IKIBIRIRAHO, Israel yagavye ibitero vy’indege i Tyre muri Liban inyuma y’aho Iran isabiye ko ibitero bihagarara

Nk'uko NNA ibitangaza, abantu umunani (8) bamaze gupfa inyuma y’ico gitero ca Israel nk'uko vyemezwa n’Ubushikiranganji bw’Amagara y’Abantu bwa Liban.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Israel yagavye ibitero vy’indege i Tyre muri Liban inyuma y’aho Iran isabiye ko ibitero bihagarara

    ifoto yerekana inzu yabomowe muri Iran

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Hari amashusho yerekanye igitero c’indege ku gisagara ca Tyre, mu bumanuko bwa Liban, mu gihe ibinyamakuru vya Liban na vyo bivuga ko Israel yagavye igitero kuri ico gisagara muri iki gitondo.

    Ivyo bibaye inyuma y'amasaha make igisirikare ca Israel kibwiye abanyagihugu kuva vyihuta mu mazu yabo mu gisagara ca Tyre no mu micungararo yaco, bagaca baja mu buraruko bw'uruzi Zahrani.

    Itororokanirizo ry'amakuru rya leta (NNA) rivuga ko indege z'intambara za Israel zagavye "igitero gikomeye c'indege" mu gisagara ca Tyre.

    Kugeza ubu, Igisirikare ca Israel ntikiratangaza ko cagavye ibitero muri ako karere.

    Nk'uko NNA ibitangaza, abantu umunani (8) bamaze gupfa inyuma y’ico gitero ca Israel nk'uko vyemezwa n’Ubushikiranganji bw’Amagara y’Abantu bwa Liban.

    Mw’itangazo ryasohowe, NNA yavuze ko ibikorwa vyo gukura abantu n’ibintu munsi y’ibisigarira vy’inyubakwa zasenyutse bikibandanya, mu gihe abantu 32 bakomeretse muri ico gitero.

    Izindi nkuru wosoma :

  2. Reta ya Somalia ivuga ko 'ibabajwe cane' no kuba umuhagarikizi Omar Artan yankiwe kwinjira muri Amerika

    Umuhagarikizi Omar Artan ari mu kazi mu kibuga, akoze ikimenyetso n'ibiganza.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Reta ya Somalia yatangaje ko “ibabajwe cane” n’ingene ibintu vyagenze bigatuma umuhagarikizi mpuzamakungu wo muri Somalia Omar Artan akurwa mu bazokwitabira ihiganwa ry’Igikombe c’Isi kizobera muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique.

    Artan yari yitezwe kuba umuhagarikizi wa mbere wo muri Somalia ahagarikiye ihiganwa rikomeye mu mupira w'amaguru.

    Mw’itangazo bwasohoye ku wa kabiri, ubushikiranganji bw’urwaruka n’inikino bwa Somalia bwavuze ko utwigoro twose twa reta, harimwo n’ibiganiro vya dipolomasi, tutashoboye gutuma Artan aronka uruhusha rwo kwitaba iryo higanwa.

    Iryo tangazo rigira riti: "Dufadikanije n’Ubushikiranganji bw’Imigenderanire n’ayandi makungu n’Ugufashanya bwa Repubulika ya Somalia, twaragize ibiganiro vya dipolomasi kandi dushiraho utwigoro twinshi kugira tworohereze ukwitabira kwa Omar Artan ibikorwa vya FIFA hamwe n’ibindi bikorwa vy’inkino bitegekanijwe kubera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

    "Ikibabaje, naho twagize utwo twigoro twose, ico kibazo nticatorewe inyinshu kandi uwo muhagarikizi ntarashobora kugenda."

    Reta ya Somalia yavuze ko Omar Artan ari igihesha agateka igihugu, yongerako ko ukwitabira kwiwe ibikorwa mpuzamakungu vyari gutanga akaryo ko kwerekana ubushobozi bw’abo muri Somalia no guteza imbere ishusho nziza y’igihugu mu nkino zo ku rwego rw’isi.

    Iryo tangazo ryabandanije rivuga riti: "Ukwitabira kwiwe ibikorwa mpuzamakungu ni icubahiro n’akaryo ku Banyasomalia bose. Birafasha gukomeza izina ryiza ry’igihugu no guteza imbere inkino zo muri Somalia kugira ishike ku rwego rwo hejuru cane."

