Putin yoba yarananiwe mu ntambara yiwe muri muri Ukraine, Uburusiya bwipfuza iki?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Paul Kirby
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Igihe Vladimir Putin yagomorera ingabo 200.000 kuri Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma (2) 2022, yari azi ko mu misi mikeya gusa yari kuba yashwaye umugwa mukuru Kyiv, agasenyura reta.
Inyuma yo kurushwa vy'akamaramaza mu bice bitari bike bikaba ngombwa ko ingabo ziwe zisubira inyuma, biragaragara ko yananiwe gushika ku ntumbero nyamukuru yari yaje afise, ariko si ukuvuga ko Uburusiya bwatsinzwe muri ino ntambara.
Ico Putin yarondera ubwa mbere cari iki?
Gushika ubu, umukuru wâigihugu câUburusiya avuga ko iki gitero ca mbere gikomeye ku mugabane wa Bulaya kuva intambara ya kabiri yâisi yose irangiye ari âigikorwa kidasanzwe ca gisirikareâ.
Ku bwiwe, iyi ntambara imaze guhitana abanyagihugu batari bake, abagera ku miriyoni 13 nabo bagahunga igihugu, abandi nabo bagahungira hagati mu gihugu, ntabwo ari intambara yeruye.
Intumbero yatanze ku wa 24 Ruhuhuma 2022 yari iyo âgusambura igisirikare no gukura ubutegetsi bwâiki-Naziâ muri Ukraine, ntiyari iyo kwigarurira ku nguvu iki gihugu, hari haciye imisi mikeya yemeje ukwikukira kwâuturere twâubuseruko bwa Ukraine twari mu minwe yâinyeshamba zishigikiwe nâUburusiya kuva mu 2014.
Yiyemeje gukingira abanyagihugu bari bamaze imyaka umunani bakorerwa ihonyabwoko nâitotezwa nâabategetsi ba Ukraine â nkâuko Uburusiya bukunze kubiririmba ariko ata vyemezo butanga. Yavuga ko yashaka kubuza OTAN/NATO guhonyoza ikirenge muri Ukraine, mu nyuma yongerako nâiyindi ntumbero, ko ashaka gukora ibishoboka vyose kugira ngo Ukraine ntihagire uruhande na rumwe yegamira.
Perezida Putin ntiyigera abivugira hejuru, ariko intumbero nyamukuru yari iyo gusenyura reta yâumukuru wâigihugu ca Ukraine yatowe nâabanyagihugu.
Volodymyr Zelensky yavuze ati: "Umwansi yavuze ko ndi uwa mbere ndonderwa; umuryango wanje uza ubwa kabiriâ.
Ingabo zâUburusiya zagerageje incuro zibiri zose gutera ikirimba câumukuru wâigihugu, nkâuko bivugwa nâumuhanuzi wiwe.
Ivyavugwa nâUburusiya ko aba-Nazi ba Ukraine bariko barakora ihonyabwoko nta nsiguro vyagize, ariko itororokanirizo ryâamakuru rya reta yâUburusiya Ria Novosti ryasigura ko "gusenyura ubutegetsi bwâiki-Nazi hamwe no gufuta Ukraine ari ngombwaâ â ivyumvikana ko kwari ugukuraho igihugu ca Ukraine ca none.
Hari haciye imyaka itari mike umukuru wâigihugu câUburusiya avuga ko Ukraine idakwiye kubaho nkâigihugu, aho mwâijambo rirerire ryo mu 2021 yanditse ko âAbarusiya nâabanya-Ukraine ari abenegihugu bamweâ kuva mu kinjana câicenda.
None Putin yahinduye gute intumbero ziwe

Ahavuye isanamu, BBC/Goktay Koraltan
Haciye ukwezi intambara itanguye intumbero ziwe nazo zigahinduka inyuma yâaho yomokeye akava mu micungararo ya Kyiv na Chernihiv, intumbero nyamukuru yaciye iba iyo âkubohoza Donbasâ â aha akaba yashaka kuvuga intara zibiri zirimwo amahinguriro ya Ukraine mu buseruko, ari zo Luhansk na Donetsk.
Ingabo zabwo zirukanywe muri Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko hamwe na Kherson mu bumanuko, intumbero zâUburusiya ntizahindutse, ariko nta ntambwe nini iboneka bwateye kugira ngo buzishikeko.
Uku gutsindwa ku rugamba muri utu turere kwatumye iyi ndongozi yâUburusiya yihutira gutangaza ko intara zine za Ukraine zegukiye Uburusiya, hari mu kwâicenda, ariko mu bisanzwe ata nâimwe muri zo agenzura ijana kw'ijana: yaba Luhansk canke Donetsk mu buseruko, canke Kherson canke Zaporizhzhia mu bumanuko.
Perezida Putin vyabaye ngombwa ko, ku ncuro ya mbere kuva ku ntambara ya kabiri yâisi yose, atera akamo ko kwinjiza izindi ngabo mu buryo bwihutirwa, nâaho atarondeye nyinshi kuko yahamagaje ingabo zâintegabizoza zababa 300.000.
Ubu hari intambara yo kwonona ku rwasiro rungana na 850km, kandi si ukuvuga ko Uburusiya buvyifatamwo neza cane. Icavugwa ko cari igikorwa ca gisirikare kidasanzwe cari gufata akanya urume rumara cavuyemwo intambara yâurudaca abategetsi bâibihugu vyâUburengero biyemeje ko Ukraine itegerezwa kuyitsinda. Iciyumviro câuko Ukraine yohava iba igihugu ataho cegamiye caramaze kuvaho kera.
Mu kwâicumi na kabiri, Perezida Putin yaragabishije ko intambara "ishobora kuba ndende", ariko mu nyuma yongerako yâuko intumbero yâUburusiya itari âiyo gutuma haba intambara ya gisirikareâ, ariko ko yari iyo kuyihagarika.
None amaze gushika kuki?
Ikintu nyamukuru Perezida Putin ashobora kwishimira ko amaze gushikako ni ukwubaka ikiraro gihuza Uburusiya nâakarere ka Crimea bwigaruriye mu 2014 bidaciye mu mategeko, ubu aka karere kakaba katakigendera gusa ku kiraro cako kiri ku muhora wa Kerch (DĂ©troit de Kertch/Kerch Strait).
Avuga ko kwigarurira aka karere, karimwo ibisagara vya Mariupol na Melitopol, ari "intambwe ikomeye ku Burusiya". Ikiyaga ca Azov, hagati mu muhora wa Kerch, "ubu cabaye icegukira Uburusiya", nkâuko yabitangaje, akavuga ko mbere nâumu-Tsar (umwami) wâUburusiya yari akomeye cane Pierre le Grand/ Peter the Great atashoboye gushika ku kintu nkâiki.
None yoba yarananiwe

Ahavuye isanamu, EPA
Usivye kwifatira umuhora wâubutaka ugana muri Crimea, intambara yâUburusiya ifatwa ko itagira ishingiro kandi idasiguritse yabaye akaga kuri bwo ubwabwo hamwe no ku gihugu catewe. Gushika ubu, nta kintu kinini cane bwovuga ko bwashitseko uretse gushira ahabona ico ababurwanya bafata ko ari ubugome nâubushobozi buke bwâingabo zâUburusiya.
Mu gihe ibisagara bimwe bimwe nka Mariupol vyagizwe umunyota, hari amakuru yahavuye aja ahabona avuga ivyaha vyo mu ntambara vyakozwe nâingabo zabwo ku basivire muri Bucha, hafi ya Kyiv, ivyatumye icegeranyo câumurwi wigenga cagiriza Uburusiya gukokeza ihonyabwoko.
Ariko ugutsindwa ku ruhande rwa gisirikare mu duce tumwe tumwe kwatumye biboneka ko Uburusiya bufise ingorane:
- Igihe ingabo 30.000 zisubira inyuma muri Kherson zikimukira hakurya yâuruzi Dnipro muri Munyonyo, vyerekanye ibibazo mu bijanye nâubuhinga
- Igihe umurongo wâama-chars (ibimodoka ntamenwa) wâibirometero 64 uzibirirwa mu micungararo ya Kyiv mu ntango yâino ntambara bwahatakarije ibikoresho vyinshi cane
- Igihe ingabo zari ziherutse kwinjizwa mu gisirikare zitikirira mu gitero ca misire ca Ukraine mu gisagara ca Makiivka vyerekanye ko mu gisata câigendereza hari ingorane
Amajambo yâUburusiya yo kugabisha Uburengero ku birwanisho buha Ukraine ntaco yavuze, na rirya Uburengero bwiyemeje gufasha Ukraine âmu gihe cose bizoba nkenerwaâ.
Ukraine yarongererejwe inguvu za gisirikare igihe buhawe vya muzinga vyo mu bwoko bwa Himars hamwe nâama-chars yo mu bwoko bwa Leopard 2 yemerewe nâUbudagi.
Ariko iyi ntambara ntabwo irarangira. Intambara yo kwigarurira Donbas irabandanya. Uburusiya buherurste kwigarurira igisagara ca Soledar muri uno mwaka, mbere bukaba bwizeye ko buzoruhira gufata igisagara ca Bakhmut, inzira yo gusatira ibisagara bikuru bikuru amaja mu burengero, kandi bukongera bukisubiza nâubutaka bwatakaje mu mezi aheze.
Abakurikiranira hafi Putin babona ko ariko ararondera gutsimbataza ubutegetsi bwiwe mu ntara zine yatangaje ko zegukiye Uburusiya, atari muri Donbas honyene, ariko kandi nâamaja mu gisagara gikomeye ca Zaporizhzhia.
Mu gihe yobona bikenewe, Perezida Putin ashobora gutera akandi kamo ko kwinjiza izindi ngabo intambara ikabandanya.
Uburusiya ni igihugu rutura gitunze ibirwanisho vya nikleyeri, akaba yaragabishije ko yiteguye, mu gihe vyoba ngombwa, kubikoresha mu ntumbero yo gukingira Uburusiya no gutsimbatara mu turere rwa Ukraine yigaruriye.
Mu kugabisha yavuze ati: "Tuzokoresha ibirwanisho vyâubwoko bwose dufise. Aha si ndiko ndajajuraâ.
Kyiv yemeza kandi ko Uburusiya buriko burarondera gusenyura ubutegetsi bwa Moldavie buhengamiye ku Bulaya, igihugu ingabo zâUburusiya zisanzwe zifisemwo ibirindiro mu karere ka Transnistria gashaka kwiyonkora, kari ku rubibe na Ukraine.
None Putin yoba amaze guhungabanywa?
Perezida Putin wâimyaka 70 ubu, ntiyigera yiyumvira ivyo gutsindwa, ariko inguvu ziwe hanze yâUburusiya zaratitutse mbere agira ingendo nke cane hanze yâigihugu ciwe.
Hagati mu gihugu, ubutunzi bwâUburusiya ku maso buboneka ko bwashoboye kurinda ibihano bitari bike bwagiye bufatirwa nâuburengero, nâaho ifaranga ryabwo ryagize ingorane zikomeye mbere nâamafaranga bwinjiza mu gitoro na gaz akaba yaragabanutse bikomeye.
Gupima urugero rwâubwizigirwa asigaranye mu gihugu si ikintu coroshe.
Mu gihugu ni ryogora duhure, mu gihe uwuhirahiriye agatangaza âamakuru yâibinyomaâ ku gisirikare câUburusiya aca apfungwa.
Abatavuga rumwe nâubutegetsi bwâUburusiya bamwe barahunze, abandi nabo, harimwo na wa munyaporitike Alexei Navalny, barapfunzwe.
Ukraine irondera kwegamira ku burengero
Imbuto zâiyi ntambara zabibwe mu 2013, igihe Moscou irondera kwumvisha umukuru wâigihugu ca Ukraine yari ahengamiye ku Burusiya ico gihe gufuta amasezerano yari ategekanijwe hagati yâiki gihugu nâUbumwe bwa Bulaya, ivyatumye haduka imyiyerekano yatumye ubutegetsi bwiwe butembagara, maze Uburusiya nabwo bugaca bwigarurira Crimea bwongera buteza intambara yatumye inyeshamba zigarurira ubutaka mu buseruko bwâigihugu.
Inyuma yâamezi ane igitero câUburusiya gitanguye, Ubumwe bwa Bulaya bwaciye bwakira igisabo ca Ukraine co kwinjira muri uyu muryango, Kyiv ikaba iriko irasatira kugira ngo yemererwe vuba bishoboka.
Uyu mukuru wâigihugu câUburusiya amaze igihe kirekire yarashaka kandi kuzibira Ukraine kugira ngo ntiyinjire mwâishirahamwe OTAN ryo kwivunira umwansi hamwe, ariko ivyo yagiriza uru runani ruhurikiyemwo ibihugu vyâuburengero vyari ibinyoma.
Hampande yâuko bivugwa ko Ukraine yemeranije nâUburusiya imbere yâintambara ko izoguma hanze ya OTAN, Perezida Zelensky mu kwa gatatu, yaremeye ko Ukraine itazokwigera yegamira uruhande na rumwe, kandi ntinatunge ibirwanisho vya nikleyeri: "Uku ni ukuri kandi gutegerezwa kwemerwa uku nyene", niko yavuze.
None OTAN niyo yokwagirizwa iyi ntambara?


Ibihugu bihurikiye muri OTAN bibandanya birungikira Ukraine ibirwanisho vyo gukingira ibisagara vyayo, hamwe nâibisasu vya misire, vya muzinga na za ndege zitagira abadereva (drones), ivyatumye ibintu bitoroha ku Burusiya.
Ariko si vyo vyokwagirizwa iyi ntambara. OTAN ivuga ko yarondeye kwagura akarere kubera iterabwoba ryâUburusiya â Suede na Finland bikaba vyasavye kwinjira kubera iki gitero kuri Ukraine.
Amajambo yo kwagiriza OTAN ko iriko itera yiyagurira akarere amaja mu buseruko ni amajambo avugwa nâUburusiya yakwiragiye hamwe hamwe ku mugabane wa Bulaya.
Imbere yâintambara, Perezida Putin yasavye OTAN gusubira ku masezerano yo mu 1997 hanyuma ikure ingabo zayo nâibigo vya gisirikare mu burere bwa Bulaya yo hagati, ubwa Bulaya yâubuseruko hamwe no mu bihugu vya Baltic.
Kuri we, Uburengero bwaremeye mu 1990 ko OTAN itari kurenzako nâisantimetero imwe amaja mu buseruko, kandi niko vyagenze. Aha hari imbere yâuko icahoze ari Reta Zunze Ubumwe zâAbasoviyeti (URSS/USSR) gisambuka, ibi bikaba ari vyo bari bemereye uwari umukuru wâigihugu ico gihe , Mikhail Gorbachev, bikaba vyaraba cane cane Ubudagi bwâUbuseruko mu rwego rwo gushira hamwe nâUbudagi bwâuburengero kugira bibe igihugu kimwe câUbudagi.
Mu nyuma Gorbachev yahavuye avuga ico gihe ko âata vyo kwagura akarere ka OTAN vyari vyaganiriwekoâ.
OTAN ibandanya ivuga ko itigeze yipfuza kurungika ingabo zayo ku ruhande rwâUbuseruko, gushika Uburusiya bwigaruriye Crimea mu 2014 mu nzira iteye kubiri nâamategeko.










