Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya yahumurije Abarundi babayo ibizeza ko izobakingira
Korir Sing'Oei, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire n'ayandi makungu, ku wa mbere yagiye kubahumuriza kuri ambasade y'Uburundi i Nairobi.
Incamake
- Abarundi 600 bapfungiwe ku mupaka wa Kenya na Tanzania.
- Tanzania: «Amahoro ntazanwa n'ibirwanisho» – Joseph Warioba
- Umutegetsi ahembwa menshi kurusha abandi kw'isi agiye kwongerwa umushahara
- Ubwongereza bwabujije kwinjiza ibidandazwa biva mu bice Israel yigaruriye muri Palestina
- Arabie Saoudite : Ibitero vy'aba Houthi vyahagaritse ibikorwa ku bigo bimwebimwe vy'amasoko ntanganguvu
- Kenya yahaye abanyamahanga imisi 90 yo gutunganya ivyangombwa vyabo
- Ibihangano bine by'agaciro ka za miliyoni byibwe mu nzu ndangamurage ya Renoir mu Bufaransa
- Canada yiteguye intambara ndende y'ubucuruzi mu gihe imisoro yayo yo kwihorera kuri Amerika yatangiye
- Koreya ya Ruguru n'Uburusiya byafunguye iteme rya mbere ry'umuhanda rihuza ibihugu byombi
- Kenya yahumurije Abarundi babayo ibizeza ko izobakingira
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana na Didier Bikorimana
Abarundi 600 bapfungiwe ku mupaka wa Kenya na Tanzania
Abarundi bashika 600, bariko basubira iwabo bavuye muri Kenya, bagumijwe ku mupaka wa Isebania, uhuza Kenya na Tanzania, kubera badafise impapuro z’inzira, nk’uko uwurongoye ishirahamwe ry’Abarundi baba muri Kenya yabwiye BBC Gahuzamiryango.
Alexis Ntinanirwa yavuze ko abo Barundi bari mu ma modoka atandukanye, ariko abajejwe abinjira n’abasohoka bakababuza kujabukira i Sirari, ku ruhande rwa Tanzania.
Abandanya avuga ko Ubuserukizi bw’Uburundi muri Kenya bwabimenye ubu buriko buravugana na reta ya Kenya n’iya Tanzania kugira barabe ko bobareka bakabandanya urugendo batarinze gusubira i Nairobi kurondera ivyangombwa
Avuga ko abo Barundi ubu bari mukibuga c'umupira w'amaguru kiri ngaho ku mupaka, barindiriye ingingo iza gufatwa.
Ntinanirwa yavuze kandi ko ishirahamwe arongoye, ririkumwe n’ubuserukizi bw’igihugu c’uburundi muri kenya bariko baravuga n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM, Croix-Rouge hamwe n’ishirahamwe rya ONU ryitaho impunzi, HCR, kugira abo bantu baronke imfashanyo yihutirwa, harimwo ibifungurwa n’utuzu twa surwumwe.
Yongeyeko ko kuronka imodoka zitwara abarundi bashaka kuja mu Burundi ari iyindi ngorane bariko baragerageza gutorera umuti.
Ivyo bibaye mu gihe Abarundi amajana bamaze iminsi bakoranira ku buserukizi bw’Uburundi i Nairobi, barondera ivyangombwa bibafasha gutaha kubera ubwoba batewe n’amajambo ya Perezida William Ruto ku banyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto.
Reta ya Kenya yahaye abanyamahanga iminsi 90 kugira batunganye ivyangombwa bibemerera kuba, gukora no kudandaza muri ico gihugu. Yavuze kandi ko ata muntu canke umugwi wemerewe gutera ubwoba, guhohotera canke kubuza abanyamahanga gukora ibikorwa vyabo.
Ariko bamwe mu Barundi babwiye BBC ko bagishaka gutaha kuko batizeye ko bazokingirwa.
Naho Uburundi, Kenya na Tanzania biri mu Muryango wa Afrika y’Ubuseruko, abambuka imipaka barasabwa kwerekana pasiporo canke urundi rupapuro rw’inzira rwemewe.
Tanzania: «Amahoro ntazanwa n’ibirwanisho» – Joseph Warioba
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Tanzania, Joseph Warioba, yaneguye uburyo igihugu kiriko kiratwarwa, avuga ko gukoresha ibirwanisho bidashobora kuzana amahoro nyakuri.
