Kompanyi zikomeye zo mu Bushinwa zahevye Mbappé, mu gihe anegurwa ku majambo bivugwa ko yavuze atebura kuri Mao
Kompanyi zitari nke zo mu Bushinwa zahagaritse gukorana n’umukinyi w’umupira w’amaguru w’Umufaransa Kylian Mbappé, inyuma y’uko abantu barushirije kumunegura ku mbuga ngurukanabumenyi kubera amajambo bivugwa ko yavuze yerekeye Mao Zedong, yahoze arongoye Ubushinwa atakiriho.
Bivugwa ko Mbappé yavugiye mu kiganiro co ku mboneshakure y’Abafaransa citwa The Bridge avuga ko ‘meme’ imutwenza "kurusha izindi… ni imwe ya videwo ubonamwo umugabo, nibaza ko ari umunyagitugu w’Umushinwa".
Ariko aravuga ayo majambo, muri videwo [meme] yo gutwenza haca hagaragaramwo isura yiwe iba yageretswe kw’ifoto isa n’iya Mao.
Nk’uko bigaragara mu duce tw’amavidewo tutaremezwa duhanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi, uwo mukinyi wa Real Madrid yongeyeko ati: "Igihe cose ndayikoresha [meme] iyo ndi kumwe n’abagenzi banje."
Mbappé ntiyavuze izina rya Mao, kandi videwo y’ikiganiro cose ntikigaragara kuri shene ya YouTube ya The Bridge. Ariko amafoto yafashwe akuwe muri iyo videwo yaramaze gukwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi zo mu Bushinwa.
Mbere, n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu bwaragize ico buvuga kuri ico kibazo. Umuvugizi wabwo, Lin Jian, yagize ati: "Twarabonye amakuru ajanye n’ico kibazo. Amajambo n’ibikorwa bibabaza abanyagihugu b’Ubushinwa birumvikana ko bizotegerezwa kwiyamirizwa n’imirwi itandukanye mu kibano co mu Bushinwa."
Yaba Mbappé canke ikiganiro The Bridge, nta n’umwe aragira ico avuga kuri ico kibazo gushika ubu.
Ntibiramenyekana neza igihe ico kiganiro catangarijwe. Ariko ku mugoroba wo ku wa mbere, ni ho urubuga rw’Abashinwa rukurikiranira hafi umupira w’amaguru, Dongqiudi, rwashira ahabona amajambo rwaneguye, ruvuga ko "atabereye" kandi ko "ababaje abanyagihugu b’Ubushinwa".
Urubuga Dongqiudi rwongeyeko ruti: "Kubera ko amajambo yiwe yababaje Ubushinwa n’abanyagihugu babwo, ntidushobora kuyahindura mu rundi rurimi."
Ubwo nyene ukwiyamiriza gukomeye kwaciye gutangura ku mbuga ngurukanabumenyi, aho bamwe baneguye Mbappé – asanzwe akundwa cane mu Bushinwa kandi afitaniye amasezerano yo kwamamaza ibidandazwa na kompanyi zikomeye – bamwagiriza "kuronka inyungu ziva mw’isoko ry’Ubushinwa, ariko akavuga amajambo ababaza abanyagihugu b’ico gihugu".
Uwundi muntu yanditse ku rubuga rwa Weibo ati: "Abantu b’ivyamamare ku rwego mpuzamakungu, cane cane, bakwiye kwubaha abandi no kwitwararika ingene amajambo yabo yakirwa, mu gihe umutima w’abantu wo gukunda no kwiyumvamwo igihugu cabo udakwiye gufatwa nk’ikintu gisanzwe."
Mao Zedong ni we yatanguje Ubushinwa bw’aba ‘Communistes’ mu 1949, maze aburongora mu kiringo caranzwe n’uruhagarara rukomeye mu myaka ya 1960 n’iya 1970.
Umugambi wiwe wo kwihutisha iterambere ry’inganda yise Great Leap Forward (Gutera intambwe ndende), watumye haba inzara yahitanye abantu baharurwa mu mamiliyoni.
Haciye hakurikira impinduka zikomeye mu vyerekeye imico ‘Cultural Revolution’, igikorwa co guhiga no gukuraho abantu babonwa ko ari intambamyi kuri ‘communisme’, harimwo incabwenge zo mu Bushinwa, bene amatongo, abanyatugenegene n’abakeba b’imbere mu mugambwe.
Izindi nkuru wosoma: