Saudi Arabia yugaye umuringoti munini w'ibitoro inyuma y'igitero cagabwe kiva muri Iraq

Ahavuye isanamu, Copernicus Sentinel-3/Reuters
- Umwanditsi, Tiffanie Turnbull
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Arabia Saudite yugaye umuringoti w'ibitoro ukomeye cane inyuma y'aho uterewe n'ama drone aturutse muri Iraq, mu gihe intanbara mu burasirazuba bwo hagati iguma yaguka.
Iraq ivuga ko yakuye umwe mu bategetsi ba gisirikare kandi ko yatanguje amatohoza inyuma yo kwemera ko igitero ca drone ku muringoti w'umubanyi wayo cazananye muri imwe mu ntara zayo ihana urubibe na Iran.
Uwo muringoti upima 1.200km wafasha Arabia Saudite - igihugu ca mbere gishobora ibitoro bitayunguruye vyinshi hanze- kutabanza guca mu muhora wa Hormuz.
Ivyo vyashitse mu gihe abitwaje ibigwanisho b'aba Houthi bo muri Yemen bashigikiwe na Iran bariko baratera intambwe imbere, bakaba basongeye isibe ku kibazo c'inzira zo gucishamwo ibitoro bishoka kw'isi mu gihe intanbara ya Amerika na Iran yinjiye mu kwezi kugira indwi.
Reta ya Arabia Saudite ku wa gatanu yavuze ko yugaye uwo muringoti mu kwiyubara, mu gihe amasanamu y'ibigendeajuru yerekanye ahantu hahiye n'umwotsi hafi y'uwo muringoti.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwavuze ko muri ico gitero hakomeretse abantu haragira n'ivyononekara, ubu bikaba bikiriko birasubuzumwa.
Uwo muringoti wacamwo hagati ya 4 na 5% y'ibitoro bishoka kw'isi, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, amakuru rivuga ko rikesha abakurikirana ingendo z'ubwato hamwe n'abihweza ibintu n'ibindi.
Arabia Saudite yahisemwo kutihora gushika ubu, nk'uko ubushikirahganji bwayo bujejwe imigenderanire buvuga, inyuma y'iterefone y'umushikiranganji wa mbere wa Iraq.
Bwavuze ko ico gihugu c'ubwami ''kizoshigikira utwigoro twa reta ya Iraq'' two ''kubuza ko haba ibitero'' bigabwa ku bihugu bibanyi bivuye muri ico gihugu.
Ariko itangazo rivuga ko ''Ingoma ya Arabia Saudite ishimangira ko igumana uburenganzira bwo gufata ingingo zose zo gukingira ubutavogerwa n'umutekano vyayo, gukingira ibikorwa-remezo vyayo, no gukingira umutekano w'abanyagihugu bayo n'ababa muri ico gihugu''.
Umushikiranganji wa mbere wa Iraq mw'itangazo ryiwe yavuze ko umusikirikare yategeka ibikorwa muri Maysan - intara ihana urubibe na Iran - yakuwe muri ico kibanza imyuma y'aho vyemerejwe ko igitero ca drone caturutse muri iyo ntara.

Inama y'ugufashanya mu kigobe c'Abarabu - igizwe n'abaserukira Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, Bahrain, Oman, Qatar na Kuwait - nayo yasohoye ikete ryo kwiyamiriza ico gitero.
Muri iyi ndwi, ugutera intambwe imbere nk'umuravyo muri Yemen kwatumye aba Houthi bagenzura igice kinini c'inkengera z'ico gihugu, nk'uko amasoko avuga.
Uwo mugwi uvuga ko ugenzura umuhora wa al-Mandab, irembo rishikana ku Kiyaga Gitukura n'umugazo wa Suez, n'ubwo uvuga ko guca muri izo nzira zo mu mazi ''umutekano ari wose ku makompanyi yose kiretse ubwato bwa Arabia Saudite''.
Ivyo bitumye impande zompi z'amayira yo mu mazi yo muri ako karere zigabanurwa guhita, ivyatumye ibiciro vy'ibitoro bitayunguruye biduga gushika ku madorari 100 ku kagunguru, ubwa mbere kuva mu kwezi kw'indwi.