Nk’uko RFI ibivuga, Warioba yabivugiye mu nama ngarukamwaka y’ikigo Centre pour la démocratie en Tanzanie, yabaye ku wa mbere igenekerezo rya 7 Nyakanga(9) 2026.
Warioba yavuze ati: «Amahoro ntazanwa n’ibirwanisho. Ntimushobora gukingira amahoro mukoresheje ibirwanisho. Bishobora kuzana ugutekana, ariko ntibizana amahoro. Dutegerezwa gusubira ku ntango.»
Yariko yerekeza ku kuntu abajejwe umutekano bifashe mu myiyerekano yakurikiye amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kwa Gitugutu(10) mu 2025.
Ibiharuro vya reta bivuga ko abantu barenga 500 bahasize ubuzima, mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abapfuye bari ibihumbi.
Ayo majambo aje mu gihe abanegura ubutegetsi bwa Perezida Samia Suluhu Hassan baguma biyongera, abatavuga rumwe na reta na bo bakavuga ko batinya gufatwa canke kunyuruzwa.
Ibi bibaye kandi inyuma y’aho Emmanuel Nchimbi, yari icegera c’umukuru w’igihugu, atangiye imihoho, hanyuma akirukanwa mu mugambwe uri ku butegetsi, CCM.
Umutegetsi ahembwa menshi kurusha abandi kw’isi agiye kwongerwa umushahara
Reta ya Singapore yavuze ko igiye kwongera imishahara ya buri mwaka y’abashikiranganji n’abandi bategetsi bakuru, harimwo n’Umushikiranganji wa mbere, asanzwe ari we mutegetsi ari muri politike ahembwa menshi kurusha abandi kw’isi.
Lawrence Wong azokwongererezwa imiliyoni 1,4 y’amadolari ya Singapore, ni ukuvuga imiliyoni 1,1 y’amadolari ya Amerika, ku mushahara ahabwa ku mwaka. Yavuze ko ayo mahera azokwongererezwa azoyatanga mu bikorwa vyo gufasha abatishoboye mu myaka itanu iri imbere.
Wong yavuze ko kwongera imishahara y’abashikiranganji bikenewe kugira Reta ishobore gukwega abantu bashoboye kandi bafise ubumenyi buhanitse. Reta ya Singapore yari isanzwe ivuga ko guhemba neza abashikiranganji bifasha no kurwanya igiturire.
Ariko iyo ngingo yaraneguwe na bamwe muri Singapore, mu gihe hari impungenge ku bijanye n’akazi hamwe n’ibiciro vy’ubuzima bibandanya kuduga.
N’imbere y’uko uwo mushahara mushasha utangura gutangwa, Wong yari asanzwe ari we mutegetsi ahembwa menshi kurusha abandi kw’isi.
Ubu ahembwa imiliyoni 2,2 z’amadolari ya Singapore ku mwaka. Umushahara wiwe uzokwiyongera ibice birenga 60 kw’ijana, ushike ku miliyoni 3,6 z’amadolari ya Singapore, ni ukuvuga nk’imiliyoni 2,8 z’amadolari ya Amerika.
Uwumukurikira ni umukuru wa Hong Kong, John Lee, ahembwa nk’amadolari y’Amerika 719.000 ku mwaka. Akurikirwa na Perezida w’Ubuswise, Guy Parmelin, ahembwa amadolari 606.000.
Perezida wa Amerika Donald Trump ahembwa amadolari 400.000 ku mwaka, mu gihe Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Andy Burnham ahembwa amadolari 230.000.
Ubwongereza bwabujije kwinjiza ibidandazwa biva mu bice Israel yigaruriye muri palestina
Ubwongereza bwatangaje ko bugiye kubuza kwinjiza mu gihugu ibidandazwa biva mu bigwati Abanya israel bigaruriye muri palestina, bwongere bufatire ibihano abagirizwa kwagura ivyo bigwati.
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubwongereza, Ed Miliband, yabwiye abashingamateka ko ivyo bihano bigenewe ivyo bigwati vyubatswe mu buryo bunyuranye n’amategeko, atari ibihano bifatiwe igihugu ca Israel.
Yavuze ko reta y’Ubwongereza ibona ko kuba Israel yarigaruriye ibice vya Palestina binyuranye n’amategeko.
Ubwongereza bwavuze kandi ko bugiye kubuza kwamamaza muri ico gihugu ivyo bigwati, no gufatira ibihano abandi bantu bagirizwa gushigikira canke gutera intege amabi akorerwa Abanyapalestina.
