Umuganga yagirizwa ivyaha bijanye na jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994 agiye kuburanishwa mu Bwongereza

    • Umwanditsi, Cachella Smith
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Umuganga yagirizwa ivyaha bitari bike bijanye na jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994, bitegekanijwe ko azoburanishwa mu mezi ya nyuma y'umwaka uza.

Dr Vincent Brown, yahoze yitwa Dr Vincent Bajinya, w'imyaka 65, yagirizwa "kwica, gutegeka canke kuremesha" iyicwa ry'abantu bo mu bwoko bw'Abatutsi mu Rwanda. Ni we muntu wa mbere mu Bwongereza yagirijwe ivyaha bijanye n'iyo jenoside.

Brown, aba i Islington mu buraruko bwa Londres, yagirizwa icaha kimwe co kugira uruhara mu bikorwa bijanye na jenoside, hamwe n'ivyaha bitandatu vyo kugira uruhara mu bwicanyi bufatwa nk'ivyaha vyo guhohotera abantu.

Umucamanza yamaze gushinga ko urubanza rwiwe rushobora gutangura muri Gitugutu (10) mu 2027. Brown arahakana ivyo yagirizwa, kandi ntarashikiriza icese muri sentare nimba yemera canke ahakana ivyaha aregwa.

Ku wa gatanu, uwo yagirizwa ivyaha yitavye urubanza biciye ku mashusho ari mw'ibohero rya Belmarsh, mu rubanza rwo kwitegurira kuburanishwa rwabereye muri sentare ya Old Bailey.

Muri urwo rubanza, umucamanza Cheema-Grubb yashinze ko urubanza nyamukuru rushobora gutangura ku wa 4 Gitugutu(10) 2027, rukazomara hagati y'indwi umunani na 12.

Iyindi nama ya sentare, aho azomenyesha nimba yemera canke ahakana ivyaha yagirizwa, hamwe no gutunganya ingene urubanza ruzogenda, yashinzwe ku wa 15 Nzero (1).

Yamaze kumenyesha ko azohakana ivyaha vyose yagirizwa.

Bivugwa ko Abatutsi hamwe n'Abahutu batari bashigikiye politike y'intagondwa bashika ku 800.000 bishwe muri jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994, yamaze imisi 100.

Brown ni umuganga yize ivy'ubuganga mu Rwanda, arangiza amashure mu myaka ya 1980. Mu nyuma yabaye umuyobozi w'igisata kijejwe amagara y'imiryango i Kigali, aho yaba mu micungararo y'ico gisagara ari kumwe n'umugore wiwe n'umuhungu wabo yari akiri muto.

Brown yagirizwa kugira uruhara mu bwicanyi bw'abantu batandatu hagati y'itariki 6 na 13 Ndamukiza 1994. Mu nyuma yarashikirijwe ibirego, inyuma y'amatohoza yamaze imyaka indwi yakozwe n'abajejwe iperereza mu Bwongereza kuri ubwo bwicanyi.

Ku wa gatanu, sentare yamenyeshejwe ko ingwati y'amapawundi 100.000 yari yasabwe kugira Brown arekurwe vy'agateganyo, yashinzwe mu ntango za Gitugutu (10), itari bwatangwe.

Umushikirizamanza Bill Emlyn Jones KC yabwiye sentare ko ivyabaye mu 1994 vyari "ubwicanyi bw'ikivunga bwahitanye abantu benshi kurusha ubundi mu mateka ya vuba".

Jones yavuze ati: "Abantu ibihumbi ijana barishwe i Kigali, cane cane mu misi n'indwi vya mbere vya jenoside."