Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Imvo n'Imvano ku myiteguro y'amatora ya prezida yo mu mwaka uza
Ikaze mu kiganiro c'Imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 ukwezi kwa gatanu mu 2026.
Uyu musi tuja mu Burundi, aho basa n'abamaze gutangura kwitegurira amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu mwaka uza. Umugambwe wa CNDD-FDD uri ku butegetsi ni wo wonyene umaze kwemeza uwuzowuserukira muri ayo matora. Uwo na we ni Prezida Évariste Ndayishimiye.
Itariki 8 z'uku kwezi kwa gatanu, mu nama yari yatumiwemwo abafise uruhara bose muri ayo matora, umugwi CENI ujejwe kuyatunganya wamenyesheje ko azoba itariki 3 z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka uza wa 2027.
Iyo nama ariko ntiyitabwe n'imigambwe ikomakomeye itavuga rumwe na reta, harimwo n'iyigeze kuramutswa ico gihugu nka UPRONA na FRODEBU.
Kuri uwo musi nyene, iyo migambwe yakoraniye mu kindi kibanza maze isohora itangazo ryashizweko umukono n'imigambwe itanu: CNL, SAHWANYA-FRODEBU, UPRONA, CODEBU na CDP.
Iyo migambwe ivuga ko yinubira kuba umugwi ujejwe gutunganya amatora uri mu bikorwa vyo gutegura ayo mu mwaka uza, kandi yarasavye ko babanza kwihwereza hamwe uko amatora y'abashingamateka, abakenguzamateka n'abahanuzi b'amakomine, yabaye mu mwaka uheze, yagenze.
Iyo migambwe yarituye umukuru w'igihugu kuri co kibazo. Mu mubonano yahaye abarongoye imigambwe, amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike, n'amadini hamwe n'umugwi CENI, Prezida Ndayishimiye yabemereye ko ibibazo bafise bigiye gutorerwa inyishu.
Ariko budakeye kabiri imwe muri iyo migambwe yarinubiye kuba ata cegeranyo c'ivyavugiwe mu uwo mubonano casohowe, mu gihe iyindi yasohoye itangazo ishima.
Mu matora aheruka, imwe mu migambwe yaravuze itarya umunwa ko atabaye mu muco, abandi barerura bavuga ko yibwe.
Hatanguye kandi kwibonekeza uguterana amajambo hagati y'imigambwe itavuga rumwe na reta n'amwe mu mashirahamwe avuga ko adaharanira inyungu za politike.
Aha rero hari ukwibaza igituma ibintu bitanguye gushuha imbere y'umwaka ngo ayo matora abe. Twari tumenyereye ko umugambwe uri ku butegetsi uhangana n'iyo batavuga rumwe. Kuba ubu iyi migambwe itavuga rumwe na reta itanguye guterana amajambo n'amwe mu mashirahamwe ata ho yegamiye muri politike, asanzwe anaja mu gikorwa co gucungera amatora, bisigura iki?
CENI ivuga iki ku vyo yagirizwa vyo kudategura neza ayo matora?
Ibi ni bimwe mu bibazo tuza guca hirya no hino muri iki kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Muri kino kiganiro rero turi kumwe na Patrick Nkurunziza, arongoye umugambwe SAHWANYA-FRODEBU, udashima uko amatora yimirije ariko arategurwa.
Uwundi turi kumwe ni Jean de Dieu Mutabazi, arongoye umugambwe RADEBU, ari mu banditse bashima umubonano w'umukuru w'igihugu, bakanamukeza kuba yaragenywe guserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora yimirije.
Hamwe rero n'umusesenguzi Zenon Ndayisenga, umwigisha kuri Kaminuza ya Pretoria.
Twari twatumiye umugwi CENI ujejwe igikorwa co gutunganya amatora mu Burundi, ariko batubwiye ko kubera ibikorwa barimwo hagati mu gihugu, bidakunda ko bitaba iki kiganiro.
Abandi twari twatumiye ariko ntibashima kwitaba iki kiganiro, n'umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD. Batubwiye ko bazotangura kwitaba ibiganiro nk'ibi kuva mu ntango z'umwaka uza.