Iran na Israel bavuga ko bahagaritse kurasana, ariko bagabisha ko bashobora kwisubirako hamwe agahengwe kohonyangwa
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo
Abaturage barimo guhunga umujyi nyuma y'ibitero bya Israel
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abaturage b'umujyi wa Tyre muri Liban barimo guhunga ibitero birimo kugabwa n'igisirikare cya Israel kuri uyu mujyi uri mu majyepfo ya Liban.
Ikigo cy'ubutabazi kivuga ko ahantu ho gucumbikira abahunze amazu yabo huzuye abantu.
Ingabo za Israel zari zaraburiye abatuye uyu mujyi kuwuvamo bakajya mu majyaruguru y'uruzi rwa Zahrani.
Ikinyamakuru NNA cyavuze ko hari abasivile bishwe mu bitero bya Israel mu majyepfo ya Liban.
Muri iki gitondo kandi habayeho ibitero by'indege mu mijyi yegeranye ya Nabatieh na Kfar Sir, mu gihe Jibchit yakubiswe n'ibisasu, nk'uko NNA ibivuga.
Ku wa mbere, Minisiteri y'ubuzima ya Liban yavuze ko ibitero bya Israel mu majyepfo ya Liban byahitanye abantu bagera kuri 14, barimo barindwi mu karere ka Nabatieh na batanu muri Tyre.
Israel yagavye ibitero vy’indege i Tyre muri Liban inyuma y’aho Iran isabiye ko ibitero bihagarara
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Hari
amashusho yerekanye igitero c’indege ku gisagara ca Tyre, mu bumanuko bwa Liban,
mu gihe ibinyamakuru vya Liban na vyo bivuga ko Israel yagavye igitero kuri
ico gisagara muri iki gitondo.
Ivyo bibaye
inyuma y'amasaha make igisirikare ca Israel kibwiye abanyagihugu kuva vyihuta
mu mazu yabo mu gisagara ca Tyre no mu micungararo yaco, bagaca baja mu
buraruko bw'uruzi Zahrani.
Itororokanirizo
ry'amakuru rya leta (NNA) rivuga ko indege z'intambara za Israel zagavye
"igitero gikomeye c'indege" mu gisagara ca Tyre.
Kugeza ubu, Igisirikare
ca Israel ntikiratangaza ko cagavye ibitero muri ako karere.
Nk'uko NNA
ibitangaza, abantu umunani (8) bamaze gupfa inyuma y’ico gitero ca Israel nk'uko vyemezwa n’Ubushikiranganji
bw’Amagara y’Abantu bwa Liban.
Mw’itangazo
ryasohowe, NNA yavuze ko ibikorwa vyo gukura abantu n’ibintu munsi
y’ibisigarira vy’inyubakwa zasenyutse bikibandanya, mu gihe abantu 32
bakomeretse muri ico gitero.
Reta ya Somalia ivuga ko 'ibabajwe cane' no kuba umuhagarikizi Omar Artan yankiwe kwinjira muri Amerika
Ahavuye isanamu, Reuters
Reta ya Somalia yatangaje ko “ibabajwe cane” n’ingene ibintu
vyagenze bigatuma umuhagarikizi mpuzamakungu wo muri Somalia Omar Artan akurwa mu
bazokwitabira ihiganwa ry’Igikombe c’Isi kizobera muri Reta Zunze Ubumwe za
Amerika, Canada na Mexique.
Artan yari yitezwe kuba umuhagarikizi wa mbere wo muri Somalia ahagarikiye ihiganwa rikomeye mu mupira w'amaguru.
Mw’itangazo bwasohoye ku wa kabiri, ubushikiranganji
bw’urwaruka n’inikino bwa Somalia bwavuze ko utwigoro twose twa reta, harimwo
n’ibiganiro vya dipolomasi, tutashoboye gutuma Artan aronka uruhusha rwo
kwitaba iryo higanwa.
Iryo tangazo rigira riti: "Dufadikanije n’Ubushikiranganji bw’Imigenderanire
n’ayandi makungu n’Ugufashanya bwa Repubulika ya Somalia, twaragize ibiganiro
vya dipolomasi kandi dushiraho utwigoro twinshi kugira tworohereze ukwitabira
kwa Omar Artan ibikorwa vya FIFA hamwe n’ibindi bikorwa vy’inkino bitegekanijwe
kubera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Reta ya Somalia yavuze ko Omar Artan ari igihesha agateka igihugu,
yongerako ko ukwitabira kwiwe ibikorwa mpuzamakungu vyari gutanga akaryo ko
kwerekana ubushobozi bw’abo muri Somalia no guteza imbere ishusho nziza
y’igihugu mu nkino zo ku rwego rw’isi.