Ubufaransa na Canada na vyo bitegekanya gufata ingingo zo kubuza ibicuruzwa biva muri ivyo bigwati.
Mu rwandiko bahuriyeko, abashikiranganji b’imigenderanire bo mu bihugu 12, harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Canada, Espagne, Irlande na Norvège, basavye Isirayeli guhagarika atakirinzegusabwa kwagura ivyo bigwati.
Ariko abatavuga rumwe na reta mu Bwongereza baneguye izo ngingo. Tom Tugendhat wo mu mugambwe w’Aba-Conservateurs yavuze ko gushira Israel mu bihano bishobora kugira ingaruka kuba nya Israel no ku Banyapalestina.
Calum Miller wo mu mugambwe Liberal Democrats we yavuze ko ashigikiye reta mu kwiyamiriza ibikorwa vya reta ya Israeli avuga ko binyuranye n’amategeko.
Arabie Saoudite : Ibitero vy'aba Houthi vyahagaritse ibikorwa ku bigo bimwebimwe vy'amasoko ntanganguvu
Abategetsi ba Arabie Saoudite bavuga ko ibitero vy’indege zitajamwo abadereva hamwe na misile vyagabwe n’aba Houthi bo muri Yemen vyatumye ibikorwa bihagarara ku mahinguriro amwe amwe y’amasoko ntanganguvu muri ico gihugu.
Abo bategetsi bavuga ko abantu barenga 70 bakomeretse mu bitero vyagabwe mu bibanza bitandukanye. Haratewe ikambi y’indege za gisirikare ya King Khalid, ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Abha hamwe n’ibigo vy’ishirahamwe rya Leta Aramco, ricukura rikanacuruza ibitoro, biri mu bisagara vya Abha na Jizan.Bimwe muri ivyo bibanza haradutse n’imiriro.
Urunani rw’ibihugu rurongowe na Arabie Saoudite , ruriko rurwanya aba Houthi muri Yemen, rwavuze ko ruzokwishura bikomeye kuri ivyo bitero.
Ivyo bibaye inyuma y’imisi itari mike y’intambara ikomeye muri Yemen.
Aba Houthi bari baherutse kuvuga ko barashe indege zitajamwo abadereva hamwe na misile nyinshi ku bibanza vy’ubutunzi n’ivya gisirikare muri Arabie Saoudite .
Bavuga ko ivyo bitero babigavye mu kwishura ibitero birenga 120 bavuga ko Arabie Saoudite yari imaze kugaba muri Yemen mu misi itatu gusa.
Aba Houthi bagenzura igice kinini co mu buraruko bwa Yemen, harimwo n’uturere tubamwo abantu benshi. Bamaze igihe bagaba ibitero kuri Arabie Saoudite .
Kuva muri Mukakaro(7), aho batangariza ko babujije ubwato guca mu gice c’amazi yo mu Kiyaga Gitukura, barateye kandi ubwato bwo muri Arabie Saoudite.
Izindi nkuru wosoma:
Kenya yahaye abanyamahanga imisi 90 yo gutunganya ivyangombwa vyabo
Kenya yahaye abanyamahanga bakora ubudandaji butobuto imisi 90 kugira ngo batunganye ivyangombwa bibemerera kuba muri ico gihugu, impusha zo gukora hamwe n’impusha zo kudandaza.
Mw’itangazo yasohoye, umuvugizi w’ibiro vy’Umukuru w’igihugu, Hussein Mohammed, yavuze ko ico gikorwa kizokorwa bafadikanije n’ubuserukizi bw’ibihugu vy’abo muri kenya, kugira ngo bahabwe “akaryo gakwiye neza ko gutunganya ” ivyangombwa vyabo hamwe n’ubudandaji bwabo.
Iryo tangazo rivuga riti: “Mu misi 90 iri imbere, Leta izokora igikorwa gitunganijwe neza co gufasha abarabwa n’iki kibazo kwubahiriza ibisabwa n’amategeko.”
Iyo misi 90 niyahera, ibisabwa bijanye n’abinjira n’ababa muri Kenya, impusha zo gukora, kwandikisha ubudandaji hamwe n’impusha zo kubukora “bizokurikizwa ata gufyina kandi n’inguvu nyinshi, hisunzwe amategeko n’inzira zitegekanijwe.”
Iri tangazo rije inyuma y’amabwirizwa yari yatanzwe n’Umukuru w’igihugu William Ruto, avuga ko ubudandaji butobuto, nk’ubudandaji bwo mw’ibarabara no mu maduka matomato, bukwiye gukorwa n’Abanyakenya. Ayo mabwirizwa yari yateye impungenge abanyamahanga bakorera muri Kenya, na cane cane Abarundi.
Leta ya Kenya iriko kandi irondera guhinyanyura integuro y’itegeko ubu iri imbere y’Inama Nshingamateka, kugira ngo hashirweho ico yita “uburyo busiguritse, butagira akarenganyo kandi buzwi neza” bwo kugena abashobora gukora ubudandaji butobuto.
Ingingo zitegekanijwe guhinduka zizovuga ibikorwa bizoba bigenewe abanyakenya gusa, ariko kandi zigakingira abanyamahanga bemerewe n’amategeko gukora, kuzana imitahe canke gukora ubudandaji muri Kenya.
Leta kandi yagabishije abantu kwirinda gutoteza canke gutera ubwoba abanyamahanga.
Iryo tangazo rivuga riti: “Impungenge zijanye n’amahirwe yo kwiteza imbere mu vy’ubutunzi ntizishobora na rimwe kuba imvo yo gukumira abandi, kurenga ku mategeko canke guhohotera abandi.”
Ivyo bibaye inyuma y'umusi w'akajagari i Nairobi, aho Abarundi amajana n'amajana bakoraniye ku biro vy'uwuserukira igihugu cabo, kubera ubwoba bw'iryo tegeko.
Leta y’Uburundi na yo yari yashikirije impungenge ku bijanye n’uburyo abanyagihugu bayo bariko barafatwa.
Izindi nkuru wosoma:
Ibihangano bine by'agaciro ka za miliyoni byibwe mu nzu ndangamurage ya Renoir mu Bufaransa
Ibisambo bibiri byibye ibihangano bine by’ubugeni (art) mu nzu ndangamurage ya Renoir, mu majyepfo ashyira uburasirazuba bw’Ubufaransa, bita igihangano kimwe ubwo byari birimo bihunga, nkuko bivugwa n’umukuru w’akarere waho.
Ibitangazamakuru byo mu Bufaransa byatangaje ko ibiro by’umukuru w’akarere bivuga ko ibihangano byibwe bigereranywa ko bifite agaciro ka miliyoni 9 z’ama-Euro – ni ukuvuga miliyari 15 uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda.
Impuruza yo kuri iyo nzu ndangamurage yavuze saa kumi n’imwe n’iminota 48 za mu gitondo (05:48), ari na yo saha yo mu Rwanda no mu Burundi. Polisi yahageze nyuma y’iminota itanu.
Uwo muyobozi w’akarere yongeyeho ko ibyo bisambo bitarafatwa.
Inzu ndangamurage ya ‘Musée Renoir’ iri muri komine ya Cagnes-sur-Mer, mu karere ka Côte d'Azur, kari ku nkombe y’inyanja ya Mediterane.
Ubwo bujura bukurikiye ubwabereye mu nzu ndangamurage ya Louvre, iri mu murwa mukuru Paris, yibwemo ibihangano bifite agaciro ka za miliyoni z’ama-Euro mu mwaka ushize.
Izindi nkuru wasoma:
Canada yiteguye intambara ndende y'ubucuruzi mu gihe imisoro yayo yo kwihorera kuri Amerika yatangiye
Imisoro yo kwihorera ya Canada ku bicuruzwa binyuranye by’Amerika byinjira muri icyo gihugu yatangiye gushyirwa mu ngiro ku wa kabiri, mu gihe nta kimenyetso kigaragara cyuko impande zombi zishobora kugera ku masezerano y’ubucuruzi.
Iyo misoro yo kwihorera ya Canada ireba ibicuruzwa by’Amerika bifite agaciro ka miliyari 20 z’amadolari y’Amerika, birimo ibyuma (steel/acier) n’imipira y’amaboko magufi ikozwe mu ipamba, ndetse iyo misoro ikaba iri hejuru ku kigero cya 50%.
Amafi mabisi akirobwa hamwe n’udukoko two mu mazi magari tuzwi nka ‘lobster’ mu Cyongereza (cyangwa ‘homard’ mu Gifaransa) na byo byari biri kuri urwo rutonde.
Ariko nyuma Canada yabikuyeho nyuma yuko iyo gahunda yakiriwe nabi n’abakora mu rwego rw’ibiribwa bikomoka mu nyanja bo muri Canada – ikimenyetso cy’uburyo bugoye bwo kwigengesera kuri Canada mu gihe irimo kwihorera kuri uwo mufatanyabikorwa wa mbere ikorana na we ubucuruzi bwinshi cyane.
Abategetsi bo muri Amerika n’abo muri Canada bavuze ko bifuza kugera ku masezerano, ariko nta gikorwa cyari cyakorwa kiganisha ku gusubukura ibiganiro byananiranye mu mpera ya Kanama (8) uyu mwaka.
Canada n’Amerika bifitanye umubano w’ubucuruzi bwa mbere bwinshi cyane ku isi bwo hagati y’ibihugu bibiri, mu mwaka wa 2025 byagereranywaga ko bufite agaciro ka miliyari hafi 900 z’amadolari y’Amerika.
Izindi nkuru wasoma:
Koreya ya Ruguru n'Uburusiya byafunguye iteme rya mbere ry'umuhanda rihuza ibihugu byombi
Iteme rya mbere ry'umuhanda rihuza Uburusiya na Koreya ya Ruguru ryafunguwe, rikaba ritumye ibi bihugu bigiye kurushaho gutwara imizigo mu buryo bworoshye ndetse rikoroshya urujya n’uruza rw’abagenzi ku mupaka wabyo wo ku ruzi rwa Tumen.
Igitangazamakuru cya leta ya Koreya ya Ruguru cyavuze ko iryo teme rizakoreshwa mu “ihanahana ry’abakozi, ubukerarugendo n’ubucuruzi”.
Ariko ikigo cyo muri Ukraine cy’amaperereza ashingiye ku bitangazwa ku mbuga zo kuri murandasi (internet), cyitwa Truth Hounds, cyavuze ko iryo teme rigenewe “mbere na mbere gushyiraho umuhora w’ibanga wo kunyuzamo ibikoresho bya gisirikare” byo gufasha Uburusiya mu ntambara yo muri Ukraine.
Ibi bibaye mu gihe umubano hagati y’ibihugu byombi wiyongereye kuva intambara yo muri Ukraine itangiye. Mbere, Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin n’umutegetsi wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un basezeranye ko ibihugu byombi bizafashanya igihe haba habayeho “ubushotoranyi” kuri kimwe muri ibyo bihugu.
Minisitiri w’intebe w’Uburusiya Mikhail Mishustin yasobanuye iryo teme nk'"ikimenyetso gishya cy’ubushuti", mu gihe Minisitiri w’intebe wa Koreya ya Ruguru Pak Thae Song yavuze ko ari "igikorwa cyanditse amateka".
Ibiro ntaramakuru TASS bya leta y’Uburusiya byatangaje ko imodoka zigera kuri 300 n’abantu 2,323 bashobora kunyura kuri iryo teme buri munsi.
Izindi nkuru wasoma:
Kenya yahumurije Abarundi babayo ibizeza ko izobakingira
Reta ya Kenya yahumurije Abarundi baba muri ico gihugu, inyuma y’aho bamwe muri bo bavugiye ko batewe ubwoba canke bakagirirwa nabi.
Ivyo vyakurikiye amajambo Perezida wa Kenya William Ruto yavuze ku banyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto.
Korir Sing’Oei, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bwa Kenya bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, ku wa mbere yagiye kubahumuriza kuri ambasade y’Uburundi i Nairobi.
Abarundi amajana bari bahakoraniye gusaba impapuro z’inzira zo gutaha kubera ubwoba bari bafise.
Sing’Oei yavuze ko ingingo ya reta yerekeye abanyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto badafise uruhusha, atari abanyamahanga bose.
Yabasavye kuguma batekanye, avuga ko reta izokwongera abajejwe umutekano mu turere Abarundi benshi babamwo, harimwo Bahati na Muthurwa two ku murwa mukuru Nairobi, kugira ntibahohoterwe.
Yongeyeko ko abipfuza kuguma muri Kenya bazofashwa kwandikwa no kuronka ibyangombwa bikenewe. Abafise uruhusha rwo gukora urudandazwa bakazobandanya ibikorwa vyabo.
Sing’Oei yavuze ko intumbero ya Kenya ari uko Abanyafrika bose, na cane cane abo muri Afrika y’Ubuseruko, babana nk’abavukanyi.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.