China: Igisirikare mu myimenyerezo yo gukikuza Taiwan

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare c’Ubushinwa catanguye gusubiramwo integuro yo gukikuza izinga rya Taiwan mu minsi itatu y’imyimenyerezo ya gisirikare.
Ubutegetsi bw’Ubushinwa -bufata Taiwan nk’intara yabwo yiyonkoye – bwise ico gikorwa ‘’igabisha rikomeye’’ kuri reta y’iryo zinga.
Iyo myimenyerezo yatanguye haheze amasaha prezida Tsai Ing-wen agarutse avuye mu rugendo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ubushikiranganji bwa Taiwan bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko indege 42 z’igisirikare c’Ubushinwa hamwe n’ubwato umunani vyajabutse umurongo uri hagati na hagati mu ngobane y’amazi ya Taiwan (Taiwan Strait).
Uwo murongo n’urugabano rutazwi icese rw’ahagarukira Ubushinwa na Taiwan.
Ibinyamakuru vyo mu Bushinwa vyavuze ko iyo myimenyerezo iza ‘’gukorera icarimwe amarondo n’ukwegera izinga rya Taiwan, isagirize Taiwan yose kandi igire imforo yo gutururuza’’.
Vyongerako ko ‘’ibigwanisho birasa roketi ku ntera ndende, ibisambura ubwato bw’intambara, ubwato bufise misire, indege z’intambara, izitera amabombe, ibihungabanya imishwarara y’ivyuma vy’umwansi, hamwe n’ibitwara ibitoro vyo kwuzuza ’’ vyose vyagomowe n’igisirikare c’Ubushinwa.
Taiwan cifata nk’igihugu cigenga, gifise ibwirizwa shingiro ryaco n’abategetsi baco.
Ariko Ubushinwa bufata ko ari intara yabwo yiyonkoye amaherezo izoruhira gutegekwa na Beijing- hakoreshejwe inguvu bibaye ngombwa.
Umukuru w’Ubushinwa Xi Jinping yavuze ko ‘’kwiyunga’’ na Taiwan ‘’bitegerezwa gushikwako.
N’ubwo Ubushinwa bukunze kugira imyimenyerezo irya n’ino ya Taiwan, ‘’kuyikikuza’’ bibonwa nk’inyishu k’umubonano wa prezida wa Taiwan n’umukuru w’inama nhsingamateka ya Amerika Kevin McCarthy ku wa gatatu.
Prezida Tsai yavuze ku wa gatandatu ko leta yiwe izobandanya gukorana na Amerika n’bindi bihugu bigendera kuri demokrasi mu gihe iryo zinga rihanganye ‘’n’ukubandanya kwagura gushingiye ku mukazo’’ kw’Ubushinwa’’.
Madame Tsai yabivuze mu nama n’intumwa z’abashingamateka n’abakenguzamateka ba Amerika i Taipei zirongowe n’umukuru w’umugwi ujejwe imigenderanire mu nama nshingamateka Michael McCaul.
McCaul yavuze ko Amerika iriko irakora kugira ihe ibigwanisho Taiwan, ‘’bitari ivy’intambara, ahubwo vy’amahoro’’.
Igikorwa c’Ubushinwa c’iminsi itatu irya n’ino ya Taiwan -ciswe ‘’Inkota Ikarishe Yunze Ubumwe’’- kizoba gushika ku wa mbere, nk’uko vyatangajwe n’ubutegetsi bwa gisirikare.
Ubushikiraganji bwa Taiwan bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko buzokwishura iyo myimenyerezo y’Ubushinwa ‘’n’ituze’’ bushingiye ku murongo ngenderwako wo kudatuma ibintu biyangara no kudatera amatati kugira ‘’turwanire ubutavogerwa n’umutekano vyacu’’.
Mu kwezi kw’umunani guheze , Ubushinwa bwakoze imyimenyerezo hafi indwi yose irya n’ino ya Taiwan inyuma y’aho uwasubiriwe na McCarthy, Nancy Pelozi, agiriye urugendo muri Taiwan.
Iyo myimenyerezo, iya mbere ikomeye y’Ubushinwa yo kwerekana inguvu mu myaka myinshi, yarimwo kugomora indege za gisirikare, no kurasa misirire zishika kure.










