Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Umunyamuziki General Defao yapfuye
Umunyamuziki rurangiranwa wo muri Repubulika ya Demokrasi ya Congo Lulendo Matumona azwi kw'izina rya General Defao yapfuye.
Defao, yari afise imyaka 62, yapfiriye aho yari asanzwe arwariye mu bitaro vya Laquintinie i Douala, muri Cameroun ejo ku wa mbere.
Uyu munyamuziki yavutse mu 1958 azwi mu ndirimbo n'intambo zaryoheye abakunzi b'umuziki batari bake.
Abaririmvyi Ferre Gola na Fally Ipupa bari mu banyamuziki ba mbere batanze ubutumwa bw'akababaro, bavuga ko uru rupfu ari uruhombo runini kuri Afrika.
General Defao yavukiye i Kinshasa ku wa 31 z'ukwa cumi na kabiri 1958, akaba yatanguye kuririmba mu 1978 mu murwi wa Suka Movema.
Yararirimvye mu gihe gito mu mirwi Fogo Stars na Somo West imbere y'uko yinjira muri Grand Zaiko Wawa, mu nyuma akaba yagiye kwimukira mu murwi Choc Stars wari watangujwe mu 1983 n'abaririmvyi Ben Nyamabo hamwe na Bozi Boziana, ari naho yerekaniye ubuhinga bukomeye aranamenyekana cane.
Defao yahavuye ava mu murwi Choc Stars mu mpera za 1990 aca atanguza umurwi Big Stars ari kumwe na Djo Poster.
Hagati aho, ibintu ntivyagenze uko yavyipfuza, biba ngombwa ko arondera abandi baririmvyi Djo amaze kugenda.
Defao yari yashitse muri Cameroun mu ndwi iheze akaba mbere yaragiye mu myimenyerezo y'igiteramo ciwe c'Umwaka Mushasha, ari naho yatanguye kwumva atameze neza, nk'uko amakuru ava i Douala abivuga.
Defao yahavuye asimbanwa ku bitaro Laquintinie ari naho yahavuye asandabira.