    Mu gusozera, reta ya Somalia yasubiye kwemeza ko ishigikiye Omar Artan kandi ko izobandanya kumufasha mu rugendo rwiwe rw’umwuga no mu yandi mahirwe mpuzamakungu azoza mu gihe kiri imbere.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Isesangura: Itegeko ryo kwimuka muri Tyre ni ubutumwa Netanyahu yarungikiye Trump

    Imodoka iriko iva mu gisagara ca Tyre muri Liban mu gitondo c’uno musi, itwaye imatara baboheye ku mugongo wayo

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Itegeko ryo kwimuka ryatanzwe na Israel ku gisagara ca Tyre kiri mu bumanuko bwa Liban rifise insiguro ikomeye kubera, ku ncuro ya mbere, riraraba n’agace kabamwo abakirisu bo muri ico gisagara, nk'uko vyihwezwa n'umwanditsi mukuru wa BBC ku makuru mpuzamakungu Jeremy Bowen.

    Nk'uko bigaragara kw’ikarata yasohowe n’igisirikare ca Israel, iryo gabisha rifata ico gisagara nka cose.

    Kubera iki ibi bibaye ubu? Bisa n’aho ari ubutumwa Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, n’igisirikare ca Israel, barungikiye Perezida wa Amerika Donald Trump ko naho ashobora kuba yarabujije ibindi bitero ku murwa mukuru wa Liban, Beirut, Israel igifise ubushobozi bwo kurasa bikomeye mu bumanuko bw’ico gihugu.

    Iran ibandanya ishimangira ko ibiriko biraba muri Liban bifitaniye isano n’amasezerano ayo ari yo yose yoshobora gushikwako mu karere k’ikigobe c’Abarabu.

    Netanyahu ariyamiriza ico ciyumviro, avuga ko kidashoboka.

    Yamara, ubiravye, Trump ariko aremera ko iryo sano rihari, kuko aripfuza cane ko haboneka amasezerano, umuhora wa Hormuz ugasubira kwugururwa, gutyo akabona kwitaho ibindi bibazo bihambaye.

    Biragoye kwiyumvira ko Israel yokwemera, ataco ikoze, ico ibona nk'umukenyuro mushasha w'uko ibintu bimeze ukaguma ukwo Iran n’abayishigikiye bariko baravyipfuza.

    Birashoboka ko Israel izorwanya iciyumviro cose c'uko Iran ishobora kuyikumira mu buryo bwa gisirikare.

    Ikigenda cigaragaza ni uko iyi ntambara iriko irahindura isura y’uko ibintu vyahora vyifashe mu buseruko bwo hagati, ariko bigahinduka mu buryo Israel na Amerika batari biteze igihe batanguza intambara kuri Iran kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma (2).

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Kenya: Urukiko rwashimangiye iyeguzwa rya Gachagua wahoze ari Visi Perezida

    Rigathi Gachagua yicaye mu modoka, yambaye ikositimu y’umukara, ishati y’umweru na karuvati itukura (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Iyeguzwa rya Gachagua ryakurikiye ugushwana kwe na perezida (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

    Urukiko rwo muri Kenya rwashimangiye iyeguzwa ryo mu mwaka wa 2024 ry’uwahoze ari Visi Perezida wa Kenya Rigathi Gachagua, ibi bikaba bimubuza kuba mu mwanya wo muri leta.

    Abacamanza batatu bo mu rukiko rukuru rwa Kenya bapfobeje ibivugwa na Gachagua, birimo ko iyeguzwa rye ryari rishingiye ku mpamvu za politike zo kumwibasira.

    Ariko urukiko rwasanze Sena ya Kenya yarahonyoye uburenganzira bwa Gachagua ubwo yananirwaga kuba ihagaritse imirimo yayo nyuma yuko arwaye igihe icyo gikorwa cyari kirimo kuba.

    Rwavuze ko ibi bidatesha agaciro iyeguzwa rye ariko rutegeka ko ahabwa impozamarira ya miliyoni 50 z’amashilingi (angana na miliyoni 565 uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda).

    Gachagua yahindutse umuntu unenga bikomeye Perezida William Ruto. Icyo cyemezo cy’urukiko giciye intege intego ye yo kwiyamamariza kuba perezida, kubera ko iyeguzwa rye rimubuza kuba yaba mu mwanya wo muri leta.

    Gachagua ntiyari ari mu rukiko ubwo rwasomaga icyo cyemezo kiri ku mapaji 350, ariko itsinda ry’abunganizi be ryasezeranyije kujurira.

    Ukuntu yakuwe ku butegetsi mu buryo butangaje byakurikiye gushwana kwe na Perezida Ruto. Ku bwiganze bw’amajwi, abadepite batoye bashyigikira iyeguzwa rye, bamushinja ruswa, gukurura amacakubiri ashingiye ku moko no kubangamira leta.

    Yamaganye iryo yeguzwa, avuga ko ibyo birego “nta shingiro” bifite, ko bishingiye ku mpamvu za politike kandi ko yangiwe kuburanishwa mu buryo buboneye.

    Uretse gushimangira iyeguzwa rya Gachagua, ku wa mbere urukiko rwemeje ishyirwaho rya Kithure Kindiki nk’uwamusimbuye.

    Kuva akuwe kuri uwo mwanya, Gachagua yakoze ubukangurambaga cyane bwo kwamagana leta, abona abamushyigikiye benshi cyane mu karere avukamo karimo umusozi muremure wa Kenya (Mount Kenya).

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Israel yategetse kwimuka mu gisagara ca Tyre muri Liban n’ubwo Iran yari yagabishije ko ishobora gusubira kugaba ibitero

    Umwotsi uriko uraduga hejuru uva ahatumberejwe igitero c’indege ca Israel mu gisagara co ku nkengera z’ikiyaga ca Tyre, mu bumanuko bwa Liban, ku wa mbere.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Igisirikare ca Israel (IDF) catanze itegeko ryihutirwa risaba abanyagihugu kuva mu gisagara ca Tyre, mu bumanuko bwa Liban.

    Iryo tegeko rije umusi umwe gusa inyuma y’aho Iran ivugiye ko ihagaritse kugaba ibitero kuri Israel, ariko ikagabisha ko izotanga inyishu ikomeye hamwe igisirikare ca Israel cobandanya kugaba ibitero mu bumanuko bwa Liban.

    Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, yavuze ko igihugu ciwe kibaye kirahagarika kugaba ibitero kuri Iran “muri aka kanya”, ariko yongerako ko “hamwe Iran yogira ikosa igasubira kudutera - tuzoyishura n’inguvu nyinshi.”

    Ku wa Mungu, Iran yararashe urukurikirane rw’amamisire kuri Israel, bukaba bwabaye ubwa mbere kuva bumvikanye ku gahengwe muri Ndamukiza (4).

    Israel yaciye yihora, aho yavuze ko yagavye ibitero ku bibanza vya gisirikare biri mu burengero no hagati muri Iran.

    Ku wa mbere kandi, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko Israel na Iran bikwiye guhagarika “kurasana” ubwo nyene.

    Yongeyeko ko ibiganiro vya nyuma bigamije gushika ku mahoro – hagati ya Amerika na Iran – biriko biratera imbere, ariko ko bishobora kunanizwa n’ico yise “ubujuju n’ukutamenya”.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Umukuru wa OMS asaba Uganda gusubira gusuzuma ingingo yo kwugara urubibe bihana na RD Congo kubera Ebola

    Umuyobozi wa WHO Tedros Adhanom Ghebreyesus, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, ku kigo kivurirwamwo abarwaye Ebola co ku bitaro vya Mulago, i Kampala, muri Uganda, kw’itariki ya 8 Ruheshi (6), 2026.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Umukuru wa OMS, Tedros, mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa mbere i Kampala, ku bitaro vya Mulago

    Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS/WHO) yavuze ko Uganda ikwiye gusubira gusuzuma ingingo yafashe yo kwugara umupaka ico gihugu gihana na Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), kubera ikiza ca Ebola.

    Tedros Adhanom Ghebreyesus yabishikirije ku wa mbere igihe yariko agendera ikigo kivurirwamo abarwaye Ebola kiri ku bitaro vya Mulago i Kampala, umurwa mukuru wa Uganda, nk’uko vyanditswe n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

    Mu yandi majambo yavuze, Tedros yashimiye ico gihugu ku kungene cahanganye na Ebola, akavuga ko cabikoze ningoga kandi neza.

    Ariko, abajijwe n’umumenyeshamakuru wa Reuters ku ngingo yo kwugara urubibe Uganda ihana na DRC yafashwe n’abategetsi mu mpera z’ukwezi guheze, mu ntumbero yo kugabanya irandagata ry’ico kiza, Tedros yishuye ko ukwugara imipaka yose bidakora.

    Ati: "Rero nizeye ko [abategetsi ba Uganda] bazoyisubiramwo."

    WHO yatangaje ko ubu bwoko budakunze kuboneka bwa Ebola bwitwa Bundibugyo ari ikibazo c’amagara cihutirwa gihanze isi yose.

