumukozi wo mu gikoni mu bwato bumwe muri bwinshi bwakoreshwa mu gucukura igitoro mu nyanja.
Ariko wibuke ko ari ubwa mbere ibintu bitagenda neza.
Ati: "Nâaho nakunda amazi, kuva ninjiye muri ubu bwato nagize ibizunguzungu, mara imisi itatu ngenda navura, ndahwa, aho nyene ntegerezwa guteka.
"Ariko inyuma yâimisi itatu, nari namaze kumenyera kandi kuva ico gihe nta ngorane nasubiye kugira mwâibahariâ.
Inyuma yâigihe gito, yari yamaze kwishimira cane aka kazi ko mu bwato, aho yagaburira abantu 12 bonyene, mu gihe yahora agaburira amajana yâabantu igihe yakora kwâihoteri.
Vyongeye, akazi ko mu mazi kamuzanira nâutundi turusho.
Ati: "Uko urugendo ruba rurerure, niko bakwongera amahera kandi atayo ukoresha. Urugendo rurangiye, waraharura ukabona ko koko waronse agafaranga gafadika. Rero nari nishimiye aka kaziâ.
Nâaho ata burambe yari abifisemwo, Harrison nta bwoba yari afise bwo kuba mu mazi.
Ati: "Numva merewe neza kubera hari ahantu heza, hatekanye, ata nduru ziriyoâ.
Eka nâigihe ubwato bwibira nta bwoba burenze urugero yagize.
Ati: "Naratwenze maze gutora ubwenge, nibaza nti: ânone ibi ntivyari vyo? Canke nari ndoto... sinapfuye?â
Ukwibira kwa Jascon 4
Mu kwa gatanu 2013 niho yatangura gukora kuri Jascon 4. Nâaho ubu bwato atari abuzi, yari amaze gufata ingendo nâabandi bakozi babwo imbere yâaha.
Ati: "Twari abagenzi, twari incuti za hafi. Benshi bamfata nka nyina wabo, bambwira ivyo biyumvira vyose nâibibabo bafise. Narabaha impanuro nashobora kubaha kugira ngo ndabafasheâ.
Ni ho mu gitondo co ku wa 25 Rusama (5) Harrison yavyuka aja mu gikoni gutegura vya nkenerwa vyose nkâuko bisanzwe. Ibara ryagiye kugwa agiye mu bwogero.
Avuga ko yumva ingene ubwato bwariko buribira. "Bwarahuruduka. Naratekewe nâubwoba. Numva abantu bavuza induru, barira. Hari isaha cumi nâimwe zibura iminota cumi mu gatondo, rero bamwe mu bagenzi twari kumwe bari bakiryamye. Numva bavuza induru batabaza. Wumva gusa amazi akubita yinjira mu vyumba, mu nyuma kaba agacerereâ.
Ubwato bumaze gushika hasi mu nyanja, Harrison ni we wenyene yari agikomeye. Yari yazibiriwe mu kumba gato, amazi amugera ku mafyigo, mu mwijima nâimbeho.
Ico gihe, yariyumvira ko hari kuba umuntu yari kuza akamurokora, ariko imisi ibiri yaraheze ata nâagakacira.
Yashoboye kuronka isitimu/itoroshi yari iboheye kwâikoti yâubutabazi (life jacket). Ari mu mwiheburo, yashoboye kwugurura umuryango wo mu kindi cumba arondera ingene yosohoka, ariko yarabuze aho aca. Mu nyuma ya sitimu nayo irapfa, aca yisanga ari mu kizime.
Aribuka ingene ifi zamurya mu bikomere yagize igihe ubwato bwibira. Yibuka ati: âNari nambaye agakabutura ko musi konyene.
"Naguma niyumvira umugore wanje, mama wanje. Namara umwanya niyumvira ivyiza vyaboâ.
Vyari bimeze uko mu masaha 60 yose. Nta mfungurwa canke inyobwa, kandi nari nzi ko impwemu zariko zirahera.
Hagati aho...
Ku butaka, imiryango yâabakozi bâubu bwato bahawe amakuru ko abari mu bwato bose bari bapfuye, kandi ko ikompanyi yakoresha Jascon 4, yari izwi kwâizina rya West African Ventures, yari yarondeye abahinga kugira ngo bakureyo ibiziga.
Ikompanyi yahawe iki gikorwa yari iyo mu Buholande izwi nka DCN Global.
Ino kompanyi yarungitse abahinga batatu kurondera ubu bwato bwibiye, barongowe nâuwaguma akurikirana ibikorwa vyabo vyose akoresheje kamera (camera) yo ku bwato bwari hejuru.
Harrison yarashobora kubumva igihe bariko baramena inzugi kugira binjire muri ubu bwato. Niho rero na we yaca atangura gukubita ku mpome zâiki cumba yarimwo kugira ngo arabe ko bomwumva.
âNari namaze kwihebura. Impwemu zose zisa nâizari zamperanye, nari mfise ingorane zo guhemaâ.
Ikintu ca mbere yabonye, wari umuco wâisitimu. "Naciye nibira mu mazi mu kugerageza kurondera uno muco iyo uzanana, maze kubona utubumbe twâamazi [bulles deau], naciye menya ko yari umutabaziâ.
Uno mugabo, Nicolaas van Heerden, yabwiye Outlook ko kwumva umuntu amufashe âcabaye igihe ca mbere canteye ubwoba kurusha ibindi vyose mu kazi kanje, nâaho mu nyuma ubu bwoba bwaciye busubirirwa nâinguvu nâumunezero birenze urugero wo kubona dushobora gutora umuntu yari akiri muzimaâ.
Harrison ati: "Narashaka kumukorako hanyuma ngaca ngenda kuko nari nzi ko yategerezwa kugira ubwoba kandi nanje sinashaka kumutera ubwobaâ. Avuga ko na we nyene yari afise ubwoba mbere ko atumva ingene yari akiri muzima kandi ko ico yari abonye cari kiremwamuntu.
Nicolaas asigura ko kumutora akiri muzima yabaye intango yâiki gikorwa câubutabazi.
Aba batabazi baciye bamuzanira ibikoresho vyo gukoresha mu mazi baca bamwigisha ingene bikoreshwa. Niho rero mu nyuma bamuzungurukana muri ubu bwato bwari bwibiye.
Atuje, Harrison avuga ati: "Ibintu vyose vyari vyuzuye ivyondo, nta kintu na
kimwe wari gushobora kubonaâ.
Amaze kumenya ko ari we wenyene yarokotse, yaciye atangura kurira.
Ati: "Nararokotse, ariko ni ibintu ntokwipfuriza umuntu nâumweâ.
Inyuma yâimisi itatu ari hasi mu nyanja, Harrison yategerezwa kumara iyindi misi itatu mu kindi cumba câubwato kugira ngo umubiri ubanze utekane kuko yari gushobora kurwana umutima.
Hagati aho, baramenyesheje umugore wiwe ko yatowe akiri muzima. Ati: âUmugore wanje yaciye agwa igihumura bica biba ngombwa ko bamutwara kwa muganga, ariko yari ameze nezaâ.
Ku musi wa gatatu, niho kajugujugu yaca imutwara ku bitaro, baramukontorora hanyuma baramurekura arataha, aho isinzi ryâabantu bari bumvise iki gitangaza bari bamurindiranye igishika hampande yâumuryango wiwe.
Mu misi yakurikiye, inkuru yiwe yarazungurutse isi yose inyuma yâaho ba batabazi bamutora basohoreye videwo ku mbuga hwaniro yerekana ingene vyagenze.
Igitangaje, naho Harrison yari yarahiye akarengwa ko atari gusubira kwegera amazi, isanganya ryabaye haciye imisi mike, aho imodoka yiwe yasetse ikiraro igaca igwa mu kiyaga (no ngâaha akaba yarashoboye kurokoka mbere arokora na mugenziwe) yatumye afata icyemezo.
Mu buryo atari yiteze, yabaye umutabazi wo mu mazi yabigize umwuga.
Ati: "Inyuma yâiri sanganya rya mbere, nari navuze ko ntazopfa nsubiye mwâibahari, ariko niyo nkiri kubera nzi ko ari ho ntegerezwa kuba, niho buzima bwanje kandi nzokwama ndi hafi yabwoâ.
" Ni ryo herezo ryanje, niko Imana yashatse ko bibaâ.