Messi yasezeye mu mugwi nserukiragihugu wa Argentine, "ata kindi asigaje gutanga."

Lionel Messi anezerewe cane, afise mu kuboko kw’i buryo igikombe c’isi inyuma y’umukino wanyuma wo mu 2022, watsinzwe na Argentine.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikiringo ca nyuma mu mwuga wa Messi cabaye igihe Argentine yatwara Igikombe c'isi co mu 2022.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Umukinyi w'umupira w'amaguru wo muri Argentine, Lionel Messi, yatangaje ko asezeye mu mugwi nserukiragihugu, avuga ko ari ingingo "imubabaza", ariko ko "igihe kigeze."

Messi w'imyaka 39, yarongoye Argentine mu gutwara igikombe c'isi cabereye muri Qatar mu 2022, yatsindiye igihugu ciwe ibitsindo 125 mu nkino 207. Ni we amaze gutsindira Argentine ibitsindo vyinshi kurusha abandi, akaba kandi ari we amaze kuyikinira inkino nyinshi kurusha abandi.

Mw'itangazo yashize ahabona, Messi yavuze ko yahaye vyose umugwi nserukiragihugu, ariko ubu "ata kindi asigaje gutanga."

Yongeyeko ati:"Umwanya uriko urahera, ibice vy'ubuzima biragira iherezo, kandi iki ni kimwe mu bimbabaza cane.

"Narashimye, ndacashima kandi nzokwama nshima kuba mu mugwi nserukiragihugu.

"Natanze ivyo nari mfise vyose, nta kindi nsigaje gutanga. Vyongeye, hari abakinyi bakiri bato kandi b'abahinga cane bariko baraza inyuma yanje, na bo bakwiye guhabwa umwanya."

Mu ntango z'ukwezi kw'umunani, Messi yari yavuze ko ariko ariyumvira ku bijanye na kazoza kiwe mu mupira w'amaguru, inyuma y'urupfu rwa se Jorge, yapfuye afise imyaka 68 inyuma y'igihe kirekire arwaye.

Messi, amaze gutwara incuro umunani agashimwe ka "Ballon d'Or"(umupira w'inzahabu), yavuze ko ubutumwa bwo gutangaza ko asezeye yabwanditse italiki 21 ukwezi kw'indwi, haciye iminsi ibiri Argentine itsinzwe na Espagne mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi co muri uno mwaka.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuri uyu wa mbere, yanditse kuri Instagram ati: "Uyu munsi, inyuma y'ivyabaye kuri papa, ndavyemera kuruta ko iyi ngingo ari yo ibereye."

N'aho asezeye mu mugwi nserukiragihugu, Messi azobandanya gukina mu migwi, muri Inter Miami yo muri Major League Soccer muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Messi yatanguye gukinira umugwi nserukiragihugu wa Argentine mu 2005, aho yinjiye mu kibuga ku munota wa 63 mu rukino rwa kivandimwe Argentine yatsinzemwo Hongrie ibitsindo 2-1. Ariko hataraca n'umunota yinjiye, yaciye ahabwa ikarata itukura, inyuma y'aho inkokora yiwe ikubitiye Vilmos Vanczak mu maso.

N'aho yatanguye nabi urugendo rwiwe mu mugwi nserukiragihugu, Messi yahavuye aba umwe mu bakinyi b'umupira w'amaguru bakomeye kurusha abandi mu mateka y'urwo rukino. Yatwaranye na Argentine igikombe c'isi hamwe n'ibikombe bibiri vya Copa America.

Messi ni uwa kabiri mu bamaze gutsinda ibitsindo vyinshi mu mateka y'igikombe c'Isi, afise 21, inyuma y'Umufaransa Kylian Mbappe afise 22. Ni kandi uwa kabiri mu bamaze gutsindira imigwi nserukirabihugu ibitsindo vyinshi, afise 125, inyuma y'umunyaportugal Cristiano Ronaldo afise 146.

Messi yari yabanje gusezera mu mugwi nserukiragihugu mu 2016, ariko mu nyuma arahindura iyo ngingo aragaruka.

Ico gihe yasezeye inyuma y'aho Argentine itsindiwe na Chili mu rukino rwa nyuma rwa Copa America. Messi yari yahushije penaliti mu gutera penaliti zo kumenya uwutsinda, Argentine iba itsinzwe urukino rwa kane rwa nyuma rw'ihiganwa rikomeye mu myaka icenda.

Mu gikombe c'isi co muri uno mwaka, Messi yatsinze ibitsindo umunani, anatanga imipira ine yavuyemwo ibitsindo. Ivyo vyatumye imipira amaze gutanga mu gikombe c'isi ivamwo ibitsindo ishika kuri 12, cumi muri yo akaba yayitanze mu nkino zo gukuranamwo. Nta wundi mukinyi afise ibiharuro vyanditswe amaze gutanga imipira irenga umunani yavuyemwo ibitsindo muri iryo higanwa.

Messi yabandanije ati:"Ndabashimiye urukundo mwanyeretse muri iyi myaka 20 iheze. Nzokumbura cane kwumva amajwi yanyu ndi mu kibuga.

"Ubu nanje nzoba umwe muri mwebwe, nama ndabashigikiye kandi ndabatera intege ndi hanze y'ikibuga, haba mu bihe vyiza canke bibi, na canecane mu bihe bibi.

"Ndagiye mfise amahoro mu mutima kandi nishimira kuba, hamwe na bagenzi banje, twarabahaye ibihe twari twarigeze kurota gusa.

"Vyari ibintu bitangaje cane kubana namwe muri uru rugendo. Ndabakunda!"