    Abategetsi bajejwe amagara muri DRC bamenyesha ko gushika kw’itariki ya 7 Ruheshi (6) 2026, igihugu cari kimaze kwandika abantu 550 bemejwe ko banduye Ebola. Ni ukuvuga ko abayanduye biyongereyeko 35 mu masaha 24 aheze.

    Ico kiza kimaze guhitana abantu 101, mu gihe abantu 309 bakiri mu bitaro canke mu bibanza bataramuriwemwo.

    Ebola imaze gukwiragira mu turere tw’ubuvuzi 25 two mu ntara zitatu za DRC: Ituri (uturere 17), Kivu ya Ruguru (uturere 7) na Kivu y’Epfo (akarere 1).

    Urugero rw’abahitanwa n’iyo ndwara ruri kuri 18,4%, mu gihe igikorwa co gukurikirana abahuye n’abanduye kigeze ku 64,4%.

    Uganda imaze kutangaza abantu 19 bemejwe ko banduye Ebola, benshi muri bo bakaba ari abinjiye muri ico gihugu baturutse muri Congo nyene.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Ubucuti n'Ubushinwa buguma ari co kintu kiza imbere ya vyose – Kim

    Perezida Xi Jinping w'Ubushinwa ahanye ukuboko na Kim Jong-un wa Korea ya Ruguru

    Ahavuye isanamu, Xinhua

    Insiguro y'isanamu, Kim yatangaje ko ashigikiye politike y'Ubushinwa izwi nka "One China"

    Mu biganiro bagiranye ku wa mbere, umukuru wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya gufata ubucuti gifitaniye n’Ubushinwa nk’ikintu gikomeye kurusha ibindi, nk’uko vyatangajwe mu ncamake y’ivyo baganiriye yashizwe ahabona n’ikinyamakuru ca reta KCNA mu masaha make aheze.

    Kim yavuze kandi ko kuba Perezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, yahisemwo Pyongyang nk’aho agirira urugendo rwiwe rwa mbere rw’akazi muri uyu mwaka, vyerekana ingene imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi yahawe agaciro kanini cane.

    Yavuze ko urwo rugendo rwibutsa inguvu z’ubu bucuti, n’igihe haba hari “ihungabana rikomeye mu migenderanire y’ibihugu” ku rwego rw’isi.

    Kim yemeje kandi ko ashigikiye politike ya Beijing yitwa “One China” – politike ivuga ko Ubushimwa ari bumwe gusa kw’isi, kandi ko Taiwan ari intara yabwo, ko atari igihugu cigenga – n’ingingo hamwe n’imigambi y’umugambwe w’Abakomunista uri ku butegetsi mu Bushinwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Umuhagarikizi w'umupira w'amaguru w'umunya Somalia, Artan, yankiwe kwinjira muri Amerika

    Omar Artan ahagarariye urukino

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Omar Artan ni umuhagarikizi wa FIFA kuva mu 2018

    Omar Artan, yari agiye kuba Umunya Somaliya wa mbere ahagarikira inkino z'igice ca nyuma z'igikombe c'isi, yakuwe ku rutonde rw'abahagarikizi inyuma y'aho yankiwe kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Artan, yatowe n'ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Afrika (CAF) nk'umuhagarikizi mwiza w'umwaka wa 2025, yankiwe kwinjira muri Amerika ageze ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Miami, muri uwu mwanya akaba ari muri Turukiya.

    Inkuru iramvuye soma ngaha

  9. Burkina Faso yaciye amarushanwa ya 'Miss'

    Abagore babiri bambaye imyenda y'amakanzu idoze mu bitenge barimo gutambuka imbere ahantu higiye hejuru, barimo kumwenyura. Inyuma haraboneka undi mugore wambaye umwenda wo mu gitenge, atambuka agana mu kindi cyerekezo.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Abanyamideli biyereka mu iserukiramuco rya FESPACO i Ouagadougou mu murwa mukuru wa Burkina Faso, mu mwaka wa 2021 (ifoto mbarankuru)

    Abategetsi bo muri Burkina Faso batangaje ko babaye bahagaritse amarushanwa yose y’ubwiza kugeza igihe hazashyirirwaho andi mabwiriza, kuri ubu arimo gutegurwa kugira ngo atangire gukurikizwa.

    Irushanwa nyamukuru rya ‘Miss Burkina’, hamwe n’irushanwa rya ‘Miss’ wa Kaminuza muri Burkina Faso, ni amwe mu marushanwa akomeye arebwa n’iki cyemezo.

