OTAN yiteguriye guhangana n’akaga k'ikigendajuru ca nikleyeri coba kigiye kurungikwa mu kirere n’Uburusiya
Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte, yatangaje ko uru runani rwiteguriye guhangana n’ico cose coza kibangamira umutekano w’ikirere c’ibihugu birugize, inyuma y’amakuru avuga ko Uburusiya bushobora kuba buriko burategura kurungika mu kirere ikigendajuru igifise ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara (canke vya nikleyeri).
Ibinyamakuru vyo mu Budagi vyatangaje ko amakuru y’igendereza yasangijwe ibihugu bigize OTAN yerekana ko Uburusiya bushobora kurungika ico kigendajuru mu misi 60 iri imbere.
Amakuru yatangajwe n’ibinyamakuru vyo mu Budagi, NDR na WDR, hamwe n’ikinyamakuru Sueddeutsche Zeitung, yisunze amasoko yo mu gisirikare no mu nzego z’igendereza atashimye ko amazina yayo amenyekana avuga ko ico kigendajuru kizwi nka Sputnik-S, coba gifise umutwe ufise ibiturika vya nikleyeri ushobora guhungabanya canke gusambura ibindi bigendajuru bikoreshwa mw’itumatumanako no mu kugenzura ibikorwa bitandukanye kw’isi.
Rutte yabwiye abanyamakuru i Berlin ko OTAN izobandanya gukingira “buri gace k’ubutaka bw’abayigize”, harimwo n’umutekano wo mu kirere. Arahumuriza kandi ko uru runani rufise uburyo butandukanye bwo kwivuna igitero ico ari co cose.
Ku ruhande rw’Uburusiya, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu), Dmitry Peskov, yamiriye kure ayo makuru, avuga ko ashingiye ku masoko atazwi, ubuserukizi bw’Uburusiya i Berlin na bwo bukaba buvuga ko ayo makuru atagira ishingiro kandi ko ari ugushikuza.
Umukuru wa reta y’Ubudagi, Friedrich Merz, ntiyemeje canke ngo ahakane ayo makuru, ariko yavuze ko yerekana urugero rw’ukuntu Uburusiya bushobora gutuma ibintu vyunyuka.
Hagati aho, umukuru w’ikigo ca Buraya gijejwe ikirere (ESA), Josef Aschbacher, yavuze ko gushira ibirwanisho vya nikleyeri mu kirere vyoba ari “ikintu giteye ubwoba kuruta ibindi vyose.”
Aya makuru yongeye kuvyura impari zijanye n’iyubahirizwa ry’Amasezerano yo mu 1967 abuza kurungika ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara mu kirere. Mu 2024, Amerika na yo yari yagirije Uburusiya ko bwariko buhingura ikirwanisho ca nikleyeri co gusambura ibindi bigendajuru, ariko bwarabihakanye.
Ayandi makuru ushobora gusoma: