Kenya: Uko abagabo bafise amazina y'umuryango y'igitsina gore bariko bahangana n'agasuzuguro

- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Yakoze inkuru ari, Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Muri Kenya, abana benshi basanzwe bahabwa izina rya se nk'izina ryabo ry'umuryango. Ariko rero, muri iki gihe hariko hariyongera uwundi murwi w'aba Kenya bahitamwo amazina ya ba nyina mu kibanza c'amazina ya ba se.
Ivyo bigaragara cane mu bwoko bw'Abakikuyu, ari bwo bugize igice kinini gisumba ayandi moko muri muri Kenya - ivyatumye haba n'ukutabibona kumwe rimwe rimwe mbere bikaba bituma abagabo bafise amazina y'umuryango y'igitsina gore bacokorwa canke bagashinyagurizwa.
Abakobwa n'abagore bafise amazina y'umuryango akomoka kuri ba nyina ntibaburabuzwa kumwe - kandi akenshi iyo bashinze urwabo barashobora guhitamwo izina ry'umuryango ry'abagabo babo.
Hari abavuga ko ukwiyongera kw'abagabo bafise amazina y'umuryango y'igitsina gore kwerekana impinduka ziriko ziraba mu kuntu babona umugore n'uruhara rwiwe mu kibano umugabo ari we yari asanzwe afise ububasha akaba n'umutwe w'urugo. Ariko hari n'abanegura abahawe, canke rimwe rimwe abihitiramwo ubwabo gufata, izina rya ba nyina nk'izina ry'umuryango.
Aho hambere ntivyari vyoroshe kubona abagabo bari mu mabanga akomeye bafise amazina y'umuryango y'igitsina gore. Ariko ubu hari n'abanyapolitike batari bake bayafise, nk'umushingamateka John Njũgũna Wanjikũ.
Yarezwe na nyina gusa, ata ruhara se abigizemwo, akaba yatowe ubwa mbere mu 2021, kandi benshi bamuzi kw'izina rya "Ka-Wanjikũ", risobanura ngo "umwana wa Wanjikũ".
Bamwe nka Wanjikũ bahawe izina ry'umuryango rya nyina bakivuka, mu gihe abandi bo barihisemwo kugira batere iteka ba nyina.
Umwe mu bantu ba mbere bazwi barenze ku mugenzo wari uhasanzwe ku bijanye n'amazina y'umuryango y'igitsina gabo, ni Peter Kĩgia, umuririmvyi wo muri Kenya yahisemwo izina rya nyina nk'izina ryiwe ry'uburirimvyi.
Kĩgia wa Esther (umwana wa Esther), ubu ageze mu myaka irenga 60, azwi cane mu kuririmba no gucuraranga 'benga', umuziki w'akaranga uri mu majambo y'Abakikuyu hakoreshejwe cane cane umurya w'igitari, ukaba kandi ufise umudiho unyaruka.
Yabwiye BBC ati: "Iyo uhisemwo izina rya mama wawe nk'izina ryawe ry'umuryango, biba bisobanura ko umukunda kandi umwubaha".
Avuga mbere ko na kompanyi yiwe itunganya ivy'umuziki yayandikishije mu nzego z'igihugu kw'izina rya Wa Esther Productions.
Ubu, ivyo bimuha agaciro kihariye kandi biratuma yubahwa mu gisata c'umuziki, ku buryo n'abaririmvyi b'igitsina gabo bakiri bato bariko bakurikira akarorero kiwe.
Mu gisagara ca Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya, kenshi usanga ivyapa vyamamaza abaririmvyi bakoresha amazina y'umuryango ya ba nyina, nka Waithaka wa Jane na 90K Ka Msoh, bimanitswe ahantu hatandukanye.
N'ubwo biri uko, amazina yabo yemewe n'amategeko aguma ari ayo ku ruhande rwa ba se.
Umunyamakuru Simon Macharia Wangũi yabwiye BBC ko yafashe ingingo yo guhitamwo nkana izina rya nyina ngo ribe ari ryo zina ryiwe ry'umuryango ryemewe n'amategeko.
Avuga ko yahisemwo iryo zina kubera atigeze abona se. Asigura ko se yamutaye akiri muto kandi akaba atigeze amuba hafi mu buzima bwiwe.
Agira ati: "Kubera iki noha icubahiro umuntu atagikwiye?" Abandanya avuga ko ivyerekeye ko se wiwe ariho yagiye avyumva nk'ibihuha gusa, ata kirenze ngaho.
Ahanini yarezwe na inakuru kubera nyina wiwe yapfuye muri 2003 akiri umwana w'imyaka 12. Nta zina ry'umuryango yari afise gushika ageze mu mwaka wa nyuma w'amashure yisumbuye, igihe yasaba urupapuro rw'amavuko.
Evans Kibe Waceke, umumenyeshamakuru wo kuri radiyo n'imboneshakure afise izina ry'umuryango rya nyina, avuga ko hari Abanyakenya bagikeka ko umwana arezwe n'umuvyeyi umwe gusa aba "atagira indero ikwiye".
Yabwiye BBC ati: "Abantu babona ko udafise indero, na cane cane iyo warezwe na mama wawe wenyene".
Haraciye imyaka ibiri hatanguye impari zikomeye ku vyiza n'ibibi vyo guhitamwo izina ry'umuryango ry'umugore, inyuma y'uko uwitwa Robert Burale, rurangiranwa ahimiriza abantu kwiteza imbere avuze ko ivyo bihungabanya agaciro k'umugabo.
Ivyo vyatumye Fred Mũitĩrĩri azwi cane ku mboneshakure ashira ahabona ingorane yaciyemwo kubera ko yari afise izina ry'umuryango rya nyina, hamwe n'ukuntu yahavuye afata ingingo yo kurireka, agasigara akoresha gusa amazina yiwe ya mbere y'Icongereza n'Ikikuyu.
Yanditse kuri Facebook ati: "Mbega murazi ukuntu biteye isoni ku mwana w'umuhungu kwitirirwa izina ry'umukobwa imbere y'ishengero ry'abana"?
Ivyo yabivuze ariko adondora ukuntu atigirira icizere.
Yongeyeko ati: "Kubera bimwe muri ivyo naciyemwo, ngeze ku myaka 23 nararwaye agahinda gakabije".
Wairimũ Mũkũrũ, umukobwa akiri muto w'inzobere mu mico n'imigenzo y'Abakikuyu kandi akurikiranwa n'abantu benshi ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ko ukwiyongera kw'abafise amazina y'umuryango akomoka kuri ba nyina ahanini guterwa n'iyongerekana riri ku murindi munini ry'imiryango usanga igizwe n'umuvyeyi umwe, aho usanga umugore atabana n'umugabo (canke agashobora kuba yavyariye muhira) ari we wenyene ariko arimenya muri vyose mu kurera umwana.
Ariko yongerako ko ako ari akanenge gashingiye ku mico kubera, mu bisanzwe, n'abahungu bavyarwa n'abagore baba bakiri iwabo kenshi bahabwa amazina y'umuryango y'abagabo.
Yabwiye BBC ati: "Iyo mama wawe atakubwiye so wawe uwo ari we canke so akwihakanye, musaza wa mama wawe ni we aca agira uruhara rwa so".
Ariko Mũkũrũ asigura ko hari aho usanga abantu badashaka kubikora, kuko iyo umuntu yemeye uwo mwana aba anamuhaye uburenganzira bwo kuzotorana.
Mũgwe wa Njũhĩ, umwe mu bayobozi b'ishirahamwe ry'umuco w'Abakikuyu ryitwa Kiama Kĩa Ma, aremeza ko umuryango (uruhande rw'abagabo) ushobora kwanka ko mwene abo bana bakoresha amazina y'umuryango mu ntumbero yo kwirinda impari n'indyane zishingiye ku gutorana.
Ariko kandi avuga ko ata mpamvu yo gusuzugura abafise amazina y'umuryango y'abagore, kuko nk'uko bivugwa mu migani ishingiye kuri kahise, Abakikuyu bakomoka ku bakobwa 10 b'abavyeyi ba mbere b'ubwo bwoko: Gĩkũyũ na Mũmbi.
Yabwiye BBC ati: "Ndi uwo mu muryango wa Mũmbũi [izina rikomoka kuri Wambũi, umwe muri abo bakobwa]. Kuva kera twamye twiyumvamwo ko dukomoka ku bagore kandi tukabubaha".
Mu vy'ukuri, Abakikuyu bakunze kwitwa 'Inzu ya Mũmbi', aho bakaba baba bishimikije izina rya mama wabo wa mbere rivugwa mu migani.
Wa Esther, umuririmvyi amaze imyaka myinshi azwi cane, abona ko abantu bo mu yandi moko banegura abagabo b'Abakikuyu bakoresha amazina y'umuryango ya ba nyina baba badatahura "uburyo tubayeho n'imigenzo yacu".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwigisha wo muri kaminuza George Gathigi asigura ko naho mu migenzo y'Abakikuyu abagabo bashobora kuba bagiye bamenyekana biciye ku mazina ya ba nyina, ivyo vyakorwa gusa mu buryo butari bwemewe n'amategeko canke n'intwaro. Guhitamwo ku mugaragaro izina rya mama wawe nk'izina ry'umuryango ni ibintu bishasha.
Nk'akarorero, mu gihe uguharikwa kwari kugisanzwe, abana bo mu miryango minini bamenyekanisha amazina ya ba nyina kugira ntihabe ukwihenda canke kwitiranya, kuko no mu mico yabo amazina ya mbere akoreshwa mu muryango aba ari make.
Nyakwigendera umwanditsi w'Umunyakenya Ngũgĩ wa Thiong'o, se wiwe Thiong'o wa Ndūcũ akaba yari afise abagore bane, yanditse mu gitabu ciwe Dreams in a Time of War ko akiri umwana abantu benshi bamwita Ngũgĩ wa Wanjikũ, ari ryo zina rya mbere rya nyina.
Gathigi, yigisha muri Kaminuza ya Nairobi kandi akaba n'uwusesangura ibijanye n'imibano n'imico y'Abakikuyu, yemeza ko ukwiyongera kw'abahitamwo amazina y'umuryango ya ba nyina kwerekana "inguvu z'abagore" muri iki gihe, na cane cane aho usanga abagabo bariko barata amabanga yabo yo kwitaho imiryango.
Yabwiye BBC ati: "Umuco urahinduka, kandi ubu abantu bategerezwa kubaho hisunzwe uko ibintu vyifashe muri iki gihe mu kugabura ibikorwa n'amabanga". Yongerako ko abagore bariko bararushiriza gukora ibikorwa vyahora bibonwa nk'ivyagenewe abagabo.
Avuga ko muri bene ivyo bihe, iyo abana "bataronse akarusho ko kurerwa na ba se… mama wabo aca aba nyina akaba na se icarimwe".
Abona ko ico ari "ikintu kibi kiriko kirafatwa nk'igisanzwe".
Bene iyo nyifato ishobora gusigura igituma uguhakana no kunegura iyo migenzo bikibandanya.
Hari urubuga rumwe rwanditse ko gukoresha amazina y'umuryango y'abagore ari "umutwaro uremereye ku bagabo", mu gihe urundi rwo rwavuze ko ari uburyo bwo "guhindura umugabo w'Umukikuyu nk'umugore no kumutesha agaciro".
Naho umumenyeshamakuru Wangũi yemera ko kuba umuntu afise izina ry'umuryango rya nyina bitama vyoroha kandi bishobora gutuma haba ugukekeranya ku co uwo muntu ari, avuga ko yishimiye ingingo yafashe.
Yongerako ko iyo umuntu ashoboye gutera imbere cane mu buzima n'ubwo yoba afise iryo zina, "abantu babona ko watsinze ingorane nyinshi kugira ushike aho ugeze".