Iryo tangazo
ryabandanije rivuga riti: "Ukwitabira
kwiwe ibikorwa mpuzamakungu ni icubahiro n’akaryo ku Banyasomalia bose.
Birafasha gukomeza izina ryiza ry’igihugu no guteza imbere inkino zo muri Somalia kugira ishike ku rwego rwo hejuru cane."
Mu gusozera, reta
ya Somalia yasubiye kwemeza ko ishigikiye Omar Artan kandi ko izobandanya
kumufasha mu rugendo rwiwe rw’umwuga no mu yandi mahirwe mpuzamakungu azoza mu
gihe kiri imbere.
Isesangura: Itegeko ryo kwimuka muri Tyre ni ubutumwa Netanyahu yarungikiye Trump
Ahavuye isanamu, Getty Images
Itegeko ryo kwimuka ryatanzwe na Israel ku gisagara ca Tyre kiri mu
bumanuko bwa Liban rifise insiguro ikomeye kubera, ku ncuro ya mbere, riraraba n’agace
kabamwo abakirisu bo muri ico gisagara, nk'uko vyihwezwa n'umwanditsi mukuru wa BBC ku makuru mpuzamakungu Jeremy Bowen.
Kubera iki ibi bibaye ubu? Bisa n’aho ari ubutumwa Umushikiranganji wa mbere
wa Israel, Benjamin Netanyahu, n’igisirikare ca Israel, barungikiye Perezida wa Amerika Donald
Trump ko naho ashobora kuba yarabujije ibindi bitero ku murwa mukuru wa Liban,
Beirut, Israel igifise ubushobozi bwo kurasa bikomeye mu bumanuko bw’ico gihugu.
Iran ibandanya ishimangira ko ibiriko biraba muri Liban bifitaniye isano
n’amasezerano ayo ari yo yose yoshobora gushikwako mu karere k’ikigobe
c’Abarabu.
Netanyahu ariyamiriza ico ciyumviro, avuga ko kidashoboka.
Yamara, ubiravye, Trump ariko aremera ko iryo sano rihari,
kuko aripfuza cane ko haboneka amasezerano, umuhora wa Hormuz ugasubira
kwugururwa, gutyo akabona kwitaho ibindi bibazo bihambaye.
Biragoye kwiyumvira ko Israel yokwemera, ataco ikoze, ico ibona nk'umukenyuro mushasha w'uko ibintu bimeze ukaguma
ukwo Iran n’abayishigikiye bariko baravyipfuza.
Birashoboka ko Israel izorwanya iciyumviro cose c'uko Iran ishobora kuyikumira mu buryo bwa gisirikare.
Ikigenda cigaragaza ni uko iyi ntambara iriko irahindura isura y’uko
ibintu vyahora vyifashe mu buseruko bwo hagati, ariko bigahinduka
mu buryo Israel na Amerika batari biteze igihe batanguza intambara kuri Iran kw’igenekerezo
rya 28 Ruhuhuma (2).
Kenya: Urukiko rwashimangiye iyeguzwa rya Gachagua wahoze ari Visi Perezida
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Iyeguzwa rya Gachagua ryakurikiye ugushwana kwe na perezida (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)
Urukiko rwo muri Kenya
rwashimangiye iyeguzwa ryo mu mwaka wa 2024 ry’uwahoze ari Visi Perezida wa
Kenya Rigathi Gachagua, ibi bikaba bimubuza kuba mu mwanya wo muri
leta.
Abacamanza batatu bo
mu rukiko rukuru rwa Kenya bapfobeje ibivugwa na Gachagua, birimo ko iyeguzwa
rye ryari rishingiye ku mpamvu za politike zo kumwibasira.
Ariko urukiko rwasanze
Sena ya Kenya yarahonyoye uburenganzira bwa Gachagua ubwo yananirwaga kuba
ihagaritse imirimo yayo nyuma yuko arwaye igihe icyo gikorwa cyari kirimo kuba.
Rwavuze ko ibi bidatesha
agaciro iyeguzwa rye ariko rutegeka ko ahabwa impozamarira ya miliyoni 50 z’amashilingi
(angana na miliyoni 565 uyavunje mu mafaranga y’u
Rwanda).
Gachagua yahindutse
umuntu unenga bikomeye Perezida William Ruto. Icyo cyemezo cy’urukiko giciye intege intego ye yo kwiyamamariza kuba perezida, kubera ko iyeguzwa rye rimubuza kuba yaba mu mwanya wo muri leta.
Gachagua ntiyari ari
mu rukiko ubwo rwasomaga icyo cyemezo kiri ku mapaji 350, ariko itsinda ry’abunganizi
be ryasezeranyije kujurira.
Ukuntu yakuwe ku butegetsi
mu buryo butangaje byakurikiye gushwana kwe na Perezida Ruto. Ku bwiganze bw’amajwi,
abadepite batoye bashyigikira iyeguzwa rye, bamushinja ruswa, gukurura
amacakubiri ashingiye ku moko no kubangamira leta.
Yamaganye iryo yeguzwa,
avuga ko ibyo birego “nta shingiro” bifite, ko bishingiye ku mpamvu za politike
kandi ko yangiwe kuburanishwa mu buryo buboneye.
Uretse gushimangira
iyeguzwa rya Gachagua, ku wa mbere urukiko rwemeje ishyirwaho rya Kithure
Kindiki nk’uwamusimbuye.
Kuva akuwe kuri uwo mwanya, Gachagua yakoze ubukangurambaga cyane bwo
kwamagana leta, abona abamushyigikiye benshi cyane mu karere avukamo karimo umusozi
muremure wa Kenya (Mount Kenya).
Israel yategetse kwimuka mu gisagara ca Tyre muri Liban n’ubwo Iran yari yagabishije ko ishobora gusubira kugaba ibitero
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Igisirikare ca Israel (IDF) catanze itegeko ryihutirwa risaba
abanyagihugu kuva mu gisagara ca Tyre, mu bumanuko bwa Liban.
Iryo tegeko rije umusi umwe gusa inyuma y’aho Iran ivugiye ko ihagaritse
kugaba ibitero kuri Israel, ariko ikagabisha ko izotanga inyishu ikomeye hamwe igisirikare
ca Israel cobandanya kugaba ibitero mu bumanuko bwa Liban.
Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu,
yavuze ko igihugu ciwe kibaye kirahagarika kugaba ibitero kuri Iran “muri aka kanya”, ariko yongerako ko “hamwe
Iran yogira ikosa igasubira kudutera - tuzoyishura n’inguvu nyinshi.”
Ku wa Mungu, Iran yararashe urukurikirane rw’amamisire kuri Israel, bukaba
bwabaye ubwa mbere kuva bumvikanye ku gahengwe muri Ndamukiza (4).
Israel yaciye yihora, aho yavuze ko yagavye ibitero ku bibanza vya
gisirikare biri mu burengero no hagati muri Iran.
Ku wa mbere kandi, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko Israel na
Iran bikwiye guhagarika “kurasana” ubwo nyene.
Yongeyeko ko ibiganiro vya nyuma bigamije gushika ku mahoro – hagati ya
Amerika na Iran – biriko biratera imbere, ariko ko bishobora kunanizwa n’ico
yise “ubujuju n’ukutamenya”.
Umukuru wa OMS asaba Uganda gusubira gusuzuma ingingo yo kwugara urubibe bihana na RD Congo kubera Ebola
Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umukuru wa OMS, Tedros, mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa mbere i Kampala, ku bitaro vya Mulago
Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS/WHO) yavuze ko Uganda ikwiye gusubira gusuzuma ingingo yafashe yo kwugara
umupaka ico gihugu gihana na Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), kubera
ikiza ca Ebola.
Tedros Adhanom Ghebreyesus yabishikirije ku wa mbere igihe yariko agendera ikigo
kivurirwamo abarwaye Ebola kiri ku bitaro vya Mulago i Kampala, umurwa
mukuru wa Uganda, nk’uko vyanditswe n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Mu yandi majambo yavuze, Tedros yashimiye ico gihugu ku kungene cahanganye na Ebola, akavuga ko cabikoze ningoga kandi neza.
Ariko, abajijwe n’umumenyeshamakuru wa Reuters ku ngingo yo kwugara
urubibe Uganda ihana na DRC yafashwe n’abategetsi mu mpera z’ukwezi guheze, mu
ntumbero yo kugabanya irandagata ry’ico kiza, Tedros yishuye ko ukwugara imipaka
yose bidakora.
Ati: "Rero nizeye ko [abategetsi ba Uganda] bazoyisubiramwo."
WHO yatangaje ko ubu bwoko budakunze kuboneka bwa Ebola bwitwa
Bundibugyo ari ikibazo c’amagara cihutirwa gihanze isi yose.
Abategetsi bajejwe amagara muri DRC bamenyesha
ko gushika kw’itariki ya 7 Ruheshi (6) 2026, igihugu cari kimaze kwandika
abantu 550 bemejwe ko banduye Ebola. Ni ukuvuga ko abayanduye biyongereyeko 35
mu masaha 24 aheze.
Ico kiza kimaze guhitana abantu 101, mu gihe abantu 309 bakiri mu bitaro canke
mu bibanza bataramuriwemwo.
Ebola imaze gukwiragira mu turere tw’ubuvuzi 25 two mu ntara zitatu za
DRC: Ituri (uturere 17), Kivu ya Ruguru (uturere 7) na Kivu y’Epfo (akarere 1).
Urugero rw’abahitanwa n’iyo ndwara ruri kuri 18,4%, mu gihe igikorwa co
gukurikirana abahuye n’abanduye kigeze ku 64,4%.
Uganda imaze kutangaza abantu 19 bemejwe ko banduye Ebola, benshi muri
bo bakaba ari abinjiye muri ico gihugu baturutse muri Congo nyene.
Ubucuti n'Ubushinwa buguma ari co kintu kiza imbere ya vyose – Kim
Ahavuye isanamu, Xinhua
Insiguro y'isanamu, Kim yatangaje ko ashigikiye politike y'Ubushinwa izwi nka "One China"
Mu biganiro bagiranye ku wa mbere, umukuru wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya gufata ubucuti gifitaniye n’Ubushinwa nk’ikintu gikomeye kurusha ibindi, nk’uko vyatangajwe mu ncamake
y’ivyo baganiriye yashizwe ahabona n’ikinyamakuru ca reta KCNA mu masaha make aheze.
Kim yavuze kandi ko kuba Perezida w'Ubushinwa, Xi Jinping, yahisemwo Pyongyang nk’aho agirira urugendo
rwiwe rwa mbere rw’akazi muri uyu mwaka, vyerekana ingene imigenderanire hagati
y’ibihugu vyompi yahawe agaciro kanini cane.
Yavuze ko urwo rugendo rwibutsa inguvu z’ubu bucuti, n’igihe haba hari “ihungabana
rikomeye mu migenderanire y’ibihugu” ku rwego rw’isi.
Kim yemeje kandi ko ashigikiye politike ya Beijing yitwa “One China” – politike
ivuga ko Ubushimwa ari bumwe gusa kw’isi, kandi ko Taiwan ari intara yabwo, ko atari
igihugu cigenga – n’ingingo hamwe n’imigambi y’umugambwe w’Abakomunista uri ku
butegetsi mu Bushinwa.
Umuhagarikizi w'umupira w'amaguru w'umunya Somalia, Artan, yankiwe kwinjira muri Amerika
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Omar Artan ni umuhagarikizi wa FIFA kuva mu 2018
Omar Artan, yari agiye kuba Umunya Somaliya wa mbere ahagarikira inkino z'igice ca nyuma z'igikombe c'isi, yakuwe ku rutonde rw'abahagarikizi inyuma y'aho yankiwe kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Artan, yatowe n'ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Afrika (CAF) nk'umuhagarikizi mwiza w'umwaka wa 2025, yankiwe kwinjira muri Amerika ageze ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Miami, muri uwu mwanya akaba ari muri Turukiya.
Insiguro y'isanamu, Abanyamideli biyereka mu iserukiramuco rya FESPACO i Ouagadougou mu murwa mukuru wa Burkina Faso, mu mwaka wa 2021 (ifoto mbarankuru)
Abategetsi bo muri Burkina Faso batangaje
ko babaye bahagaritse amarushanwa yose y’ubwiza kugeza igihe hazashyirirwaho andi
mabwiriza, kuri ubu arimo gutegurwa kugira ngo atangire gukurikizwa.
Irushanwa nyamukuru rya ‘Miss Burkina’,
hamwe n’irushanwa rya ‘Miss’ wa Kaminuza muri Burkina Faso, ni amwe mu
marushanwa akomeye arebwa n’iki cyemezo.
Umunyamakuru wo muri Burkina Faso yabwiye
BBC ko ayo marushanwa yagize uruhare rukomeye mu by’umuco ndetse akagarukwaho mu
bitangazamakuru byo muri icyo gihugu cyo muri Afurika y’uburengerazuba.
Mu itangazo yasohoye ku wa mbere,
minisiteri y’umuco muri Burkina Faso yavuze ko intego zayo ari ukugenzura neza
itegurwa ry’ayo marushanwa, akunze kunengwa ko nta bugenzuzi agira.
Abategetsi banavuze ko bicyenewe ko
habungwabungwa indangagaciro z’umuco w’igihugu. Ku rwego mpuzamahanga, Burkina
Faso ntiratsindira irushanwa rikomeye ry’ubwiza nka ‘Miss World’
cyangwa ‘Miss Universe’.
Hagati aho,
ibindi bihugu byo muri ako karere bisanzwe byarafashe ibyemezo bimeze nk’iki cya Burkina Faso ku bijyanye n’amarushanwa
y’ubwiza.
Mu karere k’ibiyaga
bigari, mu mwaka wa 2022 irushanwa rya ‘Miss Rwanda’ ryahagaritswe kugeza igihe
kitazwi, nyuma y’ibirego by’ihohotera
rishingiye ku gitsina byarivuzwemo. Kuva icyo gihe ntirongera kuba.
Icyemezo cya Burkina Faso kiri mu rwego rw’uruhererekane rw’ingamba zafashwe
kuva Kapiteni Ibrahim Traoré afashe ubutegetsi muri Nzeri (9) mu 2022, nyuma yo
guhirika ubwari buriho icyo gihe.
Abategetsi ba gisirikare ba Burkina Faso bakajije
igenzura ry’ibikorwa bimwe na bimwe bihuza imbaga, bahagarika amashyaka ya
politike, ndetse basesa amashyirahamwe y’urubyiruko agera kuri 900.
Iran na Israel bavuga ko bahagaritse kurasana, ariko bagabisha ko bashobora kwisubirako hamwe agahengwe kohonyangwa
Ahavuye isanamu, SOPA Images/LightRocket via Getty Images
Iran
na Israel batangaje ko bahagaritse kurasana, inyuma y’aho ivyo bihugu vyompi
birasanye ku ncuro ya mbere kuva habonetse agahengwe muri Ndamukiza (4) uyu
mwaka.
Ku
wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko
igihugu ciwe “kibaye kirahagarika ibitero muri aka kanya”. Ariko yashimangiye
ko urugamba rwo kurwanya Iran na Hezbollah “rutararangira”.
Ivyo
yabitangaje haciye amasaha make ingabo za Iran zitangaje ko zahagaritse ibitero
kuri Israel inyuma yo kuyiha “inyishu ibabaza”.
Zavuze
kandi ko zizofata “ingingo zikomeye kurushiriza kandi zitikiza” hamwe Israel
yosubira kugaba ibitero, harimwo no kuri Liban, aho ingabo za Israel ziriko
zirarwana n’umuhari Hezbollah ushigikiwe na Iran.
Ku
wa mungu, Tehran yagavye ibitero vya misire kuri Israel mu kwihora ku gitero
cari cakozwe i Beirut, umurwa mukuru wa Liban.
Mu
gitondo co ku wa mbere, Israel na yo yaciye igaba ibitero vyo kwihora kuri
Iran, aho ivuga ko yabitumbereje ku bibanza vya gisirikare.
Mu
kiganiro yagiranye na BBC kuri terefone, Perezida wa Amerika Donald Trump
yarahakanye ibivugwa ko Netanyahu yanse gukurikiza ivyo yamutegetse mu kugaba
ivyo bitero.
Trump
avuga ko bari basanzwe bamaze kurekura ibisasu imbere y’uko abatera akamo ko
guhagarika.
Ibiro
vy’Umukuru w’igihugu wa Amerika (White House) vyemeje ko Trump yahamagaye
Netanyahu kugira baganire kuri iyo ngorane. Umutegetsi wo muri Israel yavuze ko
igihugu ciwe cahagaritse ibitero kibisabwe na Trump.