    Umunyamakuru wo muri Burkina Faso yabwiye BBC ko ayo marushanwa yagize uruhare rukomeye mu by’umuco ndetse akagarukwaho mu bitangazamakuru byo muri icyo gihugu cyo muri Afurika y’uburengerazuba.

    Mu itangazo yasohoye ku wa mbere, minisiteri y’umuco muri Burkina Faso yavuze ko intego zayo ari ukugenzura neza itegurwa ry’ayo marushanwa, akunze kunengwa ko nta bugenzuzi agira.

    Abategetsi banavuze ko bicyenewe ko habungwabungwa indangagaciro z’umuco w’igihugu. Ku rwego mpuzamahanga, Burkina Faso ntiratsindira irushanwa rikomeye ry’ubwiza nka ‘Miss World’ cyangwa ‘Miss Universe’.

    Hagati aho, ibindi bihugu byo muri ako karere bisanzwe byarafashe ibyemezo bimeze nk’iki cya Burkina Faso ku bijyanye n’amarushanwa y’ubwiza.

    Urugero, muri Bénin irushanwa rya ‘Miss’ rimaze imyaka myinshi rihagaritswe, ahanini hashingiwe ku bibazo bijyanye n’imitegurire yaryo n’impinduka mu bategura iryo rushanwa.

    Mu karere k’ibiyaga bigari, mu mwaka wa 2022 irushanwa rya ‘Miss Rwanda’ ryahagaritswe kugeza igihe kitazwi, nyuma y’ibirego by’ihohotera rishingiye ku gitsina byarivuzwemo. Kuva icyo gihe ntirongera kuba.

    ‎Icyemezo cya Burkina Faso kiri mu rwego rw’uruhererekane rw’ingamba zafashwe kuva Kapiteni Ibrahim Traoré afashe ubutegetsi muri Nzeri (9) mu 2022, nyuma yo guhirika ubwari buriho icyo gihe.

    Abategetsi ba gisirikare ba Burkina Faso bakajije igenzura ry’ibikorwa bimwe na bimwe bihuza imbaga, bahagarika amashyaka ya politike, ndetse basesa amashyirahamwe y’urubyiruko agera kuri 900.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Iran na Israel bavuga ko bahagaritse kurasana, ariko bagabisha ko bashobora kwisubirako hamwe agahengwe kohonyangwa

    Umwotsi uriko uraduka hejuru y’akarere ka West Bank kigaruriwe na Israel

    Ahavuye isanamu, SOPA Images/LightRocket via Getty Images

    Iran na Israel batangaje ko bahagaritse kurasana, inyuma y’aho ivyo bihugu vyompi birasanye ku ncuro ya mbere kuva habonetse agahengwe muri Ndamukiza (4) uyu mwaka.

    Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko igihugu ciwe “kibaye kirahagarika ibitero muri aka kanya”. Ariko yashimangiye ko urugamba rwo kurwanya Iran na Hezbollah “rutararangira”.

    Ivyo yabitangaje haciye amasaha make ingabo za Iran zitangaje ko zahagaritse ibitero kuri Israel inyuma yo kuyiha “inyishu ibabaza”.

    Zavuze kandi ko zizofata “ingingo zikomeye kurushiriza kandi zitikiza” hamwe Israel yosubira kugaba ibitero, harimwo no kuri Liban, aho ingabo za Israel ziriko zirarwana n’umuhari Hezbollah ushigikiwe na Iran.

    Ku wa mungu, Tehran yagavye ibitero vya misire kuri Israel mu kwihora ku gitero cari cakozwe i Beirut, umurwa mukuru wa Liban.

    Mu gitondo co ku wa mbere, Israel na yo yaciye igaba ibitero vyo kwihora kuri Iran, aho ivuga ko yabitumbereje ku bibanza vya gisirikare.

    Mu kiganiro yagiranye na BBC kuri terefone, Perezida wa Amerika Donald Trump yarahakanye ibivugwa ko Netanyahu yanse gukurikiza ivyo yamutegetse mu kugaba ivyo bitero.

    Trump avuga ko bari basanzwe bamaze kurekura ibisasu imbere y’uko abatera akamo ko guhagarika.

    Ibiro vy’Umukuru w’igihugu wa Amerika (White House) vyemeje ko Trump yahamagaye Netanyahu kugira baganire kuri iyo ngorane. Umutegetsi wo muri Israel yavuze ko igihugu ciwe cahagaritse ibitero kibisabwe na Trump